|
Kudatamikwa ijambo | |||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
Ibiganiro kuri BBC dushikiriza abanywanyi bitegerezwa kugaragaza ko bifise intumbero yo kubamenyesha inkuru y' imvaho, ata bindi biri iruhande, vyaba ibifatiye ku gitsure ca politique canke urudandazwa, canke gushaka kwamamaza ivyiyumviro vy' uwariwe wese. Inyifato yo kuvuga ukuri ku munyamakuru niyo na ntaryo yama Aha hazamwo gutora amajambo akwiye, mu gihe gikwiye, no kwirinda ayatuma ubutumwa buhinduka canke bukagira agasembwa. Umunyamakuru ashobora gutira mu gihe bishoboka canke ndetse kurema mu gihe bikunda, amajambo mashasha. Wame wibuka ko umunywanyi akumviriza, udafise amahirwe yo kumusubiriramwo, ntukoreshe ijambo wibaza ngo "baraza kuntahura" canke "baraza kumva ico nashatse kuvuga", ahubwo urikoreshe wibaza uti "ntibaza kuryumva ukutariko". Eg: Opposition s’ abarwanya leta / koresha abatavuga rumwe n’ ubutegetsi. Nk’ ijambo "Rebel goups", wokoresha abitwaj’ ibirwabnisho aho kuvuga inyeshamba. | IMBUGA ZA HAFI Igisata kimwe indimi zibiri04 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Imvugo yumvikana kuri bose04 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Amajambo ashaka gusa05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Guhindura ururimi 05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Imvugo ibereye ya BBC05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Amajambo y' impfunyapfunyo05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Urutonde rw' uturorero05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Akarore k' umuhinga05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru | |||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
| ||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
| ||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||