http://www.bbcgreatlakes.com

05 Ukwa gatatu, 2009 - 11:04 GMT

Kudatamikwa ijambo

Ibiganiro kuri BBC dushikiriza abanywanyi bitegerezwa kugaragaza ko bifise intumbero yo kubamenyesha inkuru y' imvaho, ata bindi biri iruhande, vyaba ibifatiye ku gitsure ca politique canke urudandazwa, canke gushaka kwamamaza ivyiyumviro vy' uwariwe wese.

Inyifato yo kuvuga ukuri ku munyamakuru niyo na ntaryo yama
imuyobora, mu kudoma ko urutoke, canke gutumbera, kugira ubutumwa buri mu nkuru ashikiriza, bugere ku bayumva ata gihindutse.

Aha hazamwo gutora amajambo akwiye, mu gihe gikwiye, no kwirinda ayatuma ubutumwa buhinduka canke bukagira agasembwa.

Umunyamakuru ashobora gutira mu gihe bishoboka canke ndetse kurema mu gihe bikunda, amajambo mashasha.

Wame wibuka ko umunywanyi akumviriza, udafise amahirwe yo kumusubiriramwo, ntukoreshe ijambo wibaza ngo "baraza kuntahura" canke "baraza kumva ico nashatse kuvuga", ahubwo urikoreshe wibaza uti "ntibaza kuryumva ukutariko".

Eg: Opposition s’ abarwanya leta / koresha abatavuga rumwe n’ ubutegetsi.

Nk’ ijambo "Rebel goups", wokoresha abitwaj’ ibirwabnisho aho kuvuga inyeshamba.