Sinshobora kwemerera na gato Irani gutunga ikirwanisho ca nikleyeri – Trump
Perezida Donald Trump ararahira akarengwa ko uko vyogenda kwose atarota yemerera Irani gutunga ikirwanisho ruhonyanganda c’ubumara/ca nikleyeri, kandi ko bibaye ngombwa azokoresha inguvu kugira ngo ayiteshe.
Mw’ijambo ryiwe yashikirije mu gaturuturu ko kuri uno musi wa gatatu (muri Amerika hari hakiri ku wa kabiri mu masaha yo ku muboroba), Trump yavuze ko azoharanira amahoro uko ashoboye kwose, ariko ko atazohigitanya guhangana n’iterabwoba kuri Amerika aho ari ho hose ryoza rituruka.
“Ni co gituma…mu gitero co mu kwa gatandatu guheze, igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cazimanganije umugambi wa Irani wo guhingura ibirwanisho vya nikleyeri mu gitero ku butaka bwayo kizwi nka ‘Operation Midnight Hammer’.
“Mu myaka mirongo, yamye ari yo poritike ya Amerika yo kutemerera na gato Irani kuronka ikirwanisho ruhonyanganda c’ubumara, imyaka mirongo”.
Yagirije ubutegetsi bw’iki gihugu co mu Buseruko bwo Hagati bumaze imyaka 47 ubu ko ata kindi bwakoze atari ugukwiragiza iterabwoba, urupfu n’urwanko.
“Barishe bongera bamugaza ibihumbi vy’abasirikare ba Amerika, hamwe n’amamiriyoni kubera ivyo bita amabombe yo ku mabarabara, bari katamanikirwa mu gutega amabombe ku mabarabara.
“Ni ho twakuramwo Suleimani, nakoze ibi mu kiringo canje ca mbere, kandi vyagize ingaruka nziza zikomeye. Yari we mutwe w’abatega amabombe ku mabarabara.
Trump yerekana ko Irani igeze kure cane mu bijanye no guhingura ibirwanisho bishobora gushika kure, kandi ko tegerezwa guturuzwa.
Ati: “Baramaze guhingura ibisasu vya misire bishobora gushika i Bulaya no ku bigo vyacu vya gisirikare mu makungu, kandi ubu bariko bahingura ibisasu vya misire bishobora vuba no gushika muri Amerika.
“Inyuma ya Midnight Hammer, baragabishijwe ko batohirahira ngo bagerageze kunagura umugambi wabo wo guhingura ibirwanisho, cane cane ivya nikleyeri, ariko nubu baracabandanya. Basubiye gutangura.
“Twarawusenyuye, none bagomba gusubira kuwutangura, kandi rero ubu bafise intego mbi. Ntidushobora kubemerera gutunga ikirwanisho ca nikleyeri”.
Mu gihe Irani ibandanya isabwa kuja mu biganiro kuri uno mugambi wayo, Trump yashimangiye ko yipfuza ko iki kibazo gitorerwa umuti biciye mu nzira y’amahoro, ariko ko vyanka vyakunda adashobora kureka ngo Irani itunge iki kirwanisho.
“Ikizwi ni kimwe, sinshobora namba kureka iki gihugu ca mbere kw’isi gifatiye umuriro iterabwoba…gutunga ikirwanisho ruhonyanganda c’ubumara, sinshobora.
“Kandi nta gihugu na kimwe gikwiye gukekeranya bushobozi bwa Amerika. Dufise igisirikare ca mbere gikomeye kuruta ibindi vyose kw’isi”.
Ayandi makuru ushobora gusoma: