Trump yasohoye amavidewo yerekana Barack na Michelle Obama nk'inguge, hanyuma aca arayafuta

    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, at the White House
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yacishije video ku mbuga hwaniro yarimwo agace (clip) k'ivanguraruhu kerekana Barack na Michelle Obama nk'inguge (Ingagi mu Kinyarwanda), hanyuma aca arayifuta.

Aka gace - kari gaherekejwe n'indirimbo ivuga ngo The Lion Sleeps Tonight (twovuga mu Kirundi tuti 'Intare Iraryamye muri iri Joro') - kari ku mpera ya video ifise imisegonda 62 yacishijwe ku mbuga hwaniro, yarimwo ibivugwa ko ari ubusuma mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2020.

Avugana n'abanyamakuru nijoro ku wa gatanu Trump yagize ati: "Nta kosa nakoze". Avuga ko yaravye intango yonyene y'iyi videwo imbere y'uko isohorwa ku mbuga hwaniro n'umukozi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu kandi ko atari azi y'uko ifise ibishushanyo vy'umuryango wa Obama.

Umukenguzamateka w'Umurepubulikani Tim Scott – akaba ari umwirabure – yaciye asaba Trump gufuta ubu butumwa, avuga ko ari "ikintu c'ivanguraruhu ca mbere kibi mbonye kiva mu biro vy'umukuru w'igihugu".

Mu ntango, Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) yabanje kuvuga ko aya mashusho ata kibazo ateye, ko ari "videwo y'udukino two ku mbuga ngurukanabumenyi", ibwira abariko bayinegura "guhagarika ivyo gushikuza".

Ariko inyuma y'uko abatari bake babiteye ivyatsi, harimwo abakenguzamateka batari bake b'Abarepubulikani, iyi videwo yahavuye ikurwa kuri konte ya Trump yo ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social, ari ho mu nyuma Maison Blanche yaza kuvuga ko umukozi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu "yihenze" abishira ku mugaragaro.

Iyi videwo kandi yerekana abandi batari bake bo mu mugambwe w'Abademokarate nk'inyamaswa, harimwo umushingamateka wa New York Alexandria Ocasio-Cortez, umukuru w'igisagara ca New York, Zohran Mamdani hamwe na Hillary Clinton yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire.

Eka na Joe Biden yasubiriwe na Trump muri Maison Blanche, yerekanwa nk'inkende iriko irarya umuhwi.

Barack na Michelle Obama ntaco baravuga kuri iyi videwo.

Iyi videwo ni imwe mu mavidewo aharurwa muri mirongo yasohowe mw'ijoro kuri konte ya Trump ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social.

"Jewe ndaba ibintu vyinshi cane, mu bihumbi", niko Trump yavuze igihe yari mu ndege irerura umukuru w'igihugu, Air Force One, nijoro ku wa gatanu, akongerako ko amaze kuraba agace gatoya gusa yaciye ayiha "abantu, mu bisanzwe bategerezwa kuyiraba yose".

Avuga ko yakunze ibijanye n'ubusuma bw'amatora vyari muri iyo video, ariko ko, iyo abakozi bo mu biro vyiwe bayiraba, bategerezwa kuba bayikuyeko.

Ati: "Twaciye tuyikurako tumaze kubibona".

Bamwe mu bamuneguye ni abo mu mugambwe wiwe w'abarepubulikani.

Umukenguzamateka Scott, wo muri Caroline du Sud akaba ari n'umugenzi pfa mpfe wa Trump, yanditse ko yizeye ko ari irementanya kuko ari "ikintu c'ivanguraruhu ca mbere kibi mbonye kiva mu biro vy'umukuru w'igihugu".

Yongeyeko ati: "Umukuru w'igihugu yategerezwa kubikurako".

Uwundi murepubulikani, umushingamateka aserukira New York, Mike Lawler, avuga ko iki ari "ikintu kibi kandi giteye isoni cane – naho vyoba vyakozwe n'ibigirankana canke ku kwihenda", imbere yo kwongerako ko "gikwiye gufutwa vuba bwango kandi hakabaho gusaba ikigongwe".

Eka n'inyuma y'uko iyi videwo ikuweko abanegura babandanije banegura.

John Curtis, umukenguzamateka w'umurepubulikani wo mu ntara ya Utah, yanditse ku mbuga hwaniro ko iyi videwo ari "ivangura ry'ubuyobe kandi ridashobora kubabarirwa". Avuga ko ari ikintu kitateregezwa gutangazwa canke ngo kigume ku mbuga umwanya munini.

Nk'uko bitangazwa n'imboneshakure CBS ikorana na BBC muri Amerika, umushingamateka wa Florida Byron Donalds – incuti y'igihe kirekire ya Trump akaba ariko yiyamamariza ikibanza ca buramatari – yahamagaye muri Maison Blanche inyuma y'aho iyi videwo isohorewe bamubwira ko vyakozwe n'umukozi "yahemukiye umukuru w'igihugu".

BBC yasavye Maison Blanche umuco ku gitigiri c'abantu bafise uburenganzira kuri konte y'umukuru w'igihugu n'ingene bigenda kugira ngo ibicishwako bitangazwe ariko nta nyishu iraronka.

Mu rwandiko yarungikiye BBC, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche, Karoline Leavitt, yavuze ko aka gace kavuye mu "videwo yo kuri internet yerekana Perezida Trump nk'Umwami w'Ishamba, abademokarate na bo nk'abakinyi muri filime The Lion King".

"Ndabasavye mureke gushikuza, mutangaze ibintu vyozanira inyungu abanyagihugu ba Amerika", niko yongeyeko.

Imbere y'uko iyi videwo ifutwa, Derrick Johnson, umukuru w'ishirahamwe National Association for the Advancement of Colored People (NAACP) rirwanya ubusumbasumbane bushingiye kw'ivanguraruhu, avuga ko iyi videwo ari ikintu "giteye isoni kandi kibi cane kidashobora kubabarirwa", aca yagiriza Trump kugerageza gusamaza abantu ku kibazo ca Epstein hamwe n'"ubutunzi buriko buratembaraga".

Ben Rhodes yahoze ari icegera c'umuhanuzi mukuru mu vyo guhanahana amakuru ku bijanye n'umutekano w'igihugu muri Maison Blanche ku butegetsi bwa Obama agira ati: "Reka bizokurikirane Trump n'abanyamacakubiri bari inyuma yiwe: muri kazoza Abanyamerika bazokwiga bene Obama nk'abakundwa, mu gihe na we [Trump] bazomwiga nk'agatosi ku gihugu cacu".

Mu butumwa buto yacishije ku mbuga hwaniro, buramatari w'intara ya Illinois JB Pritzker yavuze ati : "Donald Trump arangwa n'ivanguraruhu".

Ibiro vya buramatari w'intara ya California Gavin Newsom vyanditse kuri X biti: "Inyifato iteye isoni y'umukuru w'igihugu. Buri murepubulikani wese ategerezwa kuvyiyamiriza. Ubu nyene."

Trump azwi ko kuva kera yamye anegura yongera yifatira mu gahanga Obama.

Imbere y'uko ashikira ubutegetsi mu kiringo ciwe ca mbere, Trump ntiyahengeshanya kuvuga ko Obama yavukiye muri Kenya, mu gihe yavukiye mu ntara ya Hawaii, akavuga ko atari afise uburenganzira bwo kuba umukuru w'igihugu.

Mu nyuma, yahavuye yemera ko Obama ari imvukira ya Amerika.