IKIBIRIRAHO, Israel yagabye ibindi bitero kuri Iran na Libani, mu gihe Amerika ivuga ko yarashe amato 16 ya Irani atega mine

Hagati aho Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu zivuga ko ubwirinzi bw'ikirere bwazo burimo gusubiza ku "nkeke ya misile".

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Amasezerano n'Uburundi ku butare bwa nikel azokomeza urudandazwa rw'amabuye y'agaciro nkenerwa - Amerika

    Umushikiranganji w'uburundi Hassan Kibeya arikumwe n'abaserukira KoBold Metals na Lifezone Metals

    Ahavuye isanamu, US GOV

    Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'uburundi Hassan Kibeya arikumwe n'abaserukira KoBold Metals na Lifezone Metals

    Uburundi bwateye igikumu ku masezerano mashasha n'ikompanyi zo muri Amerika zihingura zikanadandaza ubutare kugira bateze imbere kimwe mu bibanza binini bifise ubutare bwinshi muri ico gihugu.

    Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga iki gikorwa kizofasha gukomeza uruhererekane mu guhanahana amabuye y'agaciro akenewe cane rw'isi.

    Gusinya ayo masezerano vyabereye ku Biro vya Amerika bijejwe imigenderanire n'ayandi makungu i Washington kuwa kabiri.

    Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ubudandaji asanzwe anajejwe ivy'ubutare, Hassan Kibeya, ni we yaserukiye Uburundi mu gusinya ayo masezerano aha uburenganzira ikompanyi yo muri Amerika, Lifezone Metals, ku mugambi wa nikeli ya Musongati.

    Ivyo birori vyari bihagarariwe n'icegera c'Umunyamabanga wa Leta ya Amerika ajejwe ibibazo vya Afrika, Sarah Troutman.

    Reta ya Amerika ivuga ko ayo masezerano ari intambwe ikomeye mu gukomeza imigenderanire y'ubudandaji hagati ya Washington na Gitega, hamwe no guteza imbere uruhererekane mu bijanye n'amabuye y'agaciro ahambaye.

    Ubushakashatsi bwakozwe ku bijanye n'ubutare bwerekana ko ico kibanza c'i Musongati kiri mu buseruko bw'Uburundi gishobora kuba gifise amatoni arenga imiliyoni 140 y'ubutare burimwo nikeli.

    Nikeli ni ubutare bw'agaciro kanini bukoreshwa cane mu gukora ivyuma bitagwa ingese hamwe n'amabateri y'imodoka zikoresha umuyagankuba.

    Muri ayo masezerano, ikompanyi Lifezone Metals rizohabwa uburenganzira bwihariye bw'amezi 14 bwo gutegura ubushakashatsi bw'aho ubutare buri no gukora ivyigwa vyerekana ko uwo mugambi ushoboka mu vy'ubutunzi.

    Ku rundi ruhande, ikompanyi KoBold Metals y'ubuhinga bwa none yo muri Amerika yarasinye amasezerano n'Uburundi kugira ifashe gushira mu buhinga bwa none amakuru ajanye n'ubutare buri mu Burundi.

    Ni umugambi ugamije guteza imbere ubushakashatsi ku mabuye y'agaciro no gukwegakwega abagwizatunga mpuzamakungu mu gisata c'ubutare m'Uburundi.

  2. Steve Rosenberg: Uburusiya burashaka inyungu za dipolomasi n'ubukungu mu ntambara yo muri Irani

    Perezida Putin na Perezida Trump barebana ndetse bahanye ikiganza. Uko bigaragara bageze hagati mu kiganiro.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Perezida Putin (ibumoso) na Perezida Trump (ifoto yo mu bubiko)

    Ubu bimaze kuba kabiri mu cyumweru.

    Ikiganiro cyo kuri telefone hagati ya Perezida w'Uburusiya na Perezida wa Irani.

    Mu gihe Amerika na Israel bikomeje ibitero kuri Irani, Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin arimo kwigaragaza nk'umuntu uharanira amahoro ku rwego mpuzamahanga.

    Ibyo ntibyoroshye kubyumvisha abantu.

    Komeza usome isesengura ry'umwanditsi mukuru wa BBC ku Burusiya ukanze hano

  3. Akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi kagiye gutora ingingo za mbere kuva intambara itanguye

    Intumwa ya Irani muri ONU Amir Saeid Iravani yifashe ku munwa

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Intumwa ya Irani muri ONU Amir Saeid Iravani

    Akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi uno musi gategekanya gutora ingingo zibiri zitandukanye zijanye n’intambara iri muri Iran hamwe n’ingaruka zayo.

    Ingingo ya mbere yashikirijwe n'ibihugu vyo mu kigobe c'abarabu. Iyo ngingo yiyamiriza ibitero vyagabwe na Iran kuri ivyo bihugu be no kuri Jordanie.

    Uburusiya, incuti ya Iran, muri ako kanama bwatanze iyindi ngingo ihiganwa n’iyo yambere.

    N’aho iyo ngingo itavuga izina rya Iran, Israel canke Leta Zunze Ubumwe za Amerika, iriyamiriza ibitero vyose bikorerwa abasivile, ihamagarira impande zose guhagarika kurwana zigasubira mu biganiro.

    Ni ubwa mbere ako kanama kagiye gufata ingingo kuri iyi ntambara kuva aho itanguriye, inyuma y’inama yihutirwa yari yabaye mu ntango z'intambara.

    Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze ko ibitero vy'indege vya Israel na Amerika kuri Iran, hamwe n'ibitero vya Iran ku bihugu vyo mu karere ari ukurenga ku masezerano ya ONU.

    Intumwa ya Iran muri ONU, Amir Saeid Iravani, yaneguye ibihugu vyo mu kigobe c'abarabu, avuga ko biriko biragerageza guhindura uruhara rw’uwateye n’uwatewe, biciye mu nyandiko yise ko ifise uruhande ihengamiyeko kandi ifise imvo za politike.

    Iyo ngingo yo mu bihugu vyo mu kigobe c'abarabu ubu ishigikiwe n’ibihugu birenga 90, harimwo n’Ubwongereza. Isaba ko Iran ihagarika vuba kandi atakirinzwe gusabwa ibitero vyose n'iterabwoba ku bihugu bitandatu vyo mu kigobe c'Abarabu hamwe na Jordanie, harimwo n’ibitero bishobora gukorwa n'imigwi iyishigikiye.

    Iyo ngingo kandi iriyamiriza ibikorwa vyose canke iterabwoba iryo ari ryo ryose ryova muri Iran rishobora kwugara canke kubangamira ingendo mpuzamakungu ziciye mu muhora wa Hormuz.

    Izindi nkuru wosoma :

  4. Umwe mu bo mu itsinda ry'abakinnyi ba Iran bahawe ubuhungiro muri Australia yisubiyeho

    Umugabo wambaye ikote n'amadarubindi, ahagaze hagati y’umugore ufite umusatsi muremure wambaye ikoti rijya kuba umuhondo n’undi mugore ufite umusatsi mugufi wambaye umupira utukura, bose barimo kumwenyura

    Ahavuye isanamu, Supplied

    Insiguro y'isanamu, Tony Burke, Minisitiri ushinzwe abinjira n'abasohoka muri Australia, ku wa kabiri ari kumwe na babiri mu bari bahawe viza zo mu rwego rw'ubutabazi

    Leta ya Australia yatangaje ko umwe mu bantu babiri bo mu itsinda ry’umupira w’amaguru rya Iran bari bemeye kuguma muri icyo gihugu yisubiyeho.

    Minisitiri ushinzwe abinjira n'abasohokawa Australia, Tony Burke, yabwiye inteko ishingamategeko ku wagatatu ati: “Umwe muri abo babiri bari bafashe icyemezo cyo kuguma hano ejo nijoro, amaze kuvugana na bamwe mu bakinnyi bari bamaze gutaha, yahinduye icyemezo cye.”

    Abo bantu babiri umwe ni umukinnyi undi ni umwe mu bari bashinzwe gufasha ikipe bayiherekejembere bari bongeye guhura n’abandi bakinnyi batanu bari bahawe 'visa'zo kuguma muri Australia kubera impungenge z’umutekano wabo.

    Abagize ikipe ya Iran y'umupira w'amaguru y'abagore, bambaye imyenda itukura, umwe yambaye imyenda y'umuhondo, harimo n'ufite ibendera rya Irani. Barareba muri 'camera'.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abagize ikipe ya Iran y'umupira w'amaguru y'abagore

    Abandi bakinnyi basigaye bo muri Iran bavuye muri Australia ku mugoroba wo ku wakabiri, nyuma y’iminsi ibiri ikipe yabo isezerewe mu gikombe cy'Aziya (Asian Cup).

    Minisitiri Burke yagize ati:“Muri Australia abantu bafite uburenganzira bwo guhindura icyemezo cyabo. Twubaha impamvu yatumye afata icyo cyemezo.”

    Yanavuze ko abategetsi bagenzuye ko uwo muntu yafashe icyemezo ku giti cye,bamubaza niba ntagitutu yashyizweho ngo afate indege agende.

    Bamwe mu bagize itsinda ry’umupira w’amaguru rya Iran bahawe ubuhungiro kubera impungenge z’umutekano wabo nyuma y’uko batigeze baririmba indirimbo yubahiriza igihugu cyabo mbere y’umukino bakinnye na Koreya y’Epfo mu cyumweru gishize.

    Minisitiri Burke yavuze ko abagore bose bahisemo kuguma muri Australia,dosiye zabo zizihutishwa bagahabwauburenganzira bwo gutura burundu (permanent residency).

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Igiciro c'intambara muri Irani kizoja ku baguzi, nk’uko uwutwara ishirahamwe ryo gutwara ibintu mu bwato yabibwiye BBC

    Umukuru w’ishirahamwe Maersk, Vincent Clerc, yambaye ikoti araba "camera"
    Insiguro y'isanamu, Umukuru w’ishirahamwe Maersk, Vincent Clerc, yavuganye na BBC

    Umukuru w’ishirahamwe rya kabiri rinini kw’isi mu gutwara ibintu mu bwato yavuze ko ukwiyongera kw’ibiciro vyo gutwara ibidandazwa kwatewe n’intambara iri muri Iran kuzoca gushirwa ku baguzi.

    Vincent Clerc, umukuru w’ishirahamwe rinini ryo muri Danemark ryitwa Maersk, yabwiye BBC mu kiganiro yayihaye yonyene ati:

    “Dufise uburyo busanzwe bw’amasezerano butuma ihindagurika ry’igiciro c’igitoro rishirwa ku bakiriya, yaba ryaduze canke rimanutse.”

    Yongeyeko ati:“Rero ico bisiguye ni uko amaherezo, ku birimo kuba, ukwiyongera kw’ibi biciro kuzoshirwa ku bakiriya bacu, na bo bakabishira ku baguzi.”

    Yasavye Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Israel na Iran gushika ku “masezerano runaka” kugira basubize mu buryo inzira z’ubudandaji bwo kw’isi zo mu Burasirazuba bwo Hagati.

    Iyi ntambara yatumye inzira zibiri zikomeye cane z’ubwato zihakwa kwugarwa burundu.

    Imbere y’uko iyi ntambara itangura, ica gatanu c'ibitoro kw'isi caca mu muhora wa Hormuz, ariko ubu uwo muhora usa n’uwugaye kubera ibikangisho vya Iran vyo gutera ubwato buca muri iyo nzira.

    Leta zimwe, harimwo Amerika n’Ubufaransa, zatanze iciyumviro c’uko zorungika ubwato bw’igisirikare co mu mazi kugira buherekeze ubwato bw’ubudandaji, zikizera ko vyoshobora gufasha gusubira kwugurura izo nzira zo mu mazi.

    Ariko uwo muyobozi wa Maersk yavuze ko adashobora gushira umuntu n’umwe mu bibazo.

    Clerc yavuze ati: "Ikintu nyamukuru giteye impungenge ni umutekano w'abakozi bacu n’uw’ibintu vyacu."

    Yongeyeko ko igihe cose hakiri impungenge zikomeye ku mutekano zivuye ku bitero vy'indege zitajamwo umudereva (drone), kandi ata vyizigiro vy’agahengwe hagati y’impande ziri mu ntambara, “biragoye cane kuri twebwe gushira abo dukorana hamwe n’ubwato bwacu mu bibazo”.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Irani yagavye ibindi bitero bishasha

    Igisasu ca misile kiboneka mu kirere cerekeza muri israel

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Igisasu ca misile ya irani cafotowe i Yeruzaremu

    Mu masaha make aheze, Irani yagavye ibindi bitero ku birindiro vya Israel na Amerika mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

    Ikinyamakuru ca Leta ya Irani kivuga ko ico gitero ari co "gikomeye kandi kiremereye cane" kuva intambara itanguye, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

    Israel ivuga ko yabonye ibisasu vya misile vyatewe bivuye muri Irani, ariko mu nyuma yongeyeko ko ata ngorane abanyagihugu bashobora kuva aho bihishije.

    Arabie Saoudite ivuga ko yahagaritse yongera irasambura indege zibiri zitajamwo umudereva (drones) zariko zija ahahingurirwa ibitoro.

    Urusaku rw'inzamba(rwo kuburira ku bitero) rwumvikanye kandi muri Bahrain. Ico gihugu kirimwo icicaro gikuru c'igisirikare kirwanira mu mazi ca Amerika, ca mbere kinini mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Igitero cya drone i Goma muri iki gitondo ‘cyishe abantu batatu’ - M23

    Ifoto yatangajwe n'umuvugizi w'umutwe wa M23 ku gitero cya drone i Goma kuri uyu wa gatatu

    Ahavuye isanamu, Lawrence Kanyuka/X

    Insiguro y'isanamu, Ifoto yatangajwe n'umuvugizi w'umutwe wa M23 ku gitero cya drone i Goma kuri uyu wa gatatu

    Umutwe wa AFC/M23 watangaje ko mu gitondo kare kuri uyu wa gatatu umujyi wa Goma muri RD Congo wagabweho igitero na ‘drone’ y’intambara ‘mu gace gatuwe n'abasivile’.

    Lawrence Kanyuka uvugira uyu mutwe yavuze ko iki gitero cyishe abantu batatu “barimo umukozi w’ubutabazi w’umunyamahanga w’umuryango mpuzamahanga utegamiye kuri leta”.

    Nyuma, mu butumwa yashyize kuri X, Kanyuka yavuze ko umukozi wa UNICEF, umufaransakazi witwa Carine Buisset yishwe n’igitero cy’iyo. UNICEF ntiremeza aya makuru.

    BBC ntiyashoboye kugenzura mu buryo bwigenga ibivugwa na M23.

    Uruhande rw’ingabo za Leta ntacyo ruratangaza kuri iki gitero cya mbere mu mezi menshi kuri uyu mujyi umaze umwaka ufashwe na M23.

    Ibinyamakuru bimwe muri Congo byavuze ko agace katewe n'iyo drone ari 'quartier' Himbi mu majyaruguru ya Goma, kamwe mu duce twa mbere dukize tw'uyu mujyi bivugwa ko gatuwe n'abantu bakomeye mu gisirikare na politike.

    M23 ivuga ko inzu yarashweho na drone yari ituyemo abakozi b'umuryango mpuzamahanga ukorera i Goma

    Ahavuye isanamu, Lawrence Kanyuka/X

    Insiguro y'isanamu, M23 ivuga ko inzu yarashweho na drone yari ituyemo abakozi b'umuryango mpuzamahanga ukorera i Goma

    Ejo ku wa kabiri, igisirikare cya leta ya DR Congo FARDC cyatangaje ko cyahanuye ‘drones ebyiri’ z’ingabo z’u Rwanda – ivuga ko zifasha M23 – i Mikenge, kivuga ko “zavogereye ikirere cya Congo mu karere ka Minembwe”.

    Igisirikare cy’u Rwanda nta cyo cyavuze kuri ibi birego bya FARDC, byaje nyuma y’ibitero bya ‘drones’ za FARDC byavuzwe ku wa mbere kuri Minembwe-centre mu ntara ya Kivu y’Epfo.

    Ikigo ACLED gikusanya amakuru ku makimbirane n’intambara kivuga ko mu kwezi gushize cyabaruye ibitero byinshi byo mu kirere, kurusha ikindi gihe mbere muri DR Congo.

    ACLED ivuga ko mu kwezi gushize FARDC yongereye ibitero byo mu kirere muri teritwari za Mwenga na Fizi muri Kivu y’Epfo na Masisi muri Kivu ya ruguru.

    ACLED ivuga ko M23 na yo mu kwezi gushize yakoze ibitero bya za ‘drones kamikaze’ ku kibuga cy’indege cya Kisangani aho uwo mutwe uvuga ko ari ho ibitero byo mu kirere bya FARDC bitegurirwa kandi bituruka.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Israel yagabye ibindi bitero kuri Iran na Libani, mu gihe Amerika ivuga ko yarashe amato 16 ya Irani atega mine

    Abagabo bambaye imyenda y'umutuku n'umweru n'ingofero zo kubakingira, bari mu kazi ku nyubako zo guturamo zasenyutse igice, i Tehran, muri Irani, ku wa kabiri, nyuma y'ibitero.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Abakora ubutabazi muri Irani, nyuma y'ibitero ku nyubako zo kubamo i Tehran, ku wa kabiri

    Igisirikare cya Israel (IDF) kivuga ko cyatangiye “icyiciro gishya” cy’ibitero ku hantu hanyuranye mu murwa mukuru Tehran wa Irani no muri Libani.

    IDF ivuga ko yanagabye ibitero i Beirut mu murwa mukuru wa Libani, ivuga ko bigambiriye ibikorwa-remezo by’umutwe wa Hezbollah ushyigikiwe na Irani, biri mu majyepfo y’uwo mujyi.

    Bibaye nyuma yuko mbere yaho kuri uyu wa gatatu, IDF ivuze ko yarashe ku bigo biyoborerwamo ibitero by’ingabo za Irani.

    Ni mu gihe Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) zivuga ko ubwirinzi bw’ikirere bwazo burimo gusubiza ku “nkeke itewe na misile”.

    Ubuyobozi bukuru bw’ingabo z’Amerika bwavuze ko ingabo z’Amerika “zakuyeho” amato 16 ya Irani atega ibisasu bya mine, nyuma yuko Perezida Donald Trump aburiye Irani kudashyira “mine n’imwe” mu muhora wa Hormuz ibyuramo ibikomoka kuri peteroli byinshi byerekeza ahantu hanyuranye ku isi.

    Ubuyobozi bukuru bw’ingabo z’Amerika bwatangaje videwo uko bigaragara yerekana ayo mato arimo kuraswa.

    Ibyo byakurikiye amagambo yari yatangajwe mbere na Perezida Trump, avuga ko ingabo z’Amerika zarashe amato 10 adakora ya Irani mu muhora wa Hormuz, nyuma yuko yari yasezeranyije guhangana n’ayo mato “byihuse kandi mu rugomo”.

    Mbere, umukuru wa polisi ya Irani yavuze ko umuntu wese watekereza ku kwigaragambya yamagana leta, yahagurukirwa “mu buryo bumwe n’uko duhangana n’umwanzi”.

    Hagati aho, mu gihe iyi ntambara y’Amerika na Israel kuri Irani imaze iminsi 11, Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu yashyize itangazo ku rubuga nkoranyambaga X yandikira “abaturage ba Irani”, abasaba guhirika ubutegetsi bwa Ayatollah no “kubona ubwisanzure bwanyu”.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.