'Nibaza ko iyi ntambara izobandanya ayandi mezi atari make' – Umushakashatsi kuri DR Congo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyamerika Jason Stearns, umwanditsi akaba n'umushakashatsi kuri DR Congo avuga ko abona ko intambara yayangaye gusumba ishobora kuzobandanya ayandi mezi atari make mu gihe hakiri amadidane mu biganiro vyo kurondera amahoro.
Stearns yishuye ibibazo vya BBC inyuma y'uko umubonano utari witezwe wa Presida Félix Tshisekedi na Paul Kagame muri Qatar uhaye bamwe bamwe umwizero ko ikibazo kigomba kubonerwa inyishu.
Avuga ko mu mezi menshi aheze ibiganiro vyo guhuza reta y'Urwanda n'iya Congo muri Angola vyageragejwe gushika muri Kigarama(12) umwaka uheze bica biranka.
Ati: "Kandi nibaza ko kwanka kw'ivyo biganiro ari kwo katumye intambara ica ikomera gusumba, M23 n'ingabo z'Urwanda barafata Goma hanyuma Bukavu.
"Rero gusubira kuvugana imbona nkubone n'Urwanda vyari nkenerwa kuri Congo kugira ihagarike uwo murindi ku rugamba.
"Ni vyo ni nk'inota binjije, ariko si vyo cane kuko Qatar iboneka ko ari incuti ya reta y'Urwanda kuruta kuba iya Congo. Nibaza ko aho ibintu vyari bigeze reta ya Congo yari ikeneye icoyifasha aho yokironka hose."
Uko Jason Stearns yishuye bimwe mu bibazo vyibazwa kuri kazoza k'iyi ntambara:
BBC Gahuzamiryango: Niba imirwano ukomeje agahengwe impande zompi zavuze muri Qatar ko zipfuza ntikazohonyorwa?
Jason Stearns (JS): Ni inde yobimenya? Reta y'Urwanda, M23 na reta ya Congo incuro nyinshi bariyemeje guhagarika intambara, ariko ntibuce kabiri bitarenzweko, buri ruhande rukagiriza urundi.
Biragoye rero kumenya. Biranagoye cane kumenya uruhara Qatar izogira, kuko ubu dufise inzira nyinshi zitandukanye z'abariko baragerageza gufasha gutorera inyishu iyo ntambara.
Hari ibiganiro vy'amahoro vy'ishirahamwe rya Afrika bihagarariwe na Prezida Lourenço wa Angola, hari n'ibiganiro vya EAC na SADC. Kuri izo nzira nyishi ubu hiyongeyeko na Qatar. Bisa rero n'uko ari ibintu vy'amadidane.
Uretse rero ko tutazi niba agahengwe kazokwubahirizwa, ntituzi n'intambwe ikurikira iyo ari yo. Mbega abazoganira ni bande? Abahuza bazoba ari ba nde? N'ingene izo mpande zitandukanye zizohuzwa."
Mu kwezi guhuze Uhuru Kenyatta wa Kenya, Olusegun Obasanjo wa Nigeria na Hailemariam Desalegn Boshe wa Ethiopia bagenwe ko ari bo bagiye guhagararira umugambi wa EAC na SADC wo gushikana ku mahoro mu buseruko bwa Congo.

BBC: Hari ibivugwa ko bizogorana kumenya uko M23 n'u Rwanda bazosubiza Bukavu na Goma, ko bishobora kuba intangiriro yo gucikamwo ibice kwa Congo, ibyo birashoboka?
JS: Ico nemera n'uko ubu turi mu gihe gitandukanye cane n'ico twarimwo haraheze umwaka. Ndemera cane kandi ko intego z'Urwanda muri Congo ubu ari nini cane ugereranije n'incuro zibiri zo muri kahise aho Urwanda rwashigikiye abitwaje ibigwanisho ni ukuvuga mu 2012-2013 no mu 2006 -2009.
Kuri izo ncuro, harabaye amasezerano yo guhagarika intambara yatumye Urwanda ruvana ingabo zarwo muri Congo, abitwaje ibigwanisho barinjizwa mu ngabo za Congo, ku ya nyuma naho baratsindwa.
Uyu munsi turi mu kindi gihe, biragaragara ko intego z'Urwanda ari nini gusumba. Ubu rwarungitse ingabo nyinshi gusumba izo ncuro zindi zo muri kahise, kumbure ingabo z'Urwanda ibihumbi indwi igihe Goma yafatwa, baratakaje benshi, barashinze ubutegetsi n'amakambi yo kwimenyererezamwo, n'ibindi vyinshi.
Mfatiye kuri izo mvo zonyene, biraboneka ko intego z'Urwanda ari nini gusumba.
Ikindi novuga ni amajambo avugwa mu Rwanda. Wumvirije na cane amajambo avugwa mu Kinyarwanda na Prezida [Paul] Kagame ubwiwe, abashikiranganji biwe, abashingamateka biwe, basigaye bavuga mu majambo yeruye gusumba ku kibanza c'Urwanda muri Congo gusumvya uko bahora bavuga mbere.
Ubu baravuga ikintu c'Urwanda rugari, ivy'uko hari igice c'Urwanda cagiye muri Congo mu buryo bw'akarenganyo igihe abakoroni baca imbibe.
Birasa rero nk'uko bafise intego nini gusumba. Ariko sinibaza ko turi aho umuntu yovuga ko hazoba ukwigarurira Congo y'Ubuseruko. Ariko nibaza ko M23 n'Urwanda bakiri muri Congo ikindi gihe kitari gito.
Naho baramutse bicaranye na reta ya Congo mu biganiro, ivyo bazosaba bishobora kuba vyinshi gusumba: ibijanye n'ubutunzi, kumbure kugabura ubutegetsi. Nibaza ko iyi ntambara yayangaye gusumba biteye umutima uhagaze kandi izobandanya ayandi mezi atari make."









