Akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi kagiye gutora ingingo za mbere kuva intambara itanguye

Ahavuye isanamu, Reuters
Akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi uno musi gategekanya gutora ingingo zibiri zitandukanye zijanye n’intambara iri muri Iran hamwe n’ingaruka zayo.
Ingingo ya mbere yashikirijwe n'ibihugu vyo mu kigobe c'abarabu. Iyo ngingo yiyamiriza ibitero vyagabwe na Iran kuri ivyo bihugu be no kuri Jordanie.
Uburusiya, incuti ya Iran, muri ako kanama bwatanze iyindi ngingo ihiganwa n’iyo yambere.
N’aho iyo ngingo itavuga izina rya Iran, Israel canke Leta Zunze Ubumwe za Amerika, iriyamiriza ibitero vyose bikorerwa abasivile, ihamagarira impande zose guhagarika kurwana zigasubira mu biganiro.
Ni ubwa mbere ako kanama kagiye gufata ingingo kuri iyi ntambara kuva aho itanguriye, inyuma y’inama yihutirwa yari yabaye mu ntango z'intambara.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze ko ibitero vy'indege vya Israel na Amerika kuri Iran, hamwe n'ibitero vya Iran ku bihugu vyo mu karere ari ukurenga ku masezerano ya ONU.
Intumwa ya Iran muri ONU, Amir Saeid Iravani, yaneguye ibihugu vyo mu kigobe c'abarabu, avuga ko biriko biragerageza guhindura uruhara rw’uwateye n’uwatewe, biciye mu nyandiko yise ko ifise uruhande ihengamiyeko kandi ifise imvo za politike.
Iyo ngingo yo mu bihugu vyo mu kigobe c'abarabu ubu ishigikiwe n’ibihugu birenga 90, harimwo n’Ubwongereza. Isaba ko Iran ihagarika vuba kandi atakirinzwe gusabwa ibitero vyose n'iterabwoba ku bihugu bitandatu vyo mu kigobe c'Abarabu hamwe na Jordanie, harimwo n’ibitero bishobora gukorwa n'imigwi iyishigikiye.
Iyo ngingo kandi iriyamiriza ibikorwa vyose canke iterabwoba iryo ari ryo ryose ryova muri Iran rishobora kwugara canke kubangamira ingendo mpuzamakungu ziciye mu muhora wa Hormuz.
Izindi nkuru wosoma :







