Pep Guardiola wa Manchester City avuga ko abatsindiye igikombe ari 'ntibagiranwa'

Pep Guardiola

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu myaka cumi amaze nk'umumenyereza Pep Guardiola amaze gutsindira ibikombe vy'ihiganwa cumi - bitatu ari kumwe na Barcelona, bitatu ari kumwe na Bayern Munich na bine ari kumwe na Manchester City

Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola avuga ko umurwi wiwe ari "ntibagiranwa" inyuma yo gutahukana igikombe ca Premier League kigira kane mu myaka y'inkino itanu.

City yatahukanye iri higanwa irushije inota rimwe gusa umukeba wayo Liverpool inyuma y'intsinzi ya 3-2 yaraye ironse mu gutsinda bigoranye Aston Villa ku musi wa nyuma w'ihiganwa ku kibuga Etihad Stadium.

Ni igikombe kigize 11 Guardiola atahukanye mu myaka itandatu kuva ashitse mu Bwongereza.

Guardiola ati: "Turi intibagiranwa. Tuzokwama twibukwa. Aba bakinyi bazokwama bibukwa muri uno murwi".

"Ivyo twashitseko, ni ibintu bigoye cane. Sir Alex Ferguson na Manchester United barabikoze, haraciye imyaka - incuro zibiri canke zitatu - ubu rero ndabonye ic'ari co gushika ku kintu nk'iki".

Hasigaye iminota 15 gusa ngo urukino ruhere, City yari imaze guterwa 2-0 na Villa imbere y'uko Ilkay Gundogan yinjira agatera ibitsindo bibiri, hagati yavyo umukinyi wo hagati Rodri akaba yashoboye kwinjiza igitsindo, ibintu vyabaye mu minota itanu gusa itahukana intsinzi.

Iyo baramuka batsinzwe canke bakanganya gusa, Liverpool niyo iba yaraye mu munezero.

Guardiola ati: "Urukino rwa nyuma igihe cose rwama ari urukino rudasanzwe - ibigumbagumba vyinshi. Aston Villa ntaco batakoze, ariko igitsindo ca mbere cahinduye vyose. Vyari ngombwa ko dufata ibintu mu minwe".

"Iyo utsindiye iri higanwa incuro zine mu myaka itanu, ni uko aba bahungu ari ibitangaza.

"Gutsindira muhira imbere y'abantu bacu ni ikintu gihimbaye. Igihe tumariye kunganya, twaciye twumva ko twari dufise amahirwe yo gutsinda ica gatatu.

"Ni bwo bwa mbere nari mbaye mu bihe nk'ibi kuva nagashika hano".

Liverpool yatsinze umurwi wa Wloves 3-1 ku kibuga cayo ariko ntiyashoboye gutesha Manchester City gukingira igikombe cayo yari isanzwe ifise.

Mw'ihiganwa ryose rirangiye, iyi mirwi ibiri yatakarije inkino zitanu gusa, Citi zitatu, Liverpool zibiri.

Guardiola yongerako ati: "Ivyo twaraye dushitseko bifitaniye isano n'ubukomezi bw'abakeba bacu kandi sinari bwigere mbona umurwi nka Liverpool mu buzima bwanje.

"Turakeje Liverpool - baratumye uko indwi yose irangiye tugenda tuvyifatamwo neza".

Abajijwe nimba afise umugambi wo kubandanya amenyereza uyu murwi igihe amasezerano afitaniye nawo azoba arangiye mu mpera z'umwaka w'inkino uza, yavuze ati: "Nta shaka canke icipfuzo co kwiyumvira ivy'umwaka uza mfise muri kino gihe.

"Nta mwaka w'inkino woroshe. Sinshobora guhemukira umurwi - kumbure banshira mu bihe bidasanzwe mu buzima bwanje ariko ntegerezwa kuvyiyumvamwo, abakinyi bategerezwa kuvyiyumvamwo mbere n'umurwi utegerezwa kuvyiyumvamwo.

"Ubu ni igihe co kwidagadura. Dusubiriye gutahukana ihiganwa".

'Ndishimiye gutahukana iyi ntsinzi muri Ukraine'

Oleksandr Zinchenko

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Oleksandr Zinchenko yakoroye amosozi umupira uheze igihe yari yambaye ibendera rya Ukraine ku bitugu

Umukinyi mpuzamakungu wa Ukraine, Oleksandr Zinchenko yinjiye mu gice ca kabiri aca ahindura ibintu muri Manchester City anagira uruhara rukomeye mu guhereza umupira Rodri agatera ica kabiri.

Yahimbaje iyi ntsinzi mu kibuga umupira uheze afise ibendera ya Ukraine yari akenyeye mu bitugu, yifotoza ayambaye imbere yo kuyambika igikombe aca akorora amosozi.

Ati: "[Ibi] ni ibihe vy'ikigumbagumba ntibagiranwa kuri jewe - ku banya Ukraine bose bariko bicwa n'inzara, bari mu magorwa mu gihugu canje kubera igitero c'Uburusiya.

"Ndishimiye kuba umunya Ukraine no gutahukana iki gikombe muri Ukraine, kubw'abanya Ukraine bose kubera bagikwiye.

"Gisigura vyose kuri jewe - numva nopfira aba banyagihugu n'abadufashe mu mugongo. Ivyo abanyagihugu bampaye n'ivyo bankoreye muri iki gihe - igihe kitoroshe mu buzima bwanje - ndabishima cane kandi sinzokwigera ndavyibagira mu buzima bwanje bwose".

'Ntuzokwama ubona amahiganwa mensi aryoshe'

Uwahoze ari myugariro wa Arsenal Martin Keown avuga ko vyari kuba "biteye agahinda" iyo City ibura igikombe muri uno mwaka w'ihiganwa, mu gihe Liverpool imaze gutahukana ibikombe bibiri mu gihugu kandi ikaba yiteguriye gutana mu mitwe na Real Madrid mu rukino rwa nyuma rw''ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League).

Uwahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza Alan Shearer nawe yongerako ati: "Twabonye umurwi udasanzwe, umwaka udasanzwe n'urukino rw'umupira w'amaguru rudasanzwe.

"Ivyo Pep Guardiola akoze muri Manchester City n'ivyo Jurgen Klopp akoze muri Liverpool ni ibintu bidasanzwe. Wari umutaga uryoheye ijisho ku muntu ataho yegamiye.

"Nagumanye umutima uhagaze ariko ntaho nari mpagaze - Imana yonyene niyo izi ivyari mu mitwe y'abafana, kuko uwu ni umuhingamo wari uteye ubwoba. Ibintu bidasanzwe".

'Twasiganywe n'umurwi wa mbere kw'isi yose'

Umumenyereza wa Liverpool Klopp avuga ko wabaye "umunezero" kuri we gukorana n'aba bakinyi gihe cose, ariko bari bakeneye " gushiramwo inguvu zisumbirije mu gice ca mbere c'ihiganwa" kugira ngo dushobore gutsinda City muri uru rugamba.

Hagati aho, avuga ko ivyo bashitseko bidasanzwe kandi ko bagumye baterana inkokora "n'umurwi wa mbere kw'isi" gushika ku musi wa nyuma.

Ati: "Aba bahungu bakinye ihiganwa ridasanzwe. Ntibirangiriye ng'aha, ahubwo niko ihiganwa rirangiye".