Ivyo Manchester city yaraye ikoze, ni ubutumwa bukomeye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu ntango z'iyi ndwi, Manchester City isanzwe ifise igikombe c'ihiganwa ry'Ubwongereza, Premier Leaguer, yari mu bibazo - ni inyuma y'aho mu rukino rwo mu ndwi iheze ikubitiwe na Norwich, bituma Liverpool iyisumvya amanota atanu.
Rwari urukino rumwe gusa yari itakaje, ariko ivyo vyatumye abatari bake bibaza ingene ihiganwa ry'uno mwaka rizoyigendera kubera babona ko inyuma hajegajega, mu gihe yari yatakaje abakinyi b'inyuma bayo bakomeye kubera inkomere.
Abihweza ibintu n'ibindi babona ko ibibazo vyari bigeye kuba umurengera kuko babona ko Man City itashoboye kurondera uwusubirira Vincent Kompany ku ruhande rw'inyuma, mu gihe Aymeric Laporte na John Stones nabo bari bakomeretse.
Ku munsi w'ejo, abakinyi ba Pep Guardiola baranumije ababanegura mu buryo bwari bukomeye.
Batanguye mu rukino rwo ku wa gatatu mw'ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere mu bihugu iwabo, Champions League, aho birahiye umurwi Shakhtar Donetsk wo muri Ukraine, ku bitsindo bitatu ku busa bawusanze iwabo.
Watford niyo yaraye ikurikiye. N'aho vyari vyitezwe ko uyo murwi wari uramutse wakirwa na Manchester City utari ikibazo kuri yo, nta muntu yiyumvira ko wari kubona ayo waraye ubonye.
Eka n'umumenyereza Guardiola asanzwe azwi ko agoye kunezerezwa, yahavuye yemera ko umukino w'umurwi wiwe wari uryoheye ijisho bidasanzwe, mu gihe wari umaze kunyagira Watford ku bitsindo umunani vyose ku busa.
Nivyo ko itosya bwose kuko akari imbere karahinda, ariko ico nico abakunzi bayo bahora barondera - bukaba ari n'ubutumwa kuri Liverpool.
Nivyo, Liverpool irashobora gutera iyindi ntambwe mu gihe yoja gutsindira Chelsea ku kibuga cayo Stamford Bridge kuri uyu wa Mungu, ariko iza gukina urwo rukino umutima uri mu mutwe, izi neza ko City yagarukanye inguvu zidasanzwe kandi ko igiye kuyisatira.
Inyuma y'aho City yirahiriye Watford, Guardiola yavuze ati: "Hariho abantu gushika ubu badatahura - abamenyeshamakuru, abahinga muvyo umupira w'amaguru, eka n'abahoze ari abakinyi - ntibatahura ko gutsindwa ari kimwe mu bigize amahiganwa".

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Ni vyiza kwubaha abo muhiganwa. Niho mpagaze gushika ubu, kandi niho nari mpagaze n'inyuma y'aho dutsindiwe na Norwich, rero ni bumve ko atari uko twoba twakinye nabi mu ndwi iheze".
"Turashobora gutsindwa mu nkino kanaka, ariko igikenewe ni ingene tuvyifatamwo mu nyuma".
Manchester City yatanguye urwo rukino isa n'uko yaje gutanga ubutumwa budasanzwe kuko, mu gihe mbere bamwe mu bakunzi bayo batari bwanashike mu kibuga, City yari yamaze kuronka ica mbere inyuma y'imisegonda 50. Igice ca mbere cagiye kurangira ifise ibitsindo bitanu vyose.
N'aho umukinyi Raheem Sterling atakinishijwe kuko yahawe akaruhuko kubera atari bwigere aruhuka kuva ihiganwa ritangura, vyari bigoye kuzibira City.
Guardiola ati: "Abakinyi b'imbere berekanye ibintu bikomeye. Ni ibintu bidasanzwe kwinjiza ibitsindo bitanu ku ncuro zitanu nyene twateye mw'igori!"
Muvyo ukuri, Manchester city yari kwinjiza ibitsindo birenze umunani, iyo Aguero adahusha igitsindo, igihe ateye umutwe ari wenyene imbere y'umunyegori, ariko umupira ugakubita ku mwamba, hanyuma Riyad Mahrez nawe nyene agahusha ikindi ateye umupira ugakubita ku mwamba.
Abakinyi ba Guardiola baje bafise inyota y'ugutsinda kuko bagumye basatira gushika ku munota wa nyuma, nta wuzi ko batariko barondera gusumvya Manchester United mu mwaka wa 1995, igihe inyagiriye umurwi Ipswich ku bitsindo 9-0, hakaba ata wundi murwi urasubira kwinjiza ibindi bitsindo nk'ivyo muri Premier League.










