Erling Haaland: Manchester City iguze uyu munye-Norvege avuye muri Borussia ku miriyoni £51,2m

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester City yashitse ku masezerano yo kugura umusatirizi w'igihangange ava muri Norvege, Erling Haaland, imukuye muri Borussia Dortmund.
Haaland w'imyaka 22, azotangura gukinira City muri Mukakaro (7), mu gihe iyo kipe yamaze kwemera kurekura imiriyoni 60 z'ama euro yasabwa mu masezerano yiwe.
Aya masezerano aheraheje umwete w'iyi kipe wo kurondera umusatirizi asubirira uwayinjirije vyinshi bimaze kuboneka, Sergio Aguero, yagiye muri Barcelona ici riheruka.
City yagize iti "Turashobora kwemanga yuko twashitse ku mwumvikano wo kugura umusatirizi Erling Haaland".
"Kuza kw'uyu mukinyi kurindiriye kwuzuzwa kw'ibisabwa vyose mu vyumvikanywe nawe."
Haaland yarinjije ibitsindo 85 mu nkino 88 amaze gukinira Dortmund kuva yaza muri iyo kipe avuye muri Red Bull Salzburg muri Nzero (1) 2020.
Ibihangange vyo muri La Liga, Real Madrid na Barcelona, navyo vyari vyavuganye na Haaland bishaka kumugura, ariko aca ahitamwo kuja Etihad Stadium.
Aho yavuga kare kuri uno wa kabiri, umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola, yavuze ko adashobora kuvuga ku bakinyi bari mu gusinya kubera imvo z'amategeko.

Ahavuye isanamu, BBC Sport
Yongeyeko ati "Abantu bose barazi uko bimeze. Sinshobora kuvuga kuko sinkunda kuvuga kuri kazoza canke ku mwaka w'inkino ukurikira".
Abajijwe akamaro umusatirizi mushasha yogirira iyi kipe isanzwe ari yo ifise igikompe ca Premier League, Guardiola yagize ati: "Abakinyi bashasha bama bafasha mu gukomeza ikipe. Ariko nta musatirizi umwe canke myugariro yokemura ibibazo vyo kuzibira canke kwinjiza.
"Ikipe itegerezwa kwama ifise intumbero ya kazoza. Ivyemezo ikipe ifata ndabizi kandi ndabishigikiye 100%."
Kugurwa kw'uyu mukinyi nikwo kuzoba gukomeye kurusha ukundi kwose muri rino ci.










