Pep Guardiola avuga ko Manchester City ikiri ku rugamba rutoroshe na Liverpool

Kevin de Bruyne

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola avuga ko umurwi wiwe udashobora guhirahira ngo utakaze urukino na rumwe mu nkino zisigaye za Premier League nimba koko bashaka gukubita hasi "umwe mu mirwi ikomeye cane muri kahise k'umupira w'amaguru".

City yaraye isubiye mu kibanza ca mbere icatse Liverpool inyuma yo gutsinda Brighton 3-0, iyi mirwi ikaba isumbana inota rimwe gusa mu gihe hasigaye inkino zitandatu.

Guardiola yabwiye BBC Sport ati: "Ntituri ibijuju. Mu gihe tworamuka tunganije urukino na rumwe, tugatakaza amanota abiri gusa, Liverpool ica itahukana ihiganwa.

"Mu gihe twotsinda inkino zacu zose zisigaye, twoca dutahukana ihiganwa. Abakinyi barabizi".

Yongerako ati: "Turazi inkino zigoye dusigaje kandi dutegerezwa gukina nk'uko twakinye muri uru rukino kugira ngo tuzitsinde zose. Mu gihe tworamuka tubishitseko, tuzohimbaza intsinzi, ni vyatwankira, nta kundi, tuzokeza Liverpool".

City na Liverpool zagiye zihangana bikomeye muri rino higanwa ryose, aho inkino zompi z'ihiganwa hagati y'iyi mirwi zarangiye ari 2-2, nayo mu rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma c'igikombe ca FA Liverpool ikaba ari yo yarutahukanye kuri 3-2.

Iyi mirwi kandi yompi iri muri ine ya nyuma yo mw'ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) kandi ikaba ihabwa amahirwe yo guhura mu rukino rwa nyuma.

Ariko imbere y'inkino za mbere zo mu gice ca kabiri zishira ica nyuma muri iri higanwa rya Bulaya mu ndwi iza - igihe City izohura na Real Madrid hanyuma Liverpool nayo igahura na Villarreal - uruhande rwa Guardiola ruzobanza kwakira Watford ku wa gatandatu imbere y'uko abantu ba Jurgen Klopp nabo bahura na Everton ku musi uzokurikira.

Pep Guardiola

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu mwaka w'inkino wa 2018-19, City yatsinze inkino zayo za nyuma 14 zose maze ibona gutahukana ihiganwa, isumvya Liverpool inota rimwe gusa, Guardiola akavuga ko bizosaba ko baguma kuri iyi ntumbero, ntibatirigane, kugira ngo batahukane iri higanwa.

Yibaza ko inkino za Champions League n'abanduye imvune - Guardiola avuga ko Nathan Ake na John Stones bavunitse bukebuke mu rukino rwabahuje na Brighton - ko bishobora gutuma ibintu bigenda uko bizogenda.

Yongerako ati: "Vyarigeze gushika mu myaka mike iheze - twatsinze inkino 14 zose kugira dutahukane ihiganwa. Mu gihe twotsinda inkino zose, nka nkeka tuzotahukana ihiganwa.

"Bivana n'ingene twoba turushe n'imvune, bivana na Champions League.

"Dufise ukwezi kumwe gusa - kumbure amayinga atanu. Kuva ku mezi cumi na kumwe gushika ku kwezi kumwe, tuzokora uko dushoboye kwose kugira ngo tuvyifatemwo neza muri izi nkino.

"Inkino zitatu zigoye tuzokinira hanze y'iwacu [Leeds, West Ham na Wolves] ariko ni inkino zitandatu gusa kandi tuzokora uko dushoboye kwose, inyuma y'aho nta wuzi ingene ibintu bizogenda.

"Duhanganye n'umwe mu mirwi ikomeye cane muri kahise k'umupira w'amaguru - bafise vyose. Abakinyi barabizi. Urukino twakiniye hano [aho banganije na Liverpool 2-2] ni twe twakinye neza ariko ntitwashoboye kurutsinda.

"Ni ikizira kikaziririzwa ko dutakaza inota na rimwe. Twamye dukina tuzi ko bitoroshe, tuzi ko dutegerezwa gutsinda".

Guardiola yari aryohewe cane kubona umurwi wiwe washoboye kwikatira itike izowushikana muri Champions League mu mwaka uza - intambwe washitseko inyuma yo gutsinda Brighton.

Ati: "Uwu ni umusi umwe mu misi y'umunezero kuko mu mwaka uza tuzoba turi muri Champions League. Abantu bibaza ko ari ibisanzwe ariko ni ngombwa ko tuja muri Champions League.

"Iyo tubishitseko ni uko tuba twavyifashemwo neza cane. Iyo ubajije umurwi uwo ari wo wose intumbero yawo, ni uko bashika muri Champions League. Ivyo rero twasubiye kubishikako".