‘Buri mukobwa aho ari hose akwiye gukoresha impano Imana yamuhaye’ – Emmanuella

Emmanuella Rukundo (uwa mbere i bubamfu) avuga ko yigiye kunyonga ikingo kuri se wiwe

Ahavuye isanamu, cno_burund

Insiguro y'isanamu, Emmanuella Rukundo (uwa mbere i bubamfu) avuga ko yigiye kunyonga ikingo kuri se wiwe

Emmanuella Rukundo, umwigeme w'umunyeshure w'umurundikazi yabaye rurangiranwa mu guhiganwa kw'ikinga, atera akamo abandi bigeme kumenya impano bafise bakazikoresha.

Ku myaka 18 gusa, Emmanuella yihaye ikibanza mu bagore/abakobwa bahiganwa ku makinga ahereye mu gihugu ciwe, Uburundi. Ubu mu mahiganwa, yaba ayo hagati canke mpuzamakungu, aramaze kwandika izina muri Afrika.

Ati: "Nta muntu aba azi ikizomushikana aho ashaka gushika canke ikizomubeshaho, rero umwana w'umwigeme afise impano iyo ari yo yose n'ayikoreshe uko Imana yayimuhaye, izogira aho imushinaye".

Emmanuella Rukundo avuka ku mutumba wa Murima mu ntara ya Kayanza. Yatanguye kuja mu mahiganwa yo kunyonga ikinga mu 2018 afise imyaka 14 yonyene. Kuva ico gihe, amaze gushika mu mahiganwa atandukanye hagati mu gihugu, atabaye uwa mbere aba uwa kabiri.

Avuga ko yigiye kunyonga ikinga kuri se wiwe, arabimenyera gushika aho ashika ku rwego rwo guhiganwa.

Yatanguye kuja mu mahiganwa mpuzamakungu mu gihugu ca Misiri mu kwa gatatu 2021, aho yahejeje ari mu kibanza ca gatandatu.

Ati: "Bwari ubwa mbere, naratinye, ntivyari vyorose. Bwari n'ubwa mbere ndiko mpiganwa n'abandi tudasangiye urukoba, tudasangiye ururimi, imico, inguvu n'uburambe. Vyaranteye ubwoba ariko ubu narabimenyereye kuko narabonye ko ari abantu nkatwe".

Ryari ihiganwa ryahuje abantu bava mu bihugu 40, Rukundo akavuga ko ryamubereye akaryo kadasanzwe kuko yahigiye vyinshi.

"Narabigiyeko cane kuko hariho ubuhinga usanga bafise twebwe tudafise. Narabonye aho nkeneye gukosora kuko nahuye n'abana batoya cane bansize cane rwose, nca mbona ko ico bansumvya ari ukwitanga, imyimenyerezo no gukunda ikinga.

Emmanuella

Ahavuye isanamu, cno_burund

"Rero nanje ubu ndakora uko nshoboye, nkitanga, kandi ngakunda ikinga ryanje".

Mu Misiri gusa, Emmanuella amaze kwitabira amahiganwa mpuzamakungu ashika ane.

Rukundo ni we munyonzi w'ikinga wenyene amaze kuronka imfashanyo yo kuja kwiga hanze, imfashanyo y'ishirahamwe rijejwe inkino za olempike ku rwego rw'igihugu mu Burundi.

"Si twebwe twamuhisemwo, niwe yihaye ikibanza kuko ari we ari imbere y'abandi muri ubwo bunonotsi. Noneho si mu bahiganwa ku makinga gusa, kuko no mu zindi nkino, abarusha abandi bararonse iyo mfashanyo iganisha gukomeza ubumenyi", nk'uko Lydia Nsekera arongoye ishirahamwe Olempike ryo mu Burundi, CNO, yabibwiye BBC.

Emmanuella abona ko bizomubera akaryo keza ko gutera imbere muri uru rwego, na rirya yiteze ko azohura n'abandi banonotsi bakomeye, akabigirako.

Ati: "Ibi vyampaye inguvu kuko mbona ko bizomfasha kugira aho nshobora gushika, kuko ushigikiwe urashika kure".

Hampande y'ishirahamwe olempike mu Burundi, Emmanuella arashimira abavyeyi biwe uko bamufata mu mugongo, mbere akemeza ko ari bo batumye agera aho ageze.