'Nobwira abigeme ko buri muntu afise ico ashoboye n'ico ashobora gushikako - Sada Nahimana

Ahavuye isanamu, Sada Nahimana
Sada Nahimana, umwigeme abaye rurangiranwa mu rukino rwa tennis, ahamagarira abandi bigeme b'Abarundi kumenya impano bafise bakaziharanira kugira ngo bashobore gushika nk'aho nawe ageze.
Ni inyuma y'aho ku wa Mungu uheze atsindiye ihiganwa mpuzamakungu rya Tennis ITF ku ruhande rw'abagore (W15) ryabera muri Turukiya, atsinze urukino rwa nyuma rwamuhuje n'umunya Ukraine Soboleva Anastasiya.
Ati: "Nobwira abigeme ko buri muntu afise ico ashoboye n'ico ashobora gushikako, ikiriho rero ni ukukimenya ukakirondera n'umutima wawe wose".
Uyu mwigeme w'umurundi w'imyaka 20 niwe mwigeme wa mbere w'umurundi ageze kuri uru rwego muri iri higanwa.
Yabwiye BBC ko ryari ihiganwa ritoroshe mbere ko vyamutangaje kubona yarashoboye gutahukana intsinzi ikomeye.
Ati: "Sinibaza ko nshobora gutsinda iri higanwa, eka mbere n'ubu ntavyo ndemera. Mfise umunezero mwinshi kubona nshoboye guserukira igihugu canje, akarere ka Afrika y'Ubuseruko eka mbere n'umugabane wose.
"Ndazi ko ku mugabane wose wa Afrika ari jewe mukobwa w'umwirabure jenyene ndi kuri uru rwego, ibi bikantuma ngira intege zo kurondera gushika kure, nkagera ku rugero rw'ibihangange kw'isi".
Sada avuga ko abigeme b'Abanyafrika badakunze gushika kure kubera batinya, bakibaza ko ataco bashoboye hamwe kandi no kubura uburyo bw'ingene bashobora kwerekana ivyo bazi, agatera akamo abanyafrika muri rusangi gushigikirana.
Ati: "Nshaka ko abantu bamenya ko ari ngombwa ko Abanyafrika bo nyene ubwabo ari bo bategerezwa gufasha Abanyafrika bakagera kure".
Sada abaye mu Barundikazi bake bageze ku rugero rukomeye ku rwego mpuzamakungu, hampande ya Francine Niyonsaba mu gutsindira amahiganwa mpuzamakungu, ivyo avuga ko bitera iteka igihugu.

Ahavuye isanamu, Sada Nahimana
Ati: "Birandyohera iyo ndi mu gihugu kanaka nkaza numva ngo 'Ah kumbe uva mu Burundi? Urazi Niyonsaba'?".
Covid ntaco yangize
Mu gihe ikiza karanda ca Covid-19 cahungabanije ibisata bitari bike harimwo n'inkino, Sada avuga ko ata kintu kinini iki kiza camugize mu rugendo rwiwe, kuko "bagerageza kudufasha kugira ngo twumve y'uko dukina nko mu bihe bisanzwe".
Avuga ariko ko ingorane nyamukuru yari uko basa n'abatamba birorera kubera ata barorerezi bari mu kibuga, kiretse abakinyi n'abamenyereza gusa, ibi navyo bigatuma urukino rutagira akanovera.
Ati: "Nivyo ko iyo haba abarorerezi haci ico bifasha, ugasanga urukino ruraryoshe nawe ukumva inguvu zirongerekanye. Ariko twebwe nk'abakinyi tuba dushaka guhiganwa. Jewe nta ngorane vyanteye kuko nagumye ku ntumbero yanje".
Ivanguraruhu - yirinda gutwarwa n'ishavu
Sada yatanguye gukina tennis afise imyaka umunani, avuga ko igihambaye ari ukugumiza umutima hamwe, umuntu agashira imbere intumbero ashaka gushikako, hagutwarwa n'ishavu .
Aremeza ko ivyo bibazo biriho ariko ko bo nk'abakinyi bisa n'aho batahuye navyo.
Ati: "Jewe ntaco bimbwiye. Ndazi ko hari abafise ivyo vyiyumviro mu mitwe. Abitwaza ivanguraruhu ntaco bambwiye, ndabafata uko nyene kuko abantu bari uko bari, nta kundi.
"Jewe naratembereye mu bihugu vyinshi; ikintu nyamukuru kuri jewe ni ukugumiza umutima hamwe, ugashira imbere urukino, nkirinda gutwarwa n'ishavu".
Integuro muri kazoza
Uyu mwigeme akomoka mu Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura - ubu asanzwe aba mu Bufaransa - avuga ko intumbero yiwe ari ukubandanya aja imbere gushika ashitse ku rwego rw'ibindi bihangange vy'abakobwa/abagore kw'isi .
Ati: "Ico nipfuza ni uko nogera ku rugero rwo guhiganwa n'ibihangange kw'isi nka Serena Williams n'abandi, ngatsindira ubushimwe bukomeye.
"Si nshaka gusumba uwo ari we wese, nshaka gusumba uko nari ejo, nkabandanya nserukira Afrika".










