Russia-Ukraine: Roman Abramovich ahaye uburongozi bwa Chelsea abajejwe ubugiraneza muri uyo murwi

Abramovich niwe nyene umurwi kuva mu 2003

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abramovich niwe nyene umurwi kuva mu 2003

Nyen'umurwi wa Chelsea, Umurusiya Roman Abramavich, avuga y'uko ashize uburongozi bw'uyu murwi mu minwe y'abajejwe ibikorwa vy'ubugiraneza muri muri uyo murwi.

Abramovich afashe iyi ngingo inyuma y'igitero Uburusiya buherutse gukora muri Ukraine, ariko akazobandanya ari we nyene umurwi.

Ni ingingo kandi yaraye ifashwe nijoro mu gihe hari hasigaye umusi umwe ngo Chelsea ihure na Liverpoot mu rukino rwa nyuma rwa Carabao Cup ku kibuga ca Wembley.

Mw'itangazo yasohoye, Abramovich avuga ati: "Namye mfata ingingo nshize imbere ineza y'umurwi".

"Ibi nzokwama ndabigendera. Nico gituma uno musi nshize uburongozi mu minwe y'umurwi ujejwe ibikorwa vy'ubugiraneza wa Chelsea.

"Ndizeye ko muri kino gihe bari mu kibanza ciza co kubungabunga inyungu z'umurwi, abakinyi, abakozi n'abafana"

Itangazo nta kintu na kimwe kirimwo cerekana ko iyi ngingo yafashwe kubera igitero kuri Ukraine.

Ishirahamwe ry'abakunzi ba Chelsea, Chelsea Supporters' Trust, rivuga ko ririko rirarondera "umuco" ku bijanye n'insiguro y'iri tangazo rijanye n'uburongozi bw'umurwi.

Ntibiramenyekana nimba Abramovich azofatirwa ibihano nk'imwe mu ngingo ziriko zirafatwa n'Ubwongereza ku Burusiya.

Igisata ca BBC kijejwe inkino, BBC Sport, camenye ko Chelsea itagiye kugurishwa, kandi ko ingurane y'imiriyaridi 1.5 y'ama pawundi yahawe na nyene umurwi itagiye gusubizwa.

Abramovich ni umwe mu Barusiya batunze cane kandi akaba azwi ko ari incuti ya hafi cane ya Perezida Vladimir Putin.

Yongerako ati: "Mu myaka hafi 20 nari maze ndi nyen'umurwi wa Chelsea FC, namye mbona ko uruhara rwanje ari ukubungabunga uyu murwi, igikorwa nyamukuru kikaba ari ugukora ibishoboka vyose kugira ngo tubandanye tuvyifatamwo neza nk'uko bimeze ubu, ariko kandi no kwubaka kazoza keza k'umurwi, ariko kandi dukora twitangira abanyagihugu bacu".

Ishirahamwe Chelsea Foundation rirongoye ibisata bijejwe ubutabazi n'indero hamwe kandi n'ibindi bikorwa vy'ubutabazi. Umukuru waryo ni umunyamategeko w'umunyamerika Bruce Buck, akaba ari na we arongoye uyu murwi wose.

Igihe ca Abramovich muri Chelsea, uyu murwi watsindiye ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Uefa Champions League) incuro zibiri zose, itsindira ihiganwa rya Premier League n'igikombe FA Cup incuro zitanu zitanu, itsindira Europa League incuro zibiri hamwe na Coupe de la ligue incuro zitatu.

Mu kwa munani 2021, watahukanye igikombe ca Uefa Super Cup hanyuma ukaba wari uherutse gutahukana igikombe ca Club World Cup, ibi bigasigura ko aba ba Blues batsindiye ibikombe vyose muri iki gihe cose umurwi wari mu minwe ya Abramovich.

Mu ntango z'ino ndwi, umushingamateka wo mu mugambwe w'abakozi Chris Bryant yabwiye abashingamateka ko yaronse urwandiko rwo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati ruvuga ko Abramovich adakwiye kwemererwa kuba mu Bwongereza.

Umumenyereza wa Chelsea, Thomas Tuchel yavuze ku wa gatanu ko hari "igipfungu ku bijanye n'ingene ibintu bimeze mu murwi" kubera igitero Uburusiya bwakoze kuri Ukraine.

Ishirahamwe Chelsea Supporters' Trust rivuga ko ryiteguye "gukorana na Chelsea Foundation yaragijwe uyu murwi mu ntumbero yo kubungabunga inyungu z'umurwi n'abakunzi bayo". Rivuga kandi riti: "Turifatanije n'abanyagihugu ba Ukraine".