Thomas Tuchel avuga ko hari igipfungu muri Chelsea kubera igitero ca Russia kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, PA Media
Umumenyereza wa Chelsea Thomas Tuchel avuga ko "hari igipfungu cinshi ku kungene ibintu bimeze mu murwi wacu" inyuma y'aho Uburusiya butereye Ukraine.
Uyu murwi uzwi nka The Blues wegukira umutunzi ruhebwa w'umurusiya Roman Abramovich, umushingamateka wo mu mugambwe w'Abakozi mu Bwongereza akaba yavuze ko reta ikwiye gufata amatungo yiwe.
Tuchel yavuze ibi mu kiganiro n'abanyamakuru yagize imbere y'urukino rwa nyuma rw'igikombe ca Carabao Cup aho umurwi wiwe uzotana mu mitwe na Liverpool ku kibuga ca Wembley ku wa Mungu.
Tuchel. ati: "Ntiduhave twibaza ko iki atari ikibazo.
"Ibintu muri rusangi [muri Ukraine] kuri jewe n'abo dukorana, mbere no kuri bose i Cobham (ikibuga Chelsea isanzwe ikorerako imyimenyerezo), abakinyi, bimeze nabi cane.
"Nta n'umwe yari yiteze ibi bintu. Ni ibintu bigoye gutahura, nk'uko nabivuze biradutesheje umutwe, biratubujije umunezero wacu mu rugendo rwose twakoze gushika kuri finale.
"Kandi bidushira mu mazi abira, ariko bikaba ibindi bintu ku bantu bose n'imiryango yose muri kino gihe begwa n'iki kibazo kudusumvya.
"Igikenewe gusumba ibindi, ni uko twifatanije nabo kandi tubipfuriza amahirwe.
"Hanyuma kandi hari igipfungu cinshi ku bijanye n'ingene ibintu bimeze mu murwi wacu no mu Bwongereza, ariko ku kintu nk'iki, numva ntakwiye kukivugako vyinshi".
Abramovich ni umwe mu batunzi ruhebwa mu Burusiya kandi azwi ko ari incuti ya hafi cane ya Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya.
Umushingamateka wo mu mugambwe w'abakozi Chris Bryant yabwiye abashingamateka ko hari urwandiko yaronse ruva mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati ruvuga ko Abramovich adakwiye kwemererwa kuba mu Bwongereza.
Downing Street ishobora kuba itanezwe n'ivyavuzwe kuri Abramovich mu nama nshingamateka.
Tuchel ati: "Turabizi, kumbure dufise kuba ata makuru menshi dufise kuri vyo nk'uko kumbure mufise kuba muvyibaza".
"Ariko nibaza ko ari uburenganzira bw'umurwi, abakozi, na jewe nyene ndimwo, bwo kutagira uruhande twegamiye muri poritike, tugakora inkino gusa kandi tukibanda ku nkino gusa.
"Si uko dushaka kwinyegeza, ni ikintu kiboneka, ibintu ntibimeze neza na gato, aho ntagushidikanya. Ni uko.
"Kuri benshi, hari haciye igihe kirekire ata muntu yiyumvira intambara i Bulaya.
"Reka turindire. Ariko ingaruka yoyo ntishobora kubura.
"Ariko reka twihangane gato kandi turindire ingingo zizofatwa, hanyuma rero kumbure tuzoheza tuvyige tumenye n'ingene tuvyitwaramwo".










