Lionel Messi yasohowe mu rukino Barca yatsinzwe na Atletic Bilbao muri Super Coupe

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Emlyn Begley
- Igikorwa, BBC Sport
Lionel Mesi yeretswe ikarata itukura ya mbere kuva akinira Barcelone mu rukino batsinzwemwo na Athletic Bilbao 3-2 mu gikombe ca Super Coupe ca Espagne kuri uyu wa mungu.
Messi,mu rukino rugira urwa 753 muri Barca, yasunuye Asier Villalibre mu ma sekunda ya nyuma y'umwanya w'inyongera , ikosa ryabonywe na kamera ifasha abahagarikizi.
Barca yagiye imbere kabiri ku bitsindo vyinjijwe na Antoine Griezmann ariko Atletic ija iragombora buri igihe.
Inaki Williams niwe yinjije igitsindo c'intsinzi.
Bubaye ubwa kabiri Atletic itwara ico gikombe yaheruka mu 1985.
Messi yasunitse rutahizamu Villalibre mu munota ugira 120. Umuhagairikiza ntiyari yabibonye hanyuma aravye kuri video ifasha mu guhagarikira aca asohora Messi.
Uwo mukinyi w'imyaka 33 yari amaze guhabwa ikarata itukura kabiri, hompi akinira Argentine-mu rukino rwiwe rwa mbere akinira igihugu na Hongrie mu 2005 no mu 2019 bakinira ikibanza ca gatatu na Chili muri Copa America.
Ubu ashobora kubuzwa inkino nibura 3 muri Espagne, igihano gifata no mu mahiganwa y'ibindi bikombe.
Urukino ruheze Villalibre yiginye intsinzi mu kuvugiriza urumbete bagenziwe bakiri mu kibuga.
Barcelona habuze gato ngo itahukane ico gikombe ubugira 14, kikaba cari kuba igikombe ca mbere batwaye bemenyerezwa na Ronald Koeman. Cari kuba kandi kibaye igikombe ca Super Coupe kigira 8 kuri Messi, mu gihe gishosbora kuba ikiringo ciwe ca nyuma muri Barcelone kuko amasezerano yiwe azohera muri iri ci ryimirije.
Bubaye ubwa mbere kuva mu 1960 Atletic itsinda Real na Barca mu nkino zikurikirana. Yari yatsinze Real Madrid mu gice ca kabiri gishira ica nyuma 2-1.










