Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
George Weah ati: 'Imirwi myinshi izozimangana' kubera coronavirus
Uwahoze ari umukinyi mpuzamakungu, George Weah, ubu akaba ari umukuru w'igihugu ca Liberia, avuga ko hari igipfungu kuri kazoza k'inkino muri Afrika inyuma ya coronavirus, bikanaboneka ko ata n'icemezo c'uko zizosubira gutohoka.
Ku mugabane wa Afrika, inkino zarahagaritswe nk'uko vyagenze mu bundi burere bwo kw'isi, kubera ikiza ca covid-19.
No mu bihugu bimwe bimwe izo nkino zabandanije, ziba mu kanywababu canke hari abarorerezi bari ku rushi.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru categuwe n'ishirahamwe Africa Sports Ventures Group, uyo yahoze ari umukinyi rurangiranwa kw'isi, Georges Weah, avuga ko ico kiza ari akaga gakomeye, haba ku mirwi yo nyene ubwayo, canke no mu mahiganwa iyo mirwi isanzwe ikinamwo.
Weah ati: "Inkino zibeshwaho cane cane n'abafatabuguzi hamwe n'abishingizi - aho rero ivyo bitari, imirwi myinshi izozimangana, eka n'amahiganwa atari make azohagarara burundu".
Kubw'iwe, iyi coronavirus, ifatanye n'igabanuka rishobora kwibonekeza ry'abishingizi mu gihe amakompanyi ariko agerageza kugabanya amahera akoresha kubera uruhombo rutewe na coronavirus, ni ikibazo gikomeye ku mupira w'amaguru.
Yongerako ati: "Eka naje ndemera ko kazoza k'inkino muri Afrika inyuma ya Covid-19 karimwo igipfungu kandi nta cemezo gihari ko zizosubira kuvyuka. Ikizoba cihutirwa ni uko umupira w'amaguru usubira kunagurwa, co kimwe n'izindi nkino".
Kubw'iwe, ni vyo ko ikizoba ari nkenerwa cane gusumba ibindi ari "ukuvyura ubutunzi, ariko ni nkenerwa ko abarondera amafaranga babona akamaro k'inkino mu buzima bw'abantu".