Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida wa Liberia asaba abanyagihugu gusenga ngo ubutunzi buje imbere
Perezida wa Liberia George Weah yasavye abanyagihugu kwiha amasaha abiri ku munsi yo gusenga ngo Imana ikize ico gihugu ingorane kirimwo z'ubutunzi.
Abemera basabwe gusenga ijoro ryose ku wa Gatanu wa nyuma w'ukwezi, ngo Imana ihezagire leta n'abanyagihugu.
Umuhanuzi wa Perezida mu vy'amadini Rev M Emmanuel Nimely mw'itangazo yasohoye yavuze ko hari icizere cuko ivyo bisabisho bishobora gutuma Imana igarukira igihugu ku bibazo vyo guteza imbere ibikorwa remezo hamwe n'ubutunzi.
Abatelefona kw'iradiyo izwi cane mu kuvugisha abanyagihugu, nta kintu gihambaye babibonamwo.
"Abategetsi bacu ni abanyakibi, ibisabisho nta na kimwe bizodufasha," niko umwe muribo yabwiye ikiganiro The Costa Show, kivugira ku mugwa mukuru Monrovia.
Uwundi yahamagaye, Ousman Bility, yagize ati: "Dushobora kuja mu masengero canke mu misigiti gusenga, dushobora kwiha imyaka 100 yo gusenga, ariko ntibizokunda."
Uwuteramisha ico kiganiro Henry P Costa agreed, yavuze ko ibihugu biteye imbere nk'Amerika, Ubushinwa n'Ubuyapani bitatejwe imbere no gusenga. Vyarakoze, bikoresha amahera neza.
Ariko uwundi muntu yahamagaye mw'ico kiganiro wo muri karitiye ya Doe Community, iri hafi y'ikivuko ca Monrovia, yahakanye yivuye inyuma ivyavuzwe avuga ko ibisabisho bifasha cane ibihugu bikaja imbere.