George Weah ati: 'Imirwi myinshi izozimangana' kubera coronavirus

Weah avuga ko biboneka ko ata kazoza k'inkino muri Afrika kubera coronavirus
Insiguro y'isanamu, Weah avuga ko biboneka ko ata kazoza k'inkino muri Afrika kubera coronavirus

Uwahoze ari umukinyi mpuzamakungu, George Weah, ubu akaba ari umukuru w'igihugu ca Liberia, avuga ko hari igipfungu kuri kazoza k'inkino muri Afrika inyuma ya coronavirus, bikanaboneka ko ata n'icemezo c'uko zizosubira gutohoka.

Ku mugabane wa Afrika, inkino zarahagaritswe nk'uko vyagenze mu bundi burere bwo kw'isi, kubera ikiza ca covid-19.

No mu bihugu bimwe bimwe izo nkino zabandanije, ziba mu kanywababu canke hari abarorerezi bari ku rushi.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru categuwe n'ishirahamwe Africa Sports Ventures Group, uyo yahoze ari umukinyi rurangiranwa kw'isi, Georges Weah, avuga ko ico kiza ari akaga gakomeye, haba ku mirwi yo nyene ubwayo, canke no mu mahiganwa iyo mirwi isanzwe ikinamwo.

Weah ati: "Inkino zibeshwaho cane cane n'abafatabuguzi hamwe n'abishingizi - aho rero ivyo bitari, imirwi myinshi izozimangana, eka n'amahiganwa atari make azohagarara burundu".

Ingingo yo kutegerana isigura ko amahuriro y'abantu benshi - co kimwe n'amahera yahora yinjizwa - bizobura mu kiringo kitari gito

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingingo yo kutegerana isigura ko amahuriro y'abantu benshi - co kimwe n'amahera yahora yinjizwa - bizobura mu kiringo kitari gito

Kubw'iwe, iyi coronavirus, ifatanye n'igabanuka rishobora kwibonekeza ry'abishingizi mu gihe amakompanyi ariko agerageza kugabanya amahera akoresha kubera uruhombo rutewe na coronavirus, ni ikibazo gikomeye ku mupira w'amaguru.

Yongerako ati: "Eka naje ndemera ko kazoza k'inkino muri Afrika inyuma ya Covid-19 karimwo igipfungu kandi nta cemezo gihari ko zizosubira kuvyuka. Ikizoba cihutirwa ni uko umupira w'amaguru usubira kunagurwa, co kimwe n'izindi nkino".

Kubw'iwe, ni vyo ko ikizoba ari nkenerwa cane gusumba ibindi ari "ukuvyura ubutunzi, ariko ni nkenerwa ko abarondera amafaranga babona akamaro k'inkino mu buzima bw'abantu".