Perezida Weah yateye iteka uwahora amenyereza Arsenal, Arsène Wenger

Umukuru w'igihugu ca Liberia George Weah yateye iteka uwahora amenyereza umugwi Arsenal wo mu Bwongereza, Arsène Wenger, mu kumwambika ikidali mu birori vyabereye ku mugwa mukuru Monromvia.

Wenger niwe yabaye umumenyereza w'umupira w'amaguru wa mbere wa Weah ku mugabane wa Buraya, amwinjije mu mugwi Monaco mu 1988.

Munyuma Bwana Weah yahavuye aba umukinyi wa mbere mwiza w'umunyafrika w'umwaka mu matora ya Fifa, yongera aba umuperezida wa mbere yahora mu nkino mpuzamakungu.

Wenger yahawe umudali uri ku rwego rwo hejuru ugereranije n'iyindi midali isanzwe itangwa mu gihugu ca Liberia.

Ariko abanya Liberia ntibavyakiriye neza basigura ko ako gashimwe katari gakwiye guherezwa umuntu ku vyo yakoreye perezida wenyene, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Jonathan Paye-Layleh ari i Monromvia yavuze.

Umushikiranganji ajewe uguhererekana amakuru muri Liberia, Eugene Nagbe yabwiye BBC ko ako gashimwe katatanzwe kubera imigenderanire iri hagati ya Weah na Wenger, ariko ko ari uburyo bwo gushima ko uwo mugabo aturuka mu Bufaransa "yaterereye mu vy'inkino ku mugabane wa Afrika, yongera atuma abanyafrika benshi bashika kure".