Wayne Rooney yafashwe yaborewe muri Amerika yafashe umuti n'inzoga

Ahavuye isanamu, Loudoun County Sheriff's Office
Wayne Rooney yafashwe yaborewe "yataye ubwenge" inyuma yo gufata imiti y'itiro no kunywa inzoga, nk'uko bimenyeshwa n'umuvugizi wiwe.
Uwo yahoze akinira umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza yashikiwe n'ivyo ari mu rugendo mu ndege.
Uwo mukinyi yahoze muri Manchester United yafashwe itariki 16 z'ukwezi kwa cumi na kabiri ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Dulles mu ntara ya Virginia agarutse avuye mu rugendo rw'umusi umwe muri Arabia Saoudite.
Rooney w'imyaka 33 yarishe amande y'amadolari 25 hamwe n'amagarama y'urubanza y'amadolari 91 itariki zine z'ukwezi kwa mbere nk'uko bigaragara ku mpapuro za sentare z'umushikirizamanza w'intara ya Loudoun.
Inkuru zerekeye uwo mukinyi zivuga:"Ari mu rugendo mu ndege Wayne yafashe imiti yari yategetswe n'umuganga aca anywa n'inzoga, bikaba vyatumye ata ubwenge ashitse ku kibuga c'indege.
"Igipolisi camuhagaritse ameze uko, yagirizwa ikosa rito cano ryo kutubahiriza umutekano.
"Yaciye acibwa amande aho nyene asanzwe aca ararekurwa inyuma y'umwanya muto ku kibuga c'indege.
"Wayne arashimira abo bose bagize uruhara muri ibi bintu."
Rooney ubu akinira umugwi wa DC United wo mu cicaro cambere mw'ihiganwa ryo muri Amerika na Canada, yagirijwe ikosa ryo ku rugero rwa kane, ihadabu idashobora kurenga amadolari 250.
Uwo mukinyi w'imbere yimukiye muri Amerika mu kwezi kwa gatandatu mu 2018 inyuma yo gushira umukono ku masezerano y'imyaka itatu na DC United.
Rooney yarafashije uwo mugwi gushika mu nkino zo gukuranamwo, aho batsinzwe urukino rwa mbere, uwo mukinyi yahoze muri Everton akaba yarahushije penalite mu rukino rwabahuje na Columbus Crew.
Inkuru ziva mu mugwi wa DC United zivuga:"Turazi inkuru zivugwa ko Wayne yafashwe mu kwezi kwa cumi na kabiri.
"Turazi inyota y'ibimenyeshamakuru yo gushaka kumenya ivyerekeye iyi nkuru ariko twibaza ko iki ari ikibazo kiraba Rooney gusa, DC United ikazocihweza yishimije amategeko agenga uwo mugwi. Nta kindi kintu dufise twobivugako."










