Ishirahamwe FA ririko ritegura urukino rwo gusezera Wayne Rooney

Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza ririko ritegura urukino rwo gusezera umukinyi Wayne Rooney yakinira umugwi w'igihugu na Manchester United, mu rukino ruzohuza Ubwongereza na Leta Zunze ubumwe za Amerika.
Ishirahamwe FA rivuga ko rizotoza ico gihe intererano zigenewe ikigo uwo mukinyi w'imyaka 33 yatanguje "The Wayne Rooney Foundation international".
Abafana basabwa gutanga intererano zabo igihe bazoba bagura amatike y'urwo rukino rutegekanijwe itariki 15 ukwezi kwa 11 ku kibuga ca Wembley.
Rooney, akina muri kino gihe mu mugwi DC United muri Amerika yinjije ibitsindo 53 mu nkino 119, akaba yaheruka gukinira umugwi w'Ubwongereza bahura na Ecosse mu kwezi kwa 11 mu 2016.
Umuvugizi w'ishirahamwe FA yavuze ati: "Amahera tuzokura mu rukino hagati y'Ubwongereza na Amerika azoja mu kigega c'inkino z'Ubwongereza. Ariko kugira ngo duhe icubahiro Wayne Rooney n'ingene yitanze vy'umwihariko akinira Ubwongereza, tuzofasha mu gutoza amahera y'ikigo Wayne Rooney Foundation muri urwo rukino."
Hazotangwa amakarata y'abiyemeje guterera mu bibanza vyo kwakiriramwo abashitsi, habe n'igihe c'agacerere, mu nyuma hatunganywe akavunamusase kazobera i Wmbley mu 2019, bifashwe mu mugongo n'ishirahamwe FA.
Amatike 40000 niyo yagurishijwe ku munsi wa Mungu yanditsweko ko ari ay'urukino rwa kivandimwe rwo gutera iteka uwahora ari umusatirizi wa Manchester United, Wayne Rooney.
Amaze kwimukira muri Amerika, Rooney yinjirije ibitsindo 12 umugwi DC United, atuma uva mu kibanza ca nyuma mw'ihiganwa rya "Major League Soccer" (MLS).










