Brezil n'Ububiligi mu gice ca kane gishira ica nyuma

Ahavuye isanamu, Reuters
Neymar yagaragaye cane mu rukino rwabahuje na Mexique aho Brezil iriko irarondera gutwara igikombe c'isi ku ncuro ya gatandatu.
Uwo mukinyi rurangiranwa yafashije Brezil gutsinda Mexique ibitego 2-0.
Mexique yasatiriye cane abakinyi binyuma ba Brezil, ariko ku rundi ruhande Neymar yateye imipira myinshi mw'igoli rya Mexique igihe cose habonetse akanya.
Gushika ubu, Neymar amaze gutera mw'iguri imipira 23, cumi n'ibiri muri iyo ikaba ari yo yafashwe n'abanyegoli.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mukinyi rurangiranwa wa PSG yerekanye ubumenyi bwiwe mu mupira w'amaguru mu gutanga akaryo ko kwinjiza incuro 16, gusumba abandi bose bamaze kwinjiza muri iki gikombe c'isi.
Mexique yatanguye urukino igerageza umukenyuro yakoresheje mu gukuramwo Ubudagi mu kwinjiza igitego hakiri kare gukinira kw'igoli.
Ugukinana neza hagati y'umunyegoli wa Brezil Alisson Becker n'abakinyi b'inyuma Thiago Silva hamwe na Miranda vyatumye umukenyuro wa Carlos Vela na Javier Hernandez azwi kw'izina rya Chicharito utagenda neza.
N'aho iyo migwi yose yagerageje gushika mw'igoli, igice ca mbere carangiye ari ubusa ku bundi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igice ca kabiri:
Brezil yagarutse mu gice ca kabiri yazikenyeye kugira iro igitego hakiri kare.
Neymar, yaronse umupira mwiza uciye imbere y'abakinyi b'inyuma bari batonze imbere y'igoli harimwo n'umunyegoli Ochoa, aca awutera mw'igoli.
Mexique nta ko itagize kugira igombore ico gitego ariko birananirana.
Hasigaye iminota ibiri ngo urukino rurangire, Firmino yari ahejeje kwinjira mu kibuga yatsinze igitego ca kabiri ca Brezil.
Mu gice ca kane gishira ica nyuma, Brezil izohura n'Ububiligi bwatsinze ibitego bitatu ku busa Ubuyapani.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iyo migwi yamaze igice ca mbere ata n'umwe utsinze uwundi.
Mu gice ca kabiri Ubuyapani bwaje bwazikenyeye butsinda ibitego 2 vyose bwikurikiranya.
Mu nyuma Ububiligi bwagomboye ivyo bitego vyose mbere bunatsinda ico intsinzi mu minota y'inyongera.










