Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gabaniro muri Rumonge hasa gute inyuma y'umwaka umusozi urindimutse?
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru
Claudine Ntakarutimana namusanze imbere y'inzu bapanze ariko yoza utwombo dukeya bahawe n'abagiraneza.
Hirya gato hahagaze umugabo wiwe Jean Bosco Habonimana.
Bariko baraganya biyumvira ico baja kugaburira abana babo batandatu.
Ni igihe c'isaha zitanu z'igitondo. Ibicu vyafutse ikirere. Imvura igomba kugwa. Ikirere gisa n'umunsi ijuru ryabubamako.
Cibutsa Claudine na Jean Bosco ko hageze isabukuru y'umwaka kuva bahuye n'akaga.
Umugoroba w'igenekerezo rya 19 Ndamukiza umwaka wa 2024, ni ntibagirwa ku miryango hafi 500 yo ku mutumba Gabaniro, zone Gitaza, komine Muhuta yo mu ntara ya Rumonge.
Imisozi yararindumutse, imirima, amazu, ibitungwa n'ayandi matungo birazimangana.
Mu mezi ya mbere, iyi miryango yegeranirijwe kw'ishure ry'imyuga ryo mu Gitaza. Ariko mu nyuma yarakuweho irungikwa gupanga ibanje kwemererwa amafaranga yo kubaho no kuriha inzu.
Ariko ivuga ko kuva ishitse mu buzima bwo gupanga, umwe umwe wose wahawe amafaranga ibihumbi 130 gusa.
Abaganiriye na BBC Gahuzamiryango bavuga ko ayo mahera yabaye make cane bagereranije n'ingene ubuzima bugenda buzimba.
Bemeza ko ubu babayeho mu buzima bubi cane.
Uhagaze imbere y'inzu Claudine na Jean Bosco babamwo, urashobora kubona abana iyo bicaye mu nzu. Bari impande y'imbabura iteretseko agasafuriya gatoya.
Ni icumba c'imetero zine kuri zitatu. Ni naho abo bana, bagizwe n'abahungu bane n'abakobwa babiri, barara ku mikaze.
Indaha (udusaho) aba bana babikamwo udukaye n'utundi twa nkenerwa twabo usanga ziriko zenena ku ruhome. Zimanitse ku misumari.
Jean Bosco ahejeje kumpa ikaze, yaciye atangura kunsigurira ingene babayeho.
''Hari ishirahamwe ryaduhaye amafaranga yo gupanga. Baduhaye ibihumbi 132 vy'amezi atatu. Nta yandi mahera baduhaye. Dutunzwe no guca ingero.
"Mfise abana batandatu. Bose baryama aha nyene muri iki cumba ari naho twakiriramwo abashitsi. Abahungu barara kuri urwo ruhande, aho ubona agakaze. Abakobwa baryama aha.
"Natwe turara muri karya kumba. Novuga ko turyama mu rusobekerane kuko urabona ko ari hato cane. Turyama kuri utwo dukaze kandi urabona ko twatabaguritse. Ni nko kurara hasi".
Kugira umuryango wiwe uronke ico ufungura, Jean Bosco aja gukora ibikonkwane. Ahereye mu gitondo ca kare ariko ararimira umuntu gushika isaha cumi n'imwe z'umugoroba, ahembwa ibihumbi bitanu.
Avuga ko ayo mahera adaheza ngo akwire agiye kuyasumisha. Aho rero ntavuze ivyo kuriha inzu.
Umuryango wa Jean Bosco wahoze utunzwe no kurima ukaronka ivyo ufungura n'ivyo ushora.
Ariko kuva imisozi y'i Gabaniro irindimutse ntibemerewe gusubirayo. Inzego z'igihugu zasiguye ko ari mu ntumbero yo gukingira abenegihugu.
Claudine Ntakirutima, umukenyezi wa Jean Bosco, avuga ko atabona ingene bazobaho mu gihe ata n'imfashanyo y'imfungurwa bariko bararonswa.
Yabwiye BBC Gahuzamiryango ko basavye inzego ngo zibareke barime n'utugori ariko ngo zarabankiye.
'Mu kurima turiyomba'
N'aho biri uko, hari abarya umutima amenyo bakaja bariyomba baja kurima n'ubwo ari uturima duto duto. Umwe muri bo ni Venerando Ntawuyamara.
Yagiye kunyereka ahari akarima kiwe k'itomati. Tuva aho apanze, twagiye nk'urugendo rw'iminota 45. Ahantu haduga cane.
Aho uca hose ugenda ubona ibihomoka vy'imisozi canke imirima y'ibitoke.
Ico utoshobora kumenya batakikubwiye, ni uko iyo mirima aho iri muri iki gihe atari ho yahoze.
Venerando avuga ko yashungurutse iva ruguru izananye n'umusozi. Aho umusozi wahagarariye, ni ho iyo mirima yaciye iguma.
Inyuma y'iminota 45, twahavuye dushika ahari ka karima kiwe. Gafise nka metero zitanu kuri zitanu. Hepfo, gafatanye n'uwundi murima w'ibitoke.
Venerando ati : ''Uwu ni wa murima wanje. Kandi wihweje neza, no ngaha harasyegenye harashunguruka. Kera iwanje hari harya haruguru. Ngaha naje nkurikira ivyo bitoke vyanje".
"Nk'ivyo bitoke mu bisanzwe bigeze ku wo twari twaguze. Bigeze iwe. Imetero zagiye ni nyinshi".
Uko kuntu isi yagiye ishunguruka ikimuka, vyatumye haduka ikibazo kijanye no kumenya uwufise uburenganzira bwo gusoroma. Venerando avuga ko babiganiriye n'uwo bahereranye baramvyumvikana. Yagumanye uburenganzira bwo guca ibitoke vyiwe.
"Ariko twumvikanye ko mu misi tuzoraba ingene twohagabura, n'aho umwe wese yotwara gatoya, ntaco azoshima ako. Ntawoshobora kuronka ahangana n'aho yari afise ubwa mbere kuko haritunye".
Venerando avuga ko n'ubwo yubahutse akaza kuhateragira udutomati kwabaye kwiyomba kubera batarekuriwe kuhagaruka.
Tuhahageze yaguma yeraguza, bikaboneka ko afise ubwoba. Yemeza ko komine yababujije kuhagaruka. Ngo ibabwira ko hataraguma kandi ko bashobora kuhagirira ayandi masanganya.
Juvent Banzirabose yahoze aba nko ku metero 200 hepfo ya Venerando.
Namusanze aho ahagaze yijiriwe. Ndamubajije ico ariko ariyumvira yaciye atangura kunsigurira ibijanye n'inzu ziwe zanyitse. Ubu nta kimenyetso na kimwe cerekana ko hahoze inzu.
Avuga ko hahoze inzu zine. Imwe yararamwo abahungu biwe batatu. Iyindi ikabamwo abakobwa. Iya gatatu yabamwo Juvent n'umugore wiwe, mu gihe iya kane bayakiriramwo abashitsi. Ubu hari ishamba ry'imirima n'ibitoke.
Yabwiye BBC ati: "Iyo ndahashitse nca numva amosozi ariko arakoroka. Nca nibuka ingene iyo mpanze baguma banyirukako ngo zana amahera y'inzu. Urabona ingene aha habaye. Ni amabanga wa muntu we…
"N'utu duharage twajejaguye kwabaye kwiyiba, bari batubujije. Nta n'uwateye ibiro bibiri. Nta mahera dufise".
Abo banyagihugu basaba intwaro kubareka kugira barime ukuri kwamye kumwe vyari kera.
Kirazira gusubirayo
Mu buyobozi bw'intara ya Rumonge bashimangira ingingo yafashwe ku rwego rwa komine.
Abdul Ntiranyibagira, umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari, avuga ko ingingo yafashwe hisunzwe ukuntu iyo misozi idatekanye, bikaba biboneka ko umwanya n'umwanya ishobora gusubira kurindimuka.
N'ubu yemeza ko ata wurekuriwe gusubirayo n'aho yoba agiye gutora amabati y'inzu yiwe canke ibindi vyose yoba yarasizeyo.
Ati: "Nta n'umwe twipfuza gutakaza. Harya i Gabaniro ni ahantu habi, nta n'umwe yipfuza kuhasubiza umwenegihugu. No kurima kirazira kikaziririzwa.
"Kirazira kuko ntituzi ivy'urya mutumba ingene bishobora kugenda. Mbega nk'ubu bosubirayo bigaca bisubira kurindimuka bikabahitana, ni nde yobibazwa?"
Abdul Ntiranyibagira amenyesha ko inzego ziriko ziriga ingene bobimurira ahandi bose. Ingorane nyamukuru yabaye ngo ni uko muri komine Muhuta ata matongo ya reta ameze neza ahari.
Bisigura ko bazokwimurirwa mu zindi komine.
Uburundi ni kimwe mu bihugu vyo mu mu karere k'ibiyaga binini vyahuye n'ingaruka zikomeye zijanye n'ihindagurika ry'ibihe muri iyi myaka ibiri iheze.
Nk'uko bishikirizwa n'amashirahamwe ya ONU araba ibijanye n'abari mu kaga, kuva mu mpera z'umwaka urangiye, abanyagihugu barenga ibihumbi 300 ni bo bamenyakanye ko bari mu kaga muri iki gihugu kubera ibiza.
Aho muri komine Muhuta, Abdul avuga ko abari basanzwe bafise amatongo ahandi bo bamaze kugenda. Ngo basavye kwubakirwa gusa. Asigura ko ubu hariko higwa ikibazo c'abasigaye, ariko ntavuga ingene bangana.
Yamara Venerando avuga ko bitumvikana kubabuza kuja kurima mu gihe atawuriko arabagaburira. Yibutsa ko ari ho bavukiye ata handi bafise baja.
Ati: "Baranadukuye ku rutonde rw'abafashwa. None nk'aka karima ubona hari ico kazomfasha? Ubu dufungura rimwe ku musi. Naho nyene si imisi yose''.