Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abarenga 2.000 mu kangaratete kubera umusozi wabo wahindimutse
Umwana umwe w'imyaka itanu yaraye apfuye, abanyagihugu barenga 2.400 nabo ubu bakaba batagira aho bakika umusaya.
Ni inyuma y'aho umusozi wabo wa Gabaniro uhindimukiye ugashunguruka muri zone Gitaza ya komine Muhuta mu ntara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero bw'Uburundi.
Ku bw'umukuru wa komine Muhuta Niyonsavye Scholastique, ubu imihana irenga 375 nta n'umwe ukiboneka.
''Umutumba wose wa Gabaniro warahindimutse'' ujana n'imirima ingana na hegitari zirenga 500 (500ha), nk'uko yabwiye BBC Gahuzamiryango.
Vyabaye nk'isaha cumi n'imwe z'umugoroba.
Amasanamu ahererekanywa ku mbuga hwaniro yerekana ibivu biriko birahindimuka abanyagihugu barorera bakoma induru batabaza.
Umukuru wa komine Muhuta avuga ko ubu abanyagihugu 2.485 baraye kw'ishure Ecofo Kirasa ata na kimwe bafise mu vya nkenerwa, barindiye abaza kubagarukirako.
Imirima yabo yose yaraye ijanye n'uwo musozi. ''Bari bejeje ivyamwa'' nk'uko Musitanteri Niyonsavye avuga. Ako karere gasanzwe kavamwo mandarine n'imicungwe myinshi, ubu hakaba hari mw'iyera ryavyo. Iyindi mirima yari igizwe n'ibigori, ibihage, imyumbati, amateke n'ibigazi.
Amazu ya projet Kirasa Energy yose yasambutse
Umwe mu baba aho azwi ku gatazirano ka Madio avuga ko ''ku musozi wa Gabaniro ari nk'aho ata nzu n'imwe isigaye ihagaze. Hari n'aho utomenya ko higeze guhagarara inzu''.
Mu mazu yaraye asambuwe n'uwo musozi harimwo aya Projet Kirasa Energy, umugambi wariko urubaka urugomero rw'umuyagankuba ku ruzi Kirasa ruri muri ako karere.
Ayo mazu yose hamwe yari 12 yari akiri mashasha ntiyari bwinjirwe. Niyo abakozi b'iyo projet bobayemwo.
Imisozi yo muri ako karere irakunda guhindimuka. Bituma ibarabara rya Bujumbura Rumonge (rizwi nka RN3) ryamana ingorane zo guhita neza kuko imisozi ikunda kurisenyukiramwo.
N'ubu abanyagihugu n'ikigo c'igihugu kijejwe amabarabara bazindutse barakura ivyasenyukiye muri iryo barabara kugira uruja n'uruza rushobore kubandanya.
Ivyaraye bishitse bihuriranye n'uko hari haheze iminsi ibiri reta y'Uburundi n'uwuhuza ibikorwa vy'amashami yose ya ONU mu Burundi basohoreye hamwe itangazo basaba amakungu gufasha igihugu guhangana n'ingaruka z'ibihe.
Ni mu gihe Uburundi -n'akarere- ubu bwugarijwe n'igihe kizwi nka El Niño kijana n'imvura nyinshi ituma inzuzi n'ikiyaga Tanganyika vyuzura, imisozi ikishika igasenyuika, bikarushiriza guhitana abantu no kwonona ibintu.
Ariko itangazo rya reta y’Uburundi na ONU rivuga ko Uburundi bumaze iyi myaka 20 iheze buhungabanywa na bene ivyo bihe n’ibirere bishika ku rugero rudasanzwe nazo ingaruka zavyo zikarushuriza kuba mbi.
Uburundi ngo busanzwe buri mu bihugu 20 kw’isi bifise intege nke mu guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.