'Turyama turiko turaganya ko Rusizi buca rutubomokeramwo' - Umunyagihugu wo mu Gatumba

Abanyagihugu bo muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura bahisemwo kwifatira kazoza kabo mu minwe ku kibazo c’uruzi Rusizi rwama rwabateye.

Zone Gatumba ibamwo abanyagihugu barenga ibihumbi mirongo itatu.

Bavuga ko inyuma y’umwaka urenga bariko baratakambira reta ngo ibubakire idigi (digue) ishobora gutângīra imyuzure iterwa n’uruzi Rusizi ata kivamwo, bahavuye bafata ingingo yo kuyiyubakira n’amaboko yabo bakoresheje uburyo bahambije.

Cecile, umugore w'imyaka 48 aba mu Gatumba avuga ko abanyagihugu bose bavuye hasi kugira bigwaneko.

Agira ati: ''Ubu ivyo tugezeko, kuva aho twamaniye intekera ku mutwe, abanyagihugu n’urwaruka twahagurutse... amazi yagumye udutera tugatabaza ngo badufate mu mugongo tukabura.

« Ubu rero turiko turavyikorera. Kubera turindiriye abodufasha, n’ubundi amazi yoguma adutera »

Mu kwubaka iyo digi itangira amazi y'uruzi Rusizi, biciyemwo imigwi ibiri, bagaca bakora ico gikorwa kabiri mu ndwi, ku wa kane no ku wa gatandatu.

Haba hakoraniye abagabo, abagore, imisore n’inkumi eka mbere n’abana.

Hari n’abageze mu za bukuru usanga bitavye ivyo bikorwa.

Sipiriyano Bagumako avuga ko barinze bafata iyo ngingo ari uko barindiriye ababafasha bakabura.

Ati : « Harageze igihe baja baratwizeza y’uko uyu mwuzure bazowudukorera bakazana imashini kugira ngo zikore idigi ishobora gucungera iyi myuzure iterwa na Rusizi.

«Ariko ntivyahavuye ngo bikunde, hahava rero hafata ingingo y’uko twotanga inguvu zacu tukaraba ico twokora abatwunganira bakatwunganira babonye aho tugeze »

Ivyo bikorwa bibera ku metero nka 40 uvuye ku nkengera y’uruzi Rusizi.

Baza batondanye amasuka n’amagunira bapakiramwo umusenyi n’ivu, bagaca bayigerekeranya ikamera nk’uruhome.

Feza Ntacoripfa afise imyaka 63 ariko aba ariko arafashanya n’abandi n’aho atanguye gusaza.

Ati: ''Barimba ibivu tugashira mu mifuko. Ndabishobora ! ndabishobora ! none ga dawe tugire gute ? Turabe ko twomara n’imisi ingahe turi ngaha.''

Mu ntango z’ukwezi kw’icumi 2023, urwego rw’igihugu rujejwe guhangana n’ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ibiza rwatangaje ko muri iki gice ca mbere c’irima (agatasi) hazogwa imvura irenze urugero, rugabisha ko izokwonona ibintu bitari bike.

Zone Gatumba iri mu turere urwo rwego rwemeje ko tuzokorwako n’iyo mvura.

Jean Muyoboke ayirongoye asigura ko ari yo mvo baciye bihutira kwikingira. Ariko ngo nta buryo bukwiye bafise.

Agira ati : ''Abenegihugu bariyungunganya bo nyene bakazana imifuko.

''Baragenda kw’isoko ari nk’uwufise ibihumbi cumi akazana imifuko y’ibihumbi cumi. Ari uwufise bitanu akazana. N’uno musi hariho uwaduhaye imifuko cumi, hariho uwaduhaye imifuko itanu, arayizana aha nyene ku kivi.

''Hariho ahantu tugenda tubona ko hari ibinogo binini n’ahandi tubona ko bipfuma. Rero nk’aha turamaze gukora nk’ikirometero n’inusu. Twipfuza kuzokora nk’ibirometero bibiri canke bibiri n’inusu.''

Ahantu hose amazi ashobora gushika ni ukuvayo -reta

Mu kiganiro c’abashikiranganji ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu cabereye i Gitega, ku mugwa mukuru w’Uburundi, itariki 6 z’ukwezi kwa cumi 2023, Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yavuze ko ababa aho umwuzure ushobora gushika bavanwayo.

Yagize ati : ''Sinzi y’uko amadigi twoshira kuri Rusizi azoca abuza amazi ya Tanganyika kuduga. Icibonekeza, amazi ya Rusizi araza akabura iyo yisuka muri Tanganyika, agahura Tanganyika na yo yaduze agaca asanzara mu mazu y’abenegihugu.

''Ingingo itegerezwa gufatwa mu Gatumba ni uko abari ahantu hose amazi ashobora gushika bose bakurwayo bakaja aho amazi adashobora gushika.''

Muri mwaka wa 2021, imyuzurira yateye muri zone Gatumba yatumye abanyagihugu bari mu miryango iharurwa mu bihumbi n’ibihumbi bata izabo.

Amazu, amashure n’amashengero vyarabomotse.

Bamwe mu banyagihugu n'ubu baracari mu kaga abandi baracari mu nkambi aho begeranirijwe.

Umutakamazi Feza ati: ''Twama turyama turiko turaganya tuti Rusizi buca rutubomokeramwo kandi. Rero, Sebarundi natugirire inguvu, adutabare.''