Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
‘Amabanga y’abubakanye yo twarahevye’- abomowe n’ihindimuka ry’umusozi muri Muhuta
''Ntako vyokunda kuko urabona abagore bari ukwabo, abagabo bakaba ukwabo''. Moise Maronko abivuga atwenga. Ariko ni kimwe mu vyerekana ko ubuzima butasubiye kuba uko bwahora kuva yomowe n’ihindimuka ry’imisozi ya Gabaniro muri zone Gitaza ya komine Muhuta mu ntara ya Rumonge mu bumamuko bushira uburengero bw’Uburundi.
Uwo mugabo ari mu myaka 30 irenga akagira umugore n’abana bane haciye ukwezi n’indwi imwe yomowe n’ihindimuka ry’uwo musozi wahitanye amazu n’imirima urajaniranya.
Kuva ico gihe, we n’abandi b’imiryango yababa 500 babayeho nk’impunzi.
Ni abantu barenga ibihumbi 2.000 ubu bameze nk’abatakigira iwabo. Bahungiye kw’ishure ry’imyuga rya Gitaza, ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika ku birometero bitatuuvuye aho bahora baba.
Mu gisigaye ari nk’ikambi y’impunzi babamwo, kimwe mu bibazo bafise n’ingene baryama.
''Aho kuryama ni ho hagoye'' niko Moise Maronko avuga kuko ngo baryama mu mashure aho ''abagore baryama ukwabo n’abagabo ukwabo, ariko mw’ishure rimwe''.
‘’Rero abana turararana, n’abo bitari bikwiye ko murarana. Ni yo ngorane ihari’’.
Ariko aratwenga, abandanya agira ati: ''Ivy'amabanga y’abubakanye vyo twarahevye. Nta ko vyokunda kuko urabona abagore bari ukwabo, abagabo bakaba ukwabo. Ntivyokunda kuko urabona haba hari n’abana, uruja n’uruza rudasanzwe…''
Ku bindi vya nkenerwa vyo kubaho ntibidoga cane.
Belyse Izerimana, umugore w’abana batatu, we aba mu kazu k’imbaho.
Ariko arakaranga ivyo kurya, abana bicaye iruhande bamira amate, avuga ko ubu ibintu bigendeka. Yaronse udufaranga mbere aragura n’itomati zo gutegura imboga baja gukoza ubugari bw’ibigori. Avuga ko bahabwa ivyo gufungura bibamaza iminsi.
Ati: ‘’Baraduha umuceri, bakaduha ibiharage, baraduhaye ibigori, n’ibindi’’.
Vuba kandi abo bateshejwe izabo bashobora kuzova muri ubwo buraro bw’ikivunga. Ubushikiranganji bwo gushigikirana bwararungitse ibiti n’imbaho bikenewe kugira babubakire.
Mu gihe muri iyi misi havugwa ikiza c’indwara ya cholera mu burere butandukanye bw’ikiyaya c’Imbo, muri iyo kambi biraboneka ko ico kibazo bacitayeho.
Iyi site yararonkejwe amazi akwiye. Hari amatangi abiri manini y’imfatakibanza. Abanyagihugu baguma banyuragiranwa kuvoma.
Therence Mbwiruwumva, umwe mu baba muri iyi site, ntahisha umunezero.
''Aya n'amazi meza twazaniwe na Croix Rouge. Ni ukuri aradufasha rwose. Iyo ataba aya mazi mbere ngira tuba tumaze no kwandura ingwara zitandukanye, mu kwezi kurenga tumaze ngaha.
Hari amatangi y'amazi abiri rimwe rimwe ryose ry'amaritiro 10.000 akuzuzwa gatatu mu ndwi.
Kwama barikanuye
Mu ntumbero kandi yo kugwanya indwara, muri iyi site harashizweho imisarani ishobora kwunguruzwa (toillettes mobiles).
Jean Pierre Mpawenimana umwe mu bakurikirana ivy’iyo misarani avuga ko bahashize imisarani 30. Mu kuyigirira isuku no kuyibungabunga, baciye baha akazi abanyagihugu b’aho muri site nyene.
Avuga ko umuntu avuye mu musarani abakozi baca binjira bakawusukura neza.
Ihindimuka ry’imisozi yo muri Gabaniro ryari ryatumye n’imirimo y’amashure yo kuri uwo mutumba ihagarara. Ubu yarasubiriye gutangura. Yamara, abana n’abavyeyi imitima iguma iri mu mutwe.
Umwe mu banyeshure avuga ko babwiwe kwama barikanuye. Ngo babonye imvura ikuvye, basabwa guca bavuza ikengeri canke ingoma kugira abana bose batahe. Amasomero bigamwo ari musi y’umusozi.
Ikiringo aba banyagihugu bazomara muri iyi site ntikizwi. Ariko ikiboneka, haratanguye umugambi wo gutanga amafaranga ku bashoboye ubuzima bwo gupanga kugira bimuke.
Espérence Barakamfitiye nawe nyene ari mu bamaze kuyaronka. Avuga ko yahawe ibihumbi 132 azokoresha amezi atatu.
Ati: ''Duca tuja gupanga, turabe aho twokika umusaya, turabe aho tworyama n’abana…''
Na Marceline Ndarurinze w’imyaka 70 ari mu bayaronse. N’ubwo ashima avuga ko bakwiye kubaronsa n’utundi twa nkenerwa nk’intebe, ibitanda, amasafuriya n’ibindi.
Uwo mukecuru avuga ko hari abo usanga bifitiye nk’agatongo ahandi, atari ku mutumba Gabaniro. Asaba ko bokwubakirwa bagahabwa n’amabati.