Burundi: Mu gihe imvura yatasuye, abanya Gatumba bariko bitegurira guhangana n’imyuzure

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bujumbura

“Aha turiko turabetonna [gushiramwo isima ] mu mushinge kugira amazi niyaza azoce asubira inyuma, ntazohitane inzu zacu ngo zibomoke”, aya ni amwe mu majambo Manweri Ndikumana yambwiye.

Namusanze ku muhana iwe, muri karitiye ya Mushasha, zone Gatumba, komine Mutimbuzi, ariko aratunganya inzu yiwe kugira izoshobore guhangana n’imyuzure ishobora kwaduka umwanya uwo ari wo wose kubera imvura yatasuye.

We n’abandi banya Gatumba bibaza ko hashobora kwaduka iyindi myuzure nk’uko vyabaye mu mpera z’umwaka uheze no mu ntango z’uwu mwaka.

Mu kirato c’ingamiya, umwiko mu ntoke, ahagaze no mu bishanga (ivyondo vyinshi), Manweri w’imyaka 42 avuga ko igiti kitomukora mu jisho kabiri.

Yemeza ko ivyabaye mu ntango z’uwu mwaka wa 2024 vyabashikiye batiteguye.

Agira ati : “Dushaka ko amazi azoza asanga amazu akomeye. Vyaraduhaye icigwa kubera amazu menshi yabomaguritse [mu ntango z’umwaka] ata sima yari ikaze yarimwo. Ntitwari twiteguye”.

Manweri ariko afadikanya iki gikorwa n’iyindi misore ibiri ivanga isima n’umusenyi.

Hirya gato, Bosco Minani na we nyene ariko arakomeza impome z’inzu y’iwabo mu kuzisiga isima ku ruhande rwo hasi.

N’ubwo yemeza ko isima ibazimba cane bigatuma bakoresha nkenke, arizeye ko izobafasha gukingira inzu zabo kuri uno mutasuro.

Agira ati:“Amazi iyo aje agahura n’agasima gakomeye ni mitende, inzu yawe iguma ihagaze”.

Ushitse muri zone Gatumba, uca ubona ko ugeze mu karere kasinzikajwe cane n’imyuzure. Uruja n’uruza rw’abantu ni ruto cane ugereranije n’uko vyari vyifashe mu mwaka uheze. Abantu bajumarariwe.

Ubona kandi irya n’ino inzu zabomaguritse. Hamwe, amazi ntarasubira inyuma. N’inzu zitari nke ziracari mu mazi.

Abafise uburyo, barahavuye barubaka ibiraro vy’imbaho bica mu kirere biva kw’ibarabara bigashika ku mihana iwabo.

N’abana batoya baramaze kubimenyera. Usanga bariko barabikinirako ataco binona.

Aha mu Gatumba, bamwe baracaba mu mahema.

Akarorero ni Mwamvua Nzeyimana w’imyaka 76. Aba mu kazu k’ihema ka metero zibiri kuri zitatu. Aka kazu kari kuri metero 30 uvuye kw’ibarabara rikuru. Hirya y'ako, uhabona utundi tuzu dutatu tw’amahema.

Akazu ka Mwamvua ukinjiyemwo wakirwa n’ivyondo vyinshi. Nturonka aho uhonyora. Imibu iguma iduma. Umwanya wose, naguma nikubita ku maboko ngerageza kuyirukana.

Udusahani, udukombe, utuyiko n’udusafuriya hamwe n’utundi twa nkererwa, Mwamvua adushingura ku gitanda.

Kugira ivyondo biri muri aka kazu ntibimubuze gukinjika, agerekeranya amabuye ku buryo imbabura ija mu kirere.

Avuga uko abayeho, agira ati:“Ubuzima ntibworoshe. Mfise utu dusafuriya dutatu gusa. Kandi urabona ko ari duto duto.

“Kuva amazi adutera nta mugiraneza aradufasha. Kugira ndonke ico mfungura nja guca ingero mu mirima, ngize Imana bakampa nk’ivyo bitanu, ni vyo nca nkoresha”.

Mu Gatumba ubuzima ntibworoshe namba. Ubutunzi n’imirimo vyarasenyutse. Ibintu vyose birazimvye cane.

Myinshi mu miryango ivuga ko yaherewe, mbere n’abana biga birashika ngo bakava kw’ishure ntibaronke ico bafungura.

Jacqueline Barakamfitiye ni umuvyeyi w’abana bane. Namusanze yicaye imbere y’akazu k’ihema babamwo ahoze cane, umwana wiwe w’umukobwa na we avuye kw’ishure.

Ndamubajije igituma ahoze, yambwiye ko ariko yiyumvira ico amugaburira.

Ati: “N’abana biga ntibaronka ico bafungura. Ntubona nk’uwo, avuye kw’ishure. Nakopesheje inusu y’agafu ni ko ngomba ncumbe dufungure.

“Turya rimwe ku musi, nk’ubu turiye ntidusubira”.

Jacqueline avuga ko iyo imvura iguye batoroherwa kubera utwo tuzu tw’amahema tuva. Avuga ko n’iyo haje umuyaga ibintu bitoroha na gato.

Zone Gatumba ni kamwe mu burere bw’Uburundi bukarirwa cane n’imyuzure ikomoka ku kiyaga Tanganyika no ku ruzi Rusizi.

Iyiheruka yabiciye bigacika yaguye kuva mu mpera z’umwaka uheze wa 2023 gushika mu kwezi kwa gatanu uno mwaka wa 2024.

Iyi myuzure yahitanye amazu aharurwa mu bihumbi, imiryango isinzi ija mu kaga. No ku ruhande rw’igisagara ca Bujumbura, amazu aharurwa mu bihumbi ari ku nkengera za Tanganyika yaratwawe, bene yo basigara baturatura.

Reta yaragerageje guhungisha imiryango irenga 1700 yo muri zone Gatumba yari igeramiwe kurusha iyindi. Yayijanye i Matyazo muri komine Mubimbi, intara ya Bujumbura.

Reta n'amashirahamwe aharanira ibidukikije bariko bakora iki?

Abahinga mu bijanye n’ibidukikije babona ko ivyakozwe bidakwiye.

Ingaruka zijanye n’ihindagurikira ry’ikirere zibonekeje kuva mu mpera z’umwaka uheze ntizakoze ku gisagara n'intara vya Bujumbura gusa. Zigaragaje mu gihugu cose.

Amashirahamwe akukira ONU akora muri iki gisata yashoboye guharura abanyagihugu barenga ibihumbi 300 bisanze mu kanga kubera ivyo biza.

Ubu rero bamwe n’abandi baguma bibaza icigwa inzego z’igihugu zakuye mu vyabaye n’ico ziriko zirakora kugira zitore umuti urama.

Kuri iki kibazo nagerageje kurondera abaserukira ubushikiranganji bw’ibidukikije ariko sindashobora kubaronka.

Yamara, abahinga mu bijanye n’ibidukikije babandanya bavunira akagohe reta ko hamwe itogira ico ikoze mu maguru masha ibintu bishobora kuba nabi kuruta.

Albert Mbonerane, inzobere mu gisata c’ibidukikije akaba n’umunywanyi w’ishirahamwe Action Ceinture Verte pour l’Environnement, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ibidukikije vyifashe nabi cane mu Burundi.

Ababazwa n’uko ata n’ubushikiranganji bwigenga bujejwe iki gisata buhari, mu gihe ibikenewe gukorwa ari vyinshi cane.

Kw’itariki 19, ukwezi kwa kane umwaka wa 2018, ni ho hafashwe ingingo yo gufatanya ubushikiranganji bw’uburimyi hamwe n’ubwahoze ari ubw’ibidukikije.

Mbonerane yemeza ko iyi ngingo yagize ingaruka ku gisata c’ibidukikije. Yemeza kandi ko uburimyi buri mu bintu vya mbere bigihungabanya iyo budatunganijwe neza.

Avuga ko abantu bahonya ibiti n’amashamba, ata kigongwe, kugira barime ivyo bafungura. Ku bwiwe, gukora ivyo ni ukutamenya akamaro k’igiti.

Agira ati: “Barashobora kurima umwaka wa mbere kumbure bakimbura, uwa kabiri bakimbura, mugabo umwaka wa gatatu ugaca usanga imvura iguye ari nyinshi igasanga nta biti bihari vyotuma amazi anyengetera mu kuzimu.

Ico gihe “haca haba inkukura, imisozi igasenyuka ugasanga duhomvye vyinshi, harimwo na ya mirima canke ibindi”.

Ino nzobere mu bijanye n’ibidukikije aranegura ukuntu abategetsi b’Uburundi basa n’abatanezwe iki gisata.

Ariko yibutsa ko ibiherutse kuba bisa nk’uko Tanganyika n’inzuzi zitandukanye zo mu Burundi vyariko biratanga “ubutumwa” canke “gasopo”.

Ku bwiwe, abategetsi bategerezwa kwumviriza no kuzirikana ubwo butumwa bakagira n’icigwa babukuyemwo nimba bakeneye ko Abarundi babaho neza muri kazoza.

Yibutsa ko ibijanye n’iduga rya Tanganyika atari bishasha.

Bivugwa ko mu mwaka wa 1878 Tanganyika yaduze ku rugero rutari rumenyerewe, ariko ko ata bintu vyinshi vyononekaye kubera abantu batari bwaje kwubaka ku nkengera.

Mu 1938, ni ukuvuga inyuma y’imyaka 60, Mbonerane avuga ko Tanganyika na ho nyene yasubiriye iraduga. No ngaha nta vyinshi yononye kubera ata bantu bari bwayivogere.

Iduga ry’amazi y’ico kiyaga ryononye ibitari bike amenyesha ko ryabaye mu mwaka w’1963 n’1964. Ico gihe abantu ngo bari baratanguye kwubaka ku nkengera banaharangurira imirimo.

Abandanya avuga ko ico gihe amazi yashitse ahitwa mu Ruvumera (zone Buyenzi), ahitwa kuri Chanic no muri karitiye Kabondo.

Avuga ko ico gihe abanyagihugu bo mu Gatumba bari bimuriwe muri zone ya Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, ariko ko amazi asubiye inyuma baciye basubira kwubakayo.

Iduga rya vuba ryabiciye bigacika ni iryabaye muri uno mwaka wa 2024.

Albert Mbonerane abona ko inzego z’Uburundi zikwiye gufatira ku vyigwa mwene ibi gutyo zigaca zifata ingingo zikomeye zijanye no gushira mu ngiro itegeko rigenga amazi.

Ku bwiwe, ingingo ya gatanu y’iri tegeko itahurwa ukutari ko. Ivuga ko abakeneye kwubaka bategerezwa gusiga imetero 150 ku nkengera z’ikiyaga. Ariko avuga ko wihweje neza, izo metero zitegerezwa guharurwa bahereye aho amazi ya Tanganyika yagarukiye igihe yari yaduze cane.

Ino nzobere mu bidukikije avunira akagohe abategetsi b’igihugu n’Abarundi muri rusangi ko bakwiye kwiga gukinga hakiri kare.

Agira ati: “Kwikingira bisumba agahombo wogira mu gihe umaze kurwara. Twebwe rero turindira kugwara kugira tuje kwivuza”.

Ku bwa Mbonerane, inzego zitanga amatongo yo kwubakamwo na zo nyene zari zikwiye kubanza kugira ivyigwa zikihweza nimba aho hantu habereye kwubakwa canke hatabibereye.

Abona ko vyotuma zikinga ibitari bike.