Abahungishijwe imyuzure ya Gatumba babayeho gute mu misozi ya Mubimbi?

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bujumbura

Inzu nyinshi zubatswe mu biti n’amahema yera, ahandi naho utuzu dutoya cane, tw’abatararonswa amahema. Site ya Gisagara, zone na komine Mubimbi, intara ya Bujumbura, itanga ishusho y’ikambi y’impunzi.

Harangwa uruja n’uruza rw’abantu bariko barakora ibikorwa bitandunye. Bamwe bariko barateka, abandi bamesa impuzu, abandi bakina urubugu, abana bakina inkino zitandukanye. Wumvise bavuze, uramenya ko atari imvukira zo muri iyo misozi. Ubimenyeshwa n’uko baja baracishamwo amajambo y’ururimi rw’igiswahili.

''Turahanzwe n'ubukene bw'ivyo kurya''

Abakuze nka bose muyaze, ijambo ni nka rimwe. Bakubwira bati n’ubwo turiko turamenyera, turahanzwe n’ubukene bw’ibifungurwa.

Indwi zitatu zirakwiye kuva iyi miryango itanguye kwimurirwa i Mubimbi. Muri iki kiringo, ivyo gufungura ngo vyatanzwe rimwe gusa, naho nyene ku miryango imwe imwe. Bavuga ko umwe waronswa ibiro 25 vy’umuceri. Myinshi iza yarabihejeje.

Ubwo bukene bw’ivyo kurya ikibano c’i Mubumbi kirabubona.

Nkihashika nahahuriye n’umugwi w’abanyagihugu bo ku mutumba Gisagara bari baje kugarukira kuri iyi miryango. Baje bagemuye. Nabonye abantu biremetse ibiseke, batonze umurongo, bashogomanga bariko bararirimba.

Adalbert Nduwimana yaje abarongoye yabwiye BBC ati: ''Tubazaniye ibijumbu n’ibiharage. Tubazaniye kandi urukundo’’.

Kuvoma amazi mu misozi ihanamye

Kuvoma amazi ni ikindi kibazo gihanze abo bantu. Iyo site iri ku musozi uhanamye mu gihe mu Gatumba hari ahantu hashashe hakorosha urugendo.

No mu Gatumba harakunda kugira ikibazo c’amazi ariko kuja kuyarondera vyaraborohera bakoresheje amakinga. Mu misozi ihanamye ya Bujumbura, n’uwufise ikinga si henshi ashobora kuryifashisha.

Amazi n’ubwo ahari bayakura kure. Baja kuvoma mu kabande hafi nko ku kirometero, hagora kumanuka hakagora no kuduga.

Japhet, umwe mu bagabo b’abahumure baba muri site avuga ko nk’abageze mu za bukuru canke abafise ubumuga bitaborohera gushika kuvoma.

Ati: ''Duca dutanga amafaranga ku bakomeye kandi bahamenyereye bakaja kutuvomera. Ibido imwe tuyiriha amahera amajana atatu kugira bayituduganire gushika aho turi''.

Uwo mutama afise ubwoba ko ingwara ziturutse kw'isuku rike zishobora kuba ikirenga na cane cane muri iki gihe mu burere bumwe bumwe bw’igihugu havugwa indwara ya cholera.

Ariko site yarahawe ivuriro ry’imfatakibanza (clinique mobile). Yamara ngo uretse ko abaganga badakwiye, iyo baje bahamara umwanya muto cane.

''Barashobora kuza baje kuvura, bakavura igice kimwe c’abarwayi ikindi bakagisiga aho'', niko uwo mutama avuga.

''Wewe wobwira umurwayi ko uzogaruka kumuvura ikindi gihe kandi arwaye? urumva ko ari ingorane''.

''Twese turyamana hamwe, abana na se na nyina''

Muri iyi site, hari inzu nyinshi z’amahema yera. Ariko, abazibamwo basa n’abatishimiye uko imwe yose ingana.

Yicaye impande y’inzu yubatswe n’ihema ifise ubwaguke nk’ubwa metero zitatu ku burebure bwa metero zitanu, Chanceline, ubona ko atavyishimiye avuga ati: ''Aha ni ho dusavye indaro. Turi abantu umunani''.

Jeannette, uwundi mugore afise abana bakuze agira ati: ''Aho turyama ntihadukwira. Ni hatoya cane. Nka jewe mfise abana barenga batandatu. Duca turyamana hamwe twese n’abana na se wabo’’.

''Ntibitworohera namba. Urazi ko umubiri ugoye. Ca wiyumvira nkeneye kubonana n’umushingantahe wanje! Na wewe uri umuntu ukuze. Uca uvyumva [ico nshatse kuvuga]. Nka jewe mfise abasore n’inkumi. Tugiye muri ivyo bindi ica iba ingorane’’.

Bilkarim Muzinga arongoye iyi site avuga ko ibitigiri vy’abaza bibandanya vyiyongera mu gihe ingorane nazo ziriko zirateba gutorerwa inyishu. Avuga ko imiryango 330 ari yo yonyene imaze kuronka uburaro.

Ku bwiwe ni mike cane agereranije n’igitigiri c’imiryango 690 imaze kwakirwa muri site.

Abandanya agira ati: ''Bamwe muri abo batararonka uburaro barara hanze. Abandi nabo bararonse ababa barabaha indaro’’.

Agarutse ku kibazo c'ivyo kurya yemeza ko ''gushika ubu hariho imiryango imaze indwi irenga itararonswa ibifungurwa. Murumva ko bitoroshe’’.

Ku cerekeye uburaro, abuga ko amazu amaze imisi yubakwa, ariko kuri amwe amwe nta mahema araboneka, ''Namwe muravyibonera'' avuga yerekana ayakiriko arubakwa.

N’aho Bilkarim Muzinga yemeza ko hari imiryango 545 yaronkejwe amafaranga agera ku bihumbi amajana abiri na mirongo itatu na bitanu (235.000) yo kwikenura, asaba reta kwongereza inguvu kugira ingorane zose zihari zitorerwe inyishu.

Musitanteri wa komine Mubimbi Dismas Harimenshi avuga ko izo ngorane zose zizwi. Yemeza ko bariko baragerageza kuzikura mu nzira. Ahamagarira n’abagiraneza gufasha.

Aba banyagihugu batanguye kuvanwa mu Gatumba kw’ingenekerezo rya 10 Rusama uwu mwaka, kubera bari bageramiwe n’imyuzure. Bitegekanijwe ko hazokwimurwa imiryango irenga gato 1700.