Burundi: Abaciriye urwa ngondagonde umunyeshure bahanywe

Domina Banyankimbona

Ahavuye isanamu, UBUSHIKIRANGANJI BW'UBUTUNGANE

Insiguro y'isanamu, Mu nama yo mu mwiherero yagirishije abakora mu gisata c'ubutungane mu ntara ya Kirundo umushikiranganji Domina Banyankimbona yari yavuze ko habaye ugusamara mu gufata ingingo ku rubanza rw'uwo munyeshure

Abacamanza batatu baciriye igihano co gupfungwa umunyeshure w'umwigeme arenganijwe bigatuma haba agashavu ka bamwe n'abandi ku mbuga hwaniro bahanishijwe guhagarikwa mu kazi mu kiringo c'amezi abiri.

Abacamanza Benoit Ntisumbwa, Jean Pierre Sikubwabo, na Joël Nibizi banditse ko uyo mwigeme yagirizwa icaha cotuma apfungwa hejuru y'umwaka umwe ko kubera “ibintu (circonstances) bikomeye kandi bidasanzwe bitumye ari ngombwa ko apfungwa” kandi ko iyo ngingo “ifashwe ku nyungu z’umutekano rusangi”.

Ku rubuga rwa Twitter rw'ubushikiranganji bw'ubutungane mu Burundi handitse ko abo bacamanza uko ari batatu bahanishijwe igihano co guhagarikwa mu kazi mu kiringo c'amezi abiri.

Ku mbuga hwaniro, bamwe bashimye ko abo bacamanza bahanywe ariko abandi berekana ko ico gihano ari gito ugereranije n'ikosa bakoze.

Hari uwagize ati: "Uciye urubanza rubi, ata tegeko na rimwe wishimikije, ucafuje ishusho y'igihugu n'ubutungane bwaco, upfungiye ubusa umwana w'umunyeshure ari na we yariko aratabaza ku mabi yakorewe, igihano uhawe: 'Deux mois de suspension mu kazi gusa? (guhagarikwa amezi abiri gusa)."

Ubushikiranganji bw'ubutungane buvuga ko igihano bafatiwe ari co gitegekanijwe n'amategeko.

Aho inkuru y'ipfungwa y'uwo munyeshure imenyekaniye, ubushikiranganji bw'indero n'ubwo ubutungane bwihutiye kumenyesha ko bariko barakurikirana uko vyagenze.

Itariki 15 z'uku kwezi kwa Mukakaro(7) yaciye arekurwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu nyuma Umushikiranganji w'ubutungane Domina Banyankimbona yaragize urugendo mu ntara ya Kirundo, arabonana n'abasanzwe bakorera mu gisata c'ubutungane.

Inyuma y'uwo mubonano wabaye mu mwiherero umushikiranganji Banyankimbona yavuze ko "harabaye gusamara cane mu gufata ingingo."

Uyu munyeshure w’umwigeme, eka n’umuyobozi wa Lycée Communal Mugendo, bagirizwa kumena amabanga y’umwuga no kwiba ibibazo vya reta nk’uko biboneka mu nyandiko zatangajwe n’ubushikiranganji bw’indero.

Abantu batari bake baraneguye ubushikiranganji bw’indero eka n’abacamanza bari barapfunze uyu mwigeme kuri ivyo birego.

Kuri Twitter ubushikiranganji bw’indero, ku wa gatandatu bwanditse ko bwumvise “amakuru asa n’ayavuga ibihushane” kuri iyo dosiye “ko hari abanyeshure batabaza bavuga ko abigeme bakora ibibazo babizi” harimwo n’uwo mwigeme.

Ipfungwa ry’uyu munyeshure ryaravuzwe cane na benshi mu Burundi aho bamwe bamwe bavuze ko ritari rikwiriye.

Ivyavuye mu kibazo uyu munyeshuri yakoze vyarateshejwe agaciro, nk’uko biboneka mu nyandiko ‘yiwe’ yanditse agipfunzwe yatangajwe n’ubushikiranganji, aho avuga ko aramutse arekuwe azokwunguruza kuri ino ngingo.