Ni gute Ukraine yashoboye gukorora indege z’intambara 13 z’Uburusiya mu ndwi zibiri gusa?

Uburusiya burakoresha cane indege zo mu bwoko bwa Su-34 mu gutera ibibombe vyo mu bwoko bwa KAB

Ahavuye isanamu, RUSSIAN MINISTRY OF DEFENSE

Insiguro y'isanamu, Uburusiya burakoresha cane indege zo mu bwoko bwa Su-34 mu gutera ibibombe vyo mu bwoko bwa KAB

Igisirikare ca Ukraine kivuga ko mu ndwi zibiri gusa za Ruhuhuma (2) cakoroye indege 13 z’intambara z’Uburusiya, igitigiri gisumba kure izo cashoboye gukorora mu mezi y’imbere y’aho muri ino ntambara.

Mu yandi majambo, hari indege z’intambara yari yashoboye gukorora imbere y’aho. Hagati muri Nzero (1), niho vyamenyekanye ko ingabo za Ukraine zakoroye indege yo mu bwoko bwa A-50 AWACS hamwe n’iyindi yo mu bwoko bwa Il-22.

Vyongeye, abategetsi b’Uburusiya baragirije Ukraine ko yarashe indege ya gisirikare Il-76 yunguruza ingabo hafi ya Belgorod ku wa 24 Nzero 2024, yari itwaye, nk’uko bivugwa n’Uburusiya, impfungwa z’intambara za Ukraine zategerezwa kuguhanahana n’iz’Uburusiya.

Ariko mu kwa kabiri, igitigiri c’indege z’intambara z’Uburusiya zakorowe cariyongereye bukwi na bukwi.

Muri rusangi, kuva ku wa 17 Ruhuhuma gushika ku wa 29, abarongoye igisirikare ca Ukraine bavuga ko indege 13 ari zo zakorowe muri ico kiringo conyene.

Ku muhingamo w’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma, indege zibiri zo mu bwoko bwa Su-34 hamwe n’iyindi yo mu bwoko bwa Su-35 zarakorowe. Ku musi wakurikiye, iyindi yo mu bwoko bwa Su-34 yarakorotse.

Ku wa 19 ruhuhuma, iyindi ndege Su-34 n’iyindi ya Su-35S zarakorowe, nayo ku wa 21 Ruhuhuma hakororwa iyindi Su-34.

Ku mugoroba wo ku wa 23 Ruhuhuma, vyamenyekanye ko iyo mu bwoko bwa A-50 AWACS yari yakorowe mu karere ka Krasnodar ku butaka bw’Uburusiya. Abategetsi ba Ukraine batangaje ko cari igikorwa rusangi cahuje igisirikare kirwanira mu kirere n’igisata c’igendereza rya gisirikare.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nk’uko vyavuzwe n’igisirikare ca Ukraine, izindi ndege zibiri za Su-34 zarakorowe ku wa 27 Ruhuhuma, hanyuma mu gatondo no ku muhingamo wa 29 Ruhuhuma, zitatu nk’izo zikororerwa mu buseruko bwa Ukraine.

Rero, mu kiringo c’indwi zibiri gusa, Uburusiya bwatakaje indege z’intambara 13, cumi muri zo zikaba ari izo mu bwoko bwa Su-34.

Izi ni indege zo ku rugero rwa kane (4eme génération) zahinguwe ku buryo zishobora kwikorera ibisasu vya misire n’amabombe bigenewe gukubita ibibanza vy’umwansi vyo ku butaka no mu kirere. Zikorera amabombe akoreshwa mu ntambara zo mu kirere, harimwo ayo mu bwoko buzwi nka KAB-1500 na KAB-500 ashobora gutumberezwa neza.

Nk’uko vyandikwa n’urubuga rw’ikompanyi Defense Express, mu ntango za 2022, Uburusiya bwari bufise indege za Su-34 zababa 100, hamwe n’icenda za A-50 AWACS.

Igisirikare ca Ukraine kivuga ko gushika ku wa 29 Ruhuhuma, Uburusiya bwari bumaze gutakaza indege za gisirikare 345.

Ni mu gihe kenshi Uburusiya butigera bwemera ko hari indege zabwo z’intambara butakaza, nubwo hoba amafoto n’amavidewo acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi avyemeza, kandi na Ukraine nayo ikaba itigera itanga ivyemezo bishigikira ivyo itangaza vy’ugusambura indege z’umwansi.

Kandi ano makuru yose aragoye cane guhinyuza mu gihe c’intambara.

None vyoba vyatumwe n’iki ngo Uburusiya butakaze igitigiri kinini nk’iki?

Ukraine itangaza ukwiyongera kw’izi ndege zikororwa mu gihe Uburengero bukwega cane ibirenge mu gutanga ibirwanisho n’amasasu bwemeye, harimwo ibisasu vya misire vyo kwikingira ibitero vyo mu kirere.

Nk’uko bivugwa n’abihweza ibintu n’ibindi mu vya gisirikare, Ukraine ishobora kumanura indege y’Uburusiya ikoresheje misire zirasirwa ku butaka zo mu bwoko bwa Patriot. Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru co muri Amerika Forbes, hampande ya Patriot, Ukraine irakoresha kandi n’ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa NASAMS birasa indege vyatanzwe na Norvege.

Isoko ryo mu gisata c’igendereza ry’igisirikare c’Uburusiya ryabwiye igisata ca BBC gikorera muri Ukraine ko iyi ndege ya A-50 yarasiwe ku butaka bw’Uburusiya yarashwe n’ubuhinga bwo gucungera ikirere bwo ku gihe c’Abasoviyeti bwahinyanyuwe.

Iyindi mvo yoba yatumye igitigiri c’izi ndege zakorowe ciyongera yoba ari uko izi ndege ubwazo zisigaye ziboneka cane hafi y’urwasiro.

Uburusiya burakoresha cane Su-34 mu gutera ibibombe vyo mu bwoko bwa KAB. Ibi bibombe bikomeye cane vyarakoreshejwe cane mu gusambura uturere tubamwo abanyagihugu n’ibikorwa-remezo twa Avdeevka, ubu naho bikaba biriko bikoreshwa ahitwa Chasov Yar na Kurakhov.

Nk’uko bivugwa n’igisirikare, KAB ziri mu birwanisho bigeramiye cane ingabo z’igisirikare ca Ukraine n’abasivire baba mu turere tuberamwo intambara. Birakoreshwa cane ku bwinshi.

Umuvugizi w’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere, Yuriy Ignat, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Ukrayinska Pravda, ntashoka yemeza ko ibisasu vyo mu bwoko bwa Patriot na NASAMS ari vyo vyakoreshejwe mu kurasa izi ndege, ariko kandi ntabihakana.

Agira ati: “Turafise ivya nkenerwa kugira ngo dushobore gushikira indege z’Uburusiya turi kure”. Ashimangira ko ubuhinga bw’Uburengero bwo gukingira ikirere, nk’ubwa Patriot na NASAMS, bukoreshwa mbere na mbere mu gukingira ibisagara bikuru bikuru n’ibibanza nyamukuru mu gihugu, kandi ko bitari mu kibanza kimwe, ko biguma bizunguruka.

Nayo kuri iki gitigiri kitari bwigere kibaho c’indege z’intambara z’Uburusiya zakorowe, Ignat avuga ko ibi vyafashije mu kwigiza inyuma umwansi ku rubuga rw’intambara, no kugabanya ubukana bw’ibibombe biterwa n’izi ndege.