Bishasha kuri Ukraine n'Uburusiya: Ingabo za Ukraine zisubira inyuma kubera ubukene bw’amasasu – Amerika

Ahavuye isanamu, AFP
Ubutegetsi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwongeye gusaba abashingamateka n’abakenguzamateka kwemeza vuba integuro itabonwa kumwe y’itegeko irimwo imfashanyo igenewe Ukraine, bukagabisha ko ari nka hamwe itokwemezwa, imfashanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine itazoshobora kuboneka.
Jake Sullivan, umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Amerika mu bijanye n’umutekano w’igihugu, avuga ko icatumye ingabo za Ukraine ziva mu gisagara ca Avdiivka ari kubera zakehaniwe n’amasasu bitewe, nk’uko abivuga, n’uguhigimanga kw’abashingamateka n’abakenguzamateka mu kwemeza amafaranga agenewe ibindi birwanisho vyo guha Ukraine.
Ari muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika) ejo ku wa kabiri, Sullivan yavuze ati: “Ingabo za Ukraine vyabaye ngombwa ko ziva muri Avdiivka kubera zitariko zirahabwa ibikoresho bikwiye kandi ku mwanya zibikenereyeko kandi nk’uko bikwiriye. Ariko babibura kubera tumaze amayinga n’amezi tutaronswa amahera akenewe. Kandi ibi biva ku gukwega amaguru kw’inama nshingamateka na nkenguzamateka”.
Sullivan avuga ko ubutegetsi ata muti w’igitangaza bufise kiretse inama nshingamateka na nkenguzamateka zitanze amafaranga.
Ati: “Nta ntegabizoza dufise irimwo amafaranga dushobora guha Ukraine. Dukeneye ko inama nshingamateka na nkenguzamateka zikora ivyo zitegekwa n’ibwirizwashingiro kugira ngo zitange amafaranga umukuru w’igihugu ashobora gukoresha mu kurungikira Ukraine ibirwanisho vyahinguwe na Amerika, vyahinguwe n’Abanyamerika n’intara za Amerika, mu ntumbero yo gufasha gukingira ubwigenge bw’iki gihugu”.
Ku wa 13 Ruhuhuma (2), inama nkenguzamateka ya Amerika yaremeje integuro y’amafaranga ashika ku miriyaridi 50 z’amadorari yo gukoresha mu bijanye n’umutekano w’igihugu. Igice kitari gito cayo kikaba kigenewe amasezerano n’amakompanyi ya Amerika yo mu gisata co kwivuna abansi mu ntumbero yo guhingura ibirwanisho n’amasasu bizorungikirwa Ukraine muri kazoza, hamwe kandi no gusubira kwuzuza ububiko bw’ibirwanisho busa n’uburi gusa inyuma y’imyaka ibiri intambara y’Uburusiya na Ukraine imaze. Ku wa 15 Ruhuhuma, abashingamateka batanguye akaruhuko kabo k’indwi zibiri ata matora bakoze kuri ino nteguro.
Ejo ku wa kabiri, John Kirby, umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu mu gisata c’umutekano w’igihugu, na we nyene yemeje ko ingabo za Ukraine vyabaye ngombwa ko ziva muri Avdiivka "kubera bakehaniwe n’amasasu, cane cane amasasu y’inkoho za muzinga”.
Imfashanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine yatanguye kugabanuka mu ci riheze: kuva ku miriyaridi 1,1 ku kwezi mu mezi 18 ya mbere y’ino ntambara y’Uburusiya na Ukraine gushika mu miriyoni ziharuwa mu majana z’amadorari mu mezi atandatu yakurikiye, kuva mu mpera za Kigarama (12) ikaba yarahagaritse.
Mu ntango z’uno mwaka, Maison Blanche yari isigaranye imiriyaridi 4,2 z’amadorari itakoresheje, inama nshingamateka na nkenguzamateka zikaba zari zazigeneye Ukraine. Ubutegetsi bwa Joe Biden busigura ko uku guhigimanga gukoresha ano mahera kwatumwe n’intego ya Amerika yo gushaka kugumana ubushobozi bwo kwivuna.
Kirby ati: "Kubera tumaze gutanga vyinshi cane, ni ngombwa ko twitwararika umutekano w’igihugu cacu”.
Ingabo za Ukraine zitangaza ko zakoroye indege y’intambara ya Su-34 zisambura n’amadrone y’ubwiyahuzi 13
Hagati aho, intambara zirabandanya mu bice bitandukanye vy’igihugu. Mw’ijoro ryakeye, Uburusiya bwateye Ukraine bukoresheje indege 19 zitagiria abadereva zo mu bwoko bwa Shahed, ibisasu vya misire bine vyo mu bwoko bwa Kh-22, igisasu rutura co mu bwoko bwa Kh-59 hamwe n’ikindi co mu bwoko bwa S-300 gisambura indege z’intambara, nk’uko vyatangajwe n’igisirikare ca Ukraine mu gatondo ko kuri uno wa gatatu.
Kivuga ko cashoboye gukorora amadrone 13 muri 19, zimwe muri zitandatu nazo zitakorowe zikaba zitashitse ku ntego yazo.
Umukuru w’igisirikare kirwanira mu kirere Nikolai Oleschuk avuga kandi ko indege y’intambara imwe yo mu bwoko bwa Su-34 yakorowe.
Uburusiya ntaco buvuga kuri ibi bivugwa canke kuri ibi bitero vyo mw’iri joro ryakeye.
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko cishe ingabo z’Uburusiya zitari nke mu gitero c’ibisasu vya misire vyatewe ku kibuga c’imyimenyerezo
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko ku musi w’ejo igenekerezo rya 20 Ruhuhuma, carashe ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa HIMARS MLRS ku kibuga c’inyigisho za gisirikare hafi y’ikigwati citwaTrudovskoye mu karere ka Volnovakha k’intara ya Donetsk, nk’uko amasoko atari make yabibwiye igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya.
Ico gihe, abasirikare bo muri birigade ya 36 ikoresha ibimodoka vy’intambara mu kigo ca gisirikare co mu gisagara ca Borzya bari mu myimenyerezo muri ico kibuga.
Igihe haba iki gitero, ingabo zo mu makompanyi ya 4, ya 5, n’iya 6 bo muri iyi birigade bari ku murongo kuri ico kibuga barindiriye umukuru w’igisirikare mu karere ka gisirikare k’ubuseruko, Jenerali Majoro Oleg Moiseev.
Umwe mu bacitse kw’icumu yifashe videwo yahawe BBC avuga ivyabaye yagize ati: “Abakomanda bubatse iki kibanza ku ceru”.
Igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya gifise amasanamu n’amavidewo arenga cumi yafashwe ubwo nyene inyuma y’iki gitero – akaba yerekana abapfuye batari bake, ariko kubw’amategeko y’umwuga ntashobora kwerekanwa. Amasoko atari make, harimwo n’ayo muri ino birigade ya 36 yo nyene, avuga ko abantu nibura 60 ari bo bahapfiriye.
Abategetsi ba Ukraine ntaco bavuze kuri iki gitero.
Amasaha makeya inyuma y’iki gitero kuri iki kibuga c’imyimenyerezo ya gisirikare hafi y’ikigwati Trudovskoye, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yagiranye umubonano n’umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu, aho uno mukuru w’’igisata ca gisirikare yavuze ku bijanye n’intambwe igisirikare c’Uburusiya cateye muri Avdiivka no mu tundi turere two ku rwasiro.
Umurwi wa mbere w’abadereva ba Ukraine bazorangiza inyigisho zo kugendesha indege za F-16 mu ci muri Amerika
Abadereva b’indege bane ba mbere ba Ukraine bategekanya kurangiza inyigisho zo kugendesha indege z’intambara zo mu bwoko bwa F-16 mu ci riza, nk’uko bitangazwa n’ikimenyeshamakuru CNN gisubiramwo amakuru yo mu kigo Arizona National Guard.
Aba badereva batanguye izi nyigisho hagati muri Gitugutu (10) umwaka uheze wa 2023, ku kigo ca gisirikare co muri Arizona 162nd Fighter Wing muri Tucson. Pentagon (ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi) yari yamenyesheje ko izi nyigisho zimara amezi atari make.
Umurwi wa kabiri watanguye mu kwa mbere uno mwaka, uwa gatatu, na wo nyene ugizwe n’abadereva bane, ubu bakaba bariko bariga icongereza, nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igisirikare kirwanira mu kirere mu ntara ya Arizona.
Aba badereva bose bategekanya kurangiza inyigisho zabo hagati ya Rusama (5) na Myandagaro (8).
Mu ci riheze, urunani rw’ibihugu rurongowe na Danemark rwatanguye kwigisha abadereva b’indege ba Ukraine kugendesha indege z’intambara za Amerika. Ibihugu vya Hollande, Danemark na Norvège, vyariyemeje guha Ukraine indege z’intambara zo mu bwoko bwa F-16 inyuma y’izi nyigisho. Amerika na yo nyene yaremeye ko izi nyigisho zikimara kurangira izoca irungikira Ukraine izi ndege.










