Zircon: Menya kino gisasu gishasha c'Uburusiya gishobora kuba giherutse kuraswa kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, MINISTRY OF DEFENSE OF THE RF
Uruvangatirane rw’ibitero vyo mu kirere Uburusiya bwakoze kuri Ukraine ku wa 07 z’ukwa kabiri, hampande y’abasivire vyahitanye n’ivyononekaye, vyatumye abantu bibaza nimba Uburusiya bwakoresheje igisasu cabwo ca misire gishasha, Zircon, mu gutera umugwa mukuru wa Ukraine ku ncuro ya mbere.
Iki gisasu kigendera ku muvuduko udasanzwe ni kimwe mu bisasu vya none, bishasha, Uburusiya buherutse guhingura, igisasu kiboneka ko kibangamiye bikomeye ibisirikare vy’Uburengero.
Iki gisasu Zircon gitandukanye n’ico mu bwoko bwa Kinzhal kiraswa n’indege, kuko coco cahinguwe kugira cikorerwe n’amato y’intambara asanzwe hamwe n’ayagendera musi y’inyanja, kandi kikaba cahinguwe ku buryo gishobora no kurasirwa ku butaka. Ibi bituma gishobora gukoreshwa mu buryo bwinshi.
Aho nyene, ni mu gihe ata makuru menshi arashirwa ahabona ku bwoko bw’iki gisasu n’ibikigize.
Mu gihe haba ibitero bikomeye vya misire ku wa 07 z’uku kwa kabiri hafi isaha imwe n’iminota 40 (7:40) z’agatondo, imihora y’urubuga rwa Telegram ikurikiranira hagufi ino ntambara yanditse ko hari “ibisasu vya misire binyaruka cane bivuye muri Crimée vyerekeza i Kyiv”. Haciye umwanya, niho igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere cemeza ko hari “igisasu ca misire kinyaruka cane” kirashwe ku mugwa mukuru.
Mu nyuma niho vyamenyekanye ko hari ibisigarira vya kimwe muri ibi bisasu casambuwe vyononye intsinga z’umuyagankuba zo mu kuzimu be n’ibarabara ry’indarayi i Kyiv.
Hagati aho, aho ibi bisigarira vyaguye abantu barondera kumenya ivy’ibi bisasu.
Abandika ku muhora wa Monitor bavuga bati: "Twabonye inzira idasanzwe ya misire imwe muri ico gitero ca misire co mu gatondo. Yarasiwe muri Crimée igwa mu karere ka Kyiv. Ubu hari isanamu iriko irahanahanwa ku mbuga hwaniro y’igishobora kuba ari igisigarira c’iki gisasu. Imbere y’aha twari twibajije ko ari igisasu ca misire kinyaruka gusumba ijwi co mu bwoko bwa ZM22 Zircon”.
Bongerako y’uko inzira iki gisasu cafashe isa n’iy’uruvangatirane rw’ibisasu vyo mu bwoko bwa Kinzhal na Onyx.
Iyi sanamu yasohowe yerekana ibisigarira vy’igisasu co mu bwoko bwa “3M22”, bbimwe biriko ibiharuro, ibi bigashobora kwerekana ko ari “igisasu” kikiriko kirahinyanyurwa kandi kikiriko kirageragezwa.

Ahavuye isanamu, TELEGRAM MONITOR
Igisirikare kirwanira mu kirere nticemeza canke ngo gihakane nimba iki gisasu gishobora kuba ari ico mu bwoko bwa Zircon.
Mu kwishura ikibazo yari abajijwe n’umunyamakuru wa BBC wo mu gisata c’ururimi rw’ikinya-Ukraine, Yuriy Ignat, wo mu gisirikare ca Ukraine, yishuye ko abajejwe amatohooza ubu bariko barakurikirana iki kibazo, kandi ko bazoshobora kumenya ubwoko bw’iki gisasu carasiwe mu karere ka Crimée kigaruriwe n’Uburusiya.
Kuva mu ntango z’umwaka, ingabo z’Uburusiya ziramaze kurasa muri Ukraine zikoresheje ibisasu bishasha vya misire, harimwo n’ivyo mu bwoko bwa bwa KN-23 vyahinguriwe muri Korea ya Ruguru vyarashwe ku gisagara ca Kharkov.
Uburusiya ntaco bwavuze kuri ano makuru.
Ni ibiki bizwi kuri iki gisasu ca Zircon
Igisasu 3M22 Zircon cahinguwe nk’igisasu kinyaruka gusumba ijwi, co gusambura amato y’intambara, Uburusiya bukaba butegura guha amato yabwo ibi bisasu.
Haraciye imyaka itari mike ihingurwa ry’ibi bisasu rimenyekanye, mbere mu 2019, Vladimir Putin niho yatangaza ko Zircon ishobora gutera ibibanza biri ku mazi no ku butaka ku ntera y’ibirometero birenga 1000, kandi ko ishobora kugenda ku muvuduko w’ibirometero birenga 11.000 kw’isaha.
Imbere y’aha, ikinyamakuru cegamiye reta Rossiyskaya Gazeta cari canditse ko iki gisasu gishobora kugenda ku muvuduko w’ibirometaro biri hagati ya 5000 na 7000, ariko igerageza ryaco rivuga ko gishobora gushika ku muvuduko w’ibirometero birenga 10.000.
Muri ico gihe nyene c’iki gitero giheruka kuri Kyiv, hari igisasu ca misire carasiwe muri Crimée , nk’uko vyandikwa n’umuhora wa Monitor, kitashoboye kurengana umuvuduko usumba uw’ijwi.
Ntibitomoye kandi ku bijanye n’aho ibi bisasu vya Zircon bishobora gushika kubera, hampande y’intera yo ku birometero igihumbi ku rubuga rw’intambara vyatangajwe na Putin, ayandi masoko yo mu Burusiya yagihaye intera y’ibirometero biri hagati ya 300na 400, n’ubwo ibi bishobora guhinduka kubera kiguma gisubirwamwo kandi bikavana n’ingene ikirere cifashe.
Uburemewe w’ibiturika gishobora kwikorera bigereranywa ko biri hagati y’ibiro (kg) 300-400.
Ibi bisasu bizwi ko vyatanguye gukoreshwa n’amato y’intambara y’Uburusiya mu kwa mbere 2023, kandi ko vyahinguwe ku bwinshi kuva mu 2022.
Mu bisanzwe, Abarusiya bagerageza kugira ibanga ibigize ubwoko bw’ibi bisasu vya Zircon.

Ahavuye isanamu, MINISTRY OF DEFENSE OF THE RF
Ivan Kirichevsky, umuhinga mu vyagisirikare mu kigo Defense Express, yabwiye Radio NV ati: “Nta mafoto yizewe y’iyi misire arashirwa ku mugaragaro kugira ngo ishobore kwihwezwa bikwiye”.
Bizwi ko ibi bisasu vya misire vyokorerwa n’amato ya Admiral Gorshkov na Marshal Shaposhnikov, hamwe kandi n’ubwato bwa nikleyeri Severodvinsk bugendera musi y’inyanja. Hagati aho, aya mato yose ari mu mato y’intambara asanzwe ari mu buraruko canke mu Nyanja ya Pasifike, kure y’Ikiyaga Cirabura.
Rero hari ikibazo co kumenya neza na neza ingene Zircon, nimba koko ari yo, yoba yararashwe.
Mu 2022, ibimyamakuru vy’Uburusiya vyatangaje ko hariko hahingurwa ibikoho karuhariwe vyo mu bwoko bwa Bastion vyo kurasira ibi bisasu Zircon ku butaka, ari na vyo Uburusiya bukoresha cane mu kurasa ibisasu vyo mu bwoko bwa Onyx.
Ibimodoka n’ibikoho vyikorera ibisasu vy’ubu bwoko bwompi birangana.
Rero, birashoboka ko iki gisasu ca Zircon carasiwe muri Crimée ku wa 7 z’uku kwa kabiri coba carashwe hakoreshejwe iki gikoho co mu bwoko bwa Bastion cahinyayuwe kugira ngo gishobore kurasa iki gisasu.
Ikindi gishoboka, nk’uko vyandikwa na Defense Express, ni uko iki gisasu gishobora kuba carashwe n’ikindi gikoho co mu bwoko bwa Utes kirasa ibisasu vya misire (kizwi kandi nka Object-100), kiri hafi ya Sevastopol.
‘Igisasu ntagereranywa’

Ahavuye isanamu, MINISTRY OF DEFENSE OF THE RF
Abihweza ibintu n’ibindi mu gisirikare c’Uburusiya bavuga ko Zircon ari “rutuzamato y’intambara” kandi “ntagereranywa” kw’isi nzima, kandi ko idashobora gusamburwa n’ubuhinga bwo kwivuga ibitero vya misire.
Hagati aho, igisasu caguye ku mugwa mukuru Kyiv, gisa n’icarashwe canke kigasamburwa n’ubuhinga bw’intambara bwa elektroniki. Ubuhinga bwa PATRIOT na SAMP/T bukomeye cane burashobora gusambura ibisasu nk’ibi.
Ikindi gishoboka ni ingorane y’uko ibi bisasu vya misire bisambura amato y’intambara bikunze guhusha iyo bitewe ku bibanza vyo ku butaka.
Umuhinga mu vya gisirikare Alexander Kovalenko yandika ati: “3M22 Zircon ni misire inyaruka bidasanzwe yo kurasa amato y'intambara ariko igoye, idateye imbere, kandi itoroshe gukoresha”.
Abona ko iyi misire yarashwe kuri Kyiv atari Zircon, ariko ko ari ikindi gisasu “coba cateranijwe hakoreshejwe ivyuma vyagenewe 3M22”.
Mu gihe vyokwemezwa ko ari Zircon yakoreshejwe, aho rero ubuhinga bwa Ukraine bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwoba butagiye kworoherwa kuko bizoba vyerekanye ko Uburusiya buriko bukoresha ibisasu vya misire binyaruka gusumba ijwi vyo ku rwego rwa kabiri mu gutera Ukraine – hampande y’ivyo mu bwoko bwa Daggers.
Buri gitero ca misire congereza ubuhinga ku Barusiya bakora ibi bisasu bubatuma bashobora guhinyanyura ivyo basanzwe bahingura. Ni ko bizogenda no kuri ibi bisasu vya Zircon.
Ibikoho vyo mu bwoko bwa Bastion birasa ibisasu vya misire birashobora kwikorera amakonteneri yavyo abiri, ibi bigasigura ko kurekurira ibisasu vyinshi ica rimwe atari ingorane, nk’uko vyagenze mu kurasa ibisasu vyo mu bwoko bwa Kinzhals igihe ingabo z’Uburusiya ingabo z’Uburusiya zariko zigerageza kumenera ica rimwe mu birindiro vy’ingabo za Ukraine zari zicungereye Kyiv.
Vyongeye ubu buhinga bushobora kudahinyurwa ningoga n’ubuhinga bucungereye ikirere, ibitandukanye n’ibi bisasu vya Kinzhals bisanzwe biraswa n’indege zo mu bwoko bwa MiG-31, aho zirinze ziva hasi gusa, inzamba zo kugabisha zica zitangura gusamirana mu gihugu cose.
Ivan Kirichevskyagabisha ati: “Ari nka hamwe mu misi iza vyomenyekana ko Zircon ari yo yakorehsejwe kuri Kyiv, bikamenyekana n’igihe yarasiwe, iyindi ngorane nyamukuru yoba ukumenya ingene yarashwe. Si kuri twebwe gusa, ariko kandi no ku bihigu vya OTAN”.










