Ayavugwa mu ntambara ya Ukraine: Putin ntaraheba intego yiwe kandi ariko arondera ivyitwazo vyo gutera ibihugu vya Balte - ISW

Putin

Ahavuye isanamu, Reuters

Ikigo Institute for the Study of War (ISW) c’i Washington mu vyegeranyo cama gitanga hafi buri musi kirihweza amajambo ashikirizwa n’umukuru w’igihugu c’Uburusiya.

Ejo ku wa 16 Nzero (1), Vladimir Putin yavuze ko integuro ya Ukraine y’umugambi w’amahoro ari “ukugerageza kuduhimiriza guheba intambwe tumaze gushikako inyuma y’umwaka n’igice. Ariko ibi ntibishoboka”.

Yongeyeko ati: “Bose barazi ko ibi bidashoboka”.

Ikigo ISW kivuga kiti: “Putin abandanya yerekana ko Uburusiya buterekwa ibiganiro na Ukraine mu bugwaneza, kandi ko intego ziwe zose muri Ukraine - harimwo ko Ukraine n’Uburengero bimanika amaboko – zitarahinduka”.

Putin kandi yarashizemwo ijambo ngo: “Ibiriko bibera muri Lettonie no mu bindi bihugu vya Balte, aho abanyagihugu b’Abarusiya batabwa kure nk’akanuka, ibi ni ibintu bikomeye cane bigira ingaruka ku mutekano wacu”.

Yavuze ko hari integuro z’abategetsi ba Lettonie zo kwirukana Abarusiya batazoba barasaba uruhusha rushasha rubaha uburenganzira bwo kuba mu gihugu mu mwanya utegekanijwe.

Abahinga b’iki kigo bandika bati: “ISW nta kintu na kimwe yabonye c’uko Uburusiya bwoba bwimirije canke butegura gutera ibihugu vya Balte, ariko Putin ashobora kuba ariko arategura ivyitwazo ku bitero vy’Uburusiya kuri ibi bihugu muri kazoza yitwaje ko ashaka gukingira ‘abantu biwe’.

“Putin aherutse kugabisha Finland mu kwezi guheze kwa Kigarama kandi yongeye kwerekana imbono yiwe ishira ahabona ko abandanya aharanira impinduka yipfuza mu rurani rwo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO, ivyotuma uru runani rusambuka”.

Ni mu gihe Perezida Vladimir Zelensky wa Ukraine, aho ari mu nama y’i Davos ku bijanye n’ubutunzi, yaraye yamiriye kure ibiganiro vy’amahoro n’Uburusiya hamwe n’ihagarikwa ry’intambara, aho avuga ati: “Putin ni ikiryanyi kitipfuza indya zikanye”.

Uburusiya bwakoze igitero c'ibisasu vya misire i Kharkov: umwe yishwe, 17 barakomereka

Ingaruka z'igitero c'Uburusiya ku gisagara ca Kharkov

Ahavuye isanamu, t.me/synegubov

Insiguro y'isanamu, Ingaruka z'igitero c'Uburusiya ku gisagara ca Kharkov
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibi biri uko mu gihe ku mugoroba w’ijoro ry’ejo ku wa kabiri igisirikare c’Uburusiya carashe ibisasu vya misire ku gisagara ca Kharkov, nk’uko bitangazwa n’umukuru w’intara Oleg Sinegubov aciye ku rubuga rwa Telegram.

Nk’uko abivuga, ibisasu vya misire bibiri vyo mu bwoko bwa S-300 vyararashwe bivuye mu gisagara c’Uburusiya ca Belgorod.

Vyahitanye umusivire umwe nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru RBC-Ukraine gisubiramwo umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Kharkov, Vladimir Timoshko.

Buramatari Sinegubov avuga kandi ko abasivire 17 bakomeretse, harimwo umugabo umwe n’abagore 16. Muri aba bakomeretse harimwo umusaza w’imyaka 90.

Mw’itangazo, Sinegubov avuga ati: “Muri aka kanya, abasivire 13 nibo bakiri mu bitaro: umugore w’imyaka 43 yarababaye cane, co kimwe n’uwundi w’imyaka 39”.

Mu karere ka Kholodnogorsk k’iyi ntara ya Kharkov, ibi bisasu vyarononye uruhande rw’igorofa ifise inzu 20, inyubakwa y’ikigo c’ubuvuzi vyongera bisambura imodoka 14.

Ku ruhande rwaco, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kivuga ko casambuye indege z’ubwiyahuzi zitagira abadereva (drone) 19 kuri 20 mw’ijoro ryakeye.

Ahandi habereye ibitero vy’Uburusiya ni mu ntara ya Odessa, aho umukuru wa gisirikare muri iyi ntara Oleg Kiper avuga ko igitero c’amadrone y’Uburusiya cakomerekeje abantu batatu conona n’amazu y’abasivire.

Avuga ko abantu 130 bahungishijwe bavanywe mu mazu yononekaye.

Amadrone ane na misire indwi vya Ukraine vyasamburiwe hejuru ya Belgorod

Ni mu gihe mu butumwa bwacishije ku rubuga rwa Telegram, ubushikiranrganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi butangaza ko bwakoroye indege zine za Ukraine zitagira abadereva (drone) hamwe n’ibisasu bine vya misire hejuru y’intara ya Belgorod.

Ubu butumwa buvuga ko ibi vyabaye isaha umunani n’iminota 40 (02:40) mu masaha ya Moscou.

Nta ruhande rwigenga rwemeza aya makuru atangwa n’bushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi.