Intambara ya Ukraine: Putin yiyemeje 'kwongereza akariro' mu bitero kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Na Ali Abbas Ahmadi
- Igikorwa, BBC News
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yiyemeje "kwongereza akariro" mu ntambara yiwe kuri Ukraine, inyuma y’imisi yaranzwe n’ibitero vyo mu kirere ku mpande zompi muri ino ntambara ndende.
Mw’ijambo yavuze ari mu rugendo ku bitaro vya gisirikare i Moscou, Perezida Putin yavuze ko igisirikare kizobandanya gutera “ibibanza vya gisirikare” vya Ukraine.
Avuga ko igitero ca Ukraine co mu kirere ku gisagara ca Belgorod mu Burusiya ko ari "igitero cakozwe n’ibigirankana ku basivire".
Abantu 25 barishwe muri iki gitero co ku wa gatandatu, nk’uko abategetsi babivuga.
Avugana n’abasirikare ejo ku wa mbere, Putin yavuze ko intambara iriko igenda neza ku ruhande rw’Uburusiya kandi ko yipfuza ko ihera vuba bwango, ariko ku bw’Uburusiya.
Yongeyeko ko inzitizi nyamukuru ituma intambara idahera ari ibihugu vy’uburengero bibandanya biha Ukraine imfashanyo, ariko ko ibintu biriko birahinduka, inyuma y’aho ibi bihugu biboneye ko bidashobora “gusambura” Uburusiya.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yaciye asamira hejuru ano majambo mu kiganiro n’ikinyamakuru The Economist, aho avuga ko ivyo Putin avuka ko Uburusiya buriko butsinda intambara ari “ibiri mu mutwe iwe” gusa.
Agaruka ku bitigiri vy’Abarusiya bamaze gupfira no gukomerekera muri Ukraine, akavuga ko ingabo z’umwansi zitashoboye gufata igisagara na kimwe gikomeye mu 2023.
Zelensky kandi yarinubiye incuti za Ukraine zo mu burengero, avuga ko bataye umutwe.
Imbere y’aha, aba bategetsi bashikirije ubutumwa bw’umwaka mushasha.
Ku wa Mungu, Putin yashimagije ingabo z’Uburusiya avuga ko ari ”intwari” ariko akaba atavuze na kimwe ku ntambara yiwe muri Ukraine.
Ku ruhande rwiwe, mw’ijambo ryugurura umwaka wa 2024, Zelensky yemereye abanyagihugu ko igihugu ciwe kigiye kwongereza cane urugero rw’ibirwanisho gihingura – aho yiyemeje guhingura za ndege zitagira abadereva (drone) nibura umuriyoni.
Mu misi mike iheze, Uburusiya na Ukraine vyarakubitanye cane mu ntambara zahitanye abantu.
Ukraine yarateye ibisagara vyayo vyigaruriwe n’Uburusiya mu ntara ya Donetsk buca ari umwaka mushasha, nk’uko bivugwa n’abategetsi bashizweho n’Uburusiya, vyahitanye abantu nibura bane bikomeretsa n’abandi 13.
Ku wa gatandatu naho, ingabo za Ukraine zakoze urukurikirane rw’ibitero vyo mu kirere mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburusiya, harimwo igitero kuri Belgorod Putin yavuze ko ari "igitero c’iterabwoba".
Ejo ku wa mbere, buramatari wa Belgorod Vyacheslav Gladkov yatangaje ko igitigiri c’abaguye muri iki gitero cageze ku bantu 25 inyuma y’aho umwana yari yakomeretse cane apfiriye.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, Gladkov yanditse ati: "Uno musi, umwana w’umukobwa afise imyaka ine yapfiriye mu bitaro vy’abana vy’akarere. Yari aremvye cane kubera ibikomere yagize ku gikiriza n’imbere mu mubiri”.
Urupfu rw’uno mwana rwatumye igitigiri c’abana bahitanywe n’iki gitero bagera kuri batanu nk’uko bivugwa na buramatari. Avuga ko abantu 109 bakomeretse, 45 bakaba bakiri mu bitaro.
Mu ndwi iheze, Uburusiya bwakoze ibitero bikomeye ku bisagara bitari bike mu gihugu cose muri Ukraine, vyahitanye abantu nibura 45. Ukraine yavuze ko ibi bitero ari vyo vya mbere bikomeye bikozwe n’Uburusiya bukoresheje ibisasu vya misire gushika ubu muri ino ntambara.










