Ukraine ivuga ko yakoroye indege y'igendereza y'Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko cakoroye indege y'igendereza y'Uburusiya hejuru y'ikiyaga ca Ozov, ico abaraba ibintu n'ibindi babona ko coba ari igihombo kinini ku bushobozi bwo mu kirere bwa Moscou.
Umukuru w'igisirikare Valerii Zaluzhnyi yavuze ko ingabo zo mu kirere zasambuye indege yo mu bwoko bwa A-50 ifise ubushobozi bwo kubona ibintu iri kure cane, hamwe na Il-22 yo gutanga amategeko y'ingwano.
Indege A-50 imenya ahari ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hanyuma ikayobora indege z'Uburusiya kugema aho zitera muri Ukraine.
Ukraine vyarayigoye cane gutera intambwe iboneka mu kwigiza inyuma ingabo z'Uburusiya mu bumanuko bushira ubuseruko.
Mu kiganiro c'ingene ibintu vyifashe ku wa 23 ukwezi kwa kabiiri, umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi yavuze ko Uburusiya ''bushobora'' kuba bufise indege zitandatu zo mu bwoko bwa A-50 zikora. Gukora izo ndege bishobora gutwara miriyoni amajana z'amadorari.
BBC ntirashobora guhinyuza ko ico gitero cabaye.
Abategetsi b'Uburusiya bavuga ko ''ata makuru bafise'' y'ivyo bitero, ariko abashigikiye Uburusiya basigura inkuru bavuze ko gutakaza indege nka A-50 coba ari ikintu gikomeye.
Kimwe mu binyamakuru vya gisirikare, Rybar, cavuze ko - hamwe amakuru ya Ukraine ku vyo Uburusiya bwatakaje yokwemezwa - woba ubaye uwundi munsi mubi ku ngabo zo mu kirere z'Uburusiya''.
Ikindi kinyamakuru cavuze ko indege Il-22 yo gutangiramwo amategeko y'ingwano yagemwe n'igitero kitavuye ku mwansi''. Ariko ngo yashoboye gusubira mu Burusiya.
Gen Valerii Zaluzhnyi yavuze kuri Telegram ko ingabo zo mu kirere za Ukraine ''zateguye neza cane hanyuma zishira mu ngiro '' igikorwa mu ntara ya Azov , mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine.
Umukuru w'ingabo zo mu kirere za Ukraine Mykola Oleshchuk yavuze kuri iryo kororwa mu butumwa yacishije kuri Telegram ariko nta do n'ido yatanze.
Mu kwezi kwa kabiri, umugwi wo muri Bielorusi ugwanya ubutegetsi BYPOL warigamvye ko wononye indege ya A-50 mu gitero ca drone hafi ya Minsk.
Justin Bronk, umuhinga mu ngwano yo mu kirere mu kigo c'ubushakashatsi Rusi, yabwiye BBC ko hamwe vyokwemezwa ko Uburusiya bwatakaje iyo ndege ya A-50 ''coba ari igihombo gikomeye ku rubuga rw'intambara kandi kimaramaje'' ku ngabo zo mu kirere z'Uburusiya.
Avuga ko iyo ndege A-50 ari ''kirumara mu kugendereza no gucungera'' iburira indege n'ubuhinga bwo kurasa misire ziraswa ziva hasi zija mu kirere c'Uburusiya '' ibitero bikiri kure cane hamwe n'amakuru ku ndege za Ukraine zitagurukira hejuru cane.
Yongerako y'uko hari hasanzwe hatari indege nk'izo nyinshi mu ngabo z'Uburusiya, kandi hakaba n'abazi kuzikoresha bake, vyumvikana ko gutakaza imwe koba ari agahombo gakomeye''.
Hamwe ayo makuru yokwemezwa, bwoba bubaye ubushobozi bwo kurasa kure cane bw'Ubuhinga bwa misire Patriot za Ukraine, bwoba bwerekanye mu bikorwa, ivyari vyibazwa gusa ko zishoboye.
Frank Gardner, umunyamakuru wa BBC akurikirana ibibazo vy'umutekano, avuga ko ibishobora kuba vyabaye koba ari ''akamanyu k'inkuru nziza kuri Ukraine mu kigwi kinini c'inkuru mbi''.
Yavuze ko uko ibintu vyifashe ''atari vyiza na gato kuri Ukraine'', mu gihe ihanze n'ubukene bw'ibigwanisho, ugucika intege kw'ingabo n'ibitero vy'Uburusiya bidahengeshanya ku bikorwa remezo vyayo.










