Intambara ya Ukraine: Amerika ivuga ko Uburusiya buriko bukoresha ibisasu rutura vya misire vya Korea ya Ruguru

Ibisasu rutura vyarashwe n'Uburusiya vyakubise umugwa mukuru wa ukraine Kyiv ku wa 2 Nzero (1)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibisasu rutura vyarashwe n'Uburusiya vyakubise umugwa mukuru wa Ukraine Kyiv ku wa 2 Nzero (1)

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko Uburusiya bukoresha ibisasu rutura biraswa kure kandi bigendera kure cane (missiles balistiques/ballistic missiles) be n’ibikoho vya muzinga bibirekura, vyatanzwe na Korea ya Ruguru mu ntambara yabwo muri Ukraine.

Umuvugizi w’Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano John Kirby avuga ko iyi ari “ingendo ndenzarugero iteye impungenge” ku bufasha Korea ya Ruguru iha Uburusiya.

Avuga ko Amerika izoshikana iki kibazo mu Nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, yongere ifate ibindi bihano vyiyongera ku bisanzwe bihari kuri abo bose bafasha mw’irungikwa ry’ibirwanisho.

Uburusiya burahakana ko ata gukorana nk’uku kuhari.

Amasaha make inyuma y’aho Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika) bisohoreye ibi birego, indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong Un yaciye ategeka ko hongerezwa ihingurwa ry’ibimodoka birasa ibisasu vya misire mu gihugu.

Mu kw’icenda, ino ndongozi ya Korea ya Ruguru yaragendeye Uburusiya kugira ngo bavugane ingene bashobora gufashanya mu vya gisirikare.

Imbere y’aha, Amerika yaragirije Korea ya Ruguru guha Uburusiya ibirwanisho, ariko ubu ni bwo bwa mbere igendereza rya Amerika ritangiye amakuru y’ikoreshwa ry’ibi bisasu rutura bishobora kugema ibintu biri mu birometero 900.

Avugana n’abanyamakuru muri Maison Blanche ejo ku wa kane, Kirby yavuze ko Uburusiya kurungikirwa ibisasu vya misire rutura vyo muri Korea ya Ruguru ari ihonyangwa ritaziguye ry’ivyemezo bitari bike vy’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: "Tuzosaba ko Uburusiya bubazwa igituma bwasubiye kurenga ku nshingano mpuzamakungu zabwo”.

Avuga kandi ko Amerika yemera ko Uburusiya buriko butegura kugura ibisasu vya misire biraswa ku ntera ngufi muri Irani, ariko ko gushika ubu ibi bitarakorwa.

Ubwongereza buvuga ko “bwiyamirije bwivuye inyuma” Uburusiya gukoresha muri Ukraine ibisasu vya misire biraswa kure bivuye muri Korea ya Ruguru.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire, Commonwealth n’iterambere avuga ati: "Korea ya Ruguru iri ku bihano bikomeye, kandi tuzobandanya dukorana n’incuti kugira ngo iki gihugu cishure bikomeye ku bufasha bwaco giha Uburusiya mu ntambara yabwo muri Ukraine”.

Mu kiganiro ciwe n’abanyamakuru, Kirby yasavye kandi inama nshingamateka na nkenguzamateka kwemeza “zidatevye” imfashanyo ya Amerika igenewe Ukraine.

Ati: "Inyishu nyayo ku mabi y’ubugome Uburusiya buriko bukorera abanyagihugu ba Ukraine ni ukubandanya duha Ukraine uburyo bukenewe bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hamwe n’ibindi bikoresho vya gisirikare.

"Irani na Korea ya Ruguru vyifatanije n’Uburusiya. Ni ngombwa ko twereka abanyagihugu ba Ukraine ko Abanyamerika hamwe n’ino reta tuzobandanya kubafata mu mugongo”.

Imfashanyo ya gisirikare ya Amerika igenewe Ukraine, ifise agaciro k’imiriyoni 250 z’amadorari y’Abanyamerika, yemejwe na Maison Blanche ku wa 27 Kigarama (12) 2023.

Ibiganiro ku yindi mfashanyo vyarazingamikiwe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kubera mu ba Repubulikani harimwo abatayishigikiye, aba nabo bakabandanya bashimangira ko ingingo ruhasha z’umutekano ku rubibe rwa Amerika na Mexique zoba mu bigize amasezerano ayo ari yo yose ya gisirikare.

Ukraine iragabisha ko utwigoro twayo tw’intambara hamwe n’ikigega c’igihugu biri mu kaga mu gihe imfashanyo zindi z’Uburengero zitoshika vuba.