Korea ya Ruguru igabisha Amerika ko izofata ‘ingingo ruhasha’ ku myimenyerezo rusangi itanguye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Na Yvette Tan
BBC News
Korea ya Ruguru iragabisha Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko izofata “ingingo ruhasha” mu gihe zitohagarika imyimenyerezo rusangi ya gisirikare na Korea y’Epfo.
Ejo ku wa mbere, Amerika na Korea y’Epfo vyatanguye imwe mu myimenyerezo rusangi ikomeye y’igisirikare kirwanira mu kirere itegekanijwe kurangira ku wa gatanu.
Korea ya Ruguru iherutse kandi gutera ibisasu vya misire mu ndwi ziheze mu myimenyerezo nk’iyo itari mike.
Ibi bije bikurikira amakuru ava mw’igendereza yerekana ko Pyongyang iriko itegura igerageza ry’ikirwanisho ca nikleyeri ca mbere kuva mu 2017.
Itangazo ry’ubushikiranganji bwa Korea ya Ruguru bujejwe imigenderanire rivuga riti: "Mu gihe Amerika yobandanya n’aka gasotoro kabi ka gisirikare, [Korea ya Ruguru] izofata ingingo zindi zikomeye”.
"Nimba [Amerika] idashaka ikintu gikomeye kibi ku mutekano wayo, ikwiye guhagarika imyimenyerezo y’intambara ataco imaze ata n’akamaro kayo vuba bwango. Atari uko, niyo izobazwa ibizoshika vyose”.
Imyimenyerezo ya gisirikare ya kino gihe yiswe Vigilant Storm (twogereranya mu Kirundi na ‘Igihuhusi kiri maso’), irimwo amajana n’amajana y’indege zikora ibitero vyo gusamaza amasaha 24 kuri 24.
Mu ntango z’ukwa cumi, Washington yarungitse ubwato bwa nikleyeri bwikorera indege USS Ronald Reagan, hafi y’ikigwa ca Korea, ikintu abatari bake babona ko ari ukugabisha Korea ya Ruguru - ubwo bwato bukaba bwaragize uruhara mu myimenyerezo itari mike yo mu mazi.
Seoul (umugwa mukuru wa Korea y’Epfo) ivuga ko irungikwa ry’ibi birwanisho “ridakunze kuba” ryerekanye ko “urunani rwa Korea y’Epfo na Amerika rwiteguye kwivuna bikomeye ku gasotoro ako ari ko kose kova muri Korea ya Ruguru”. Ubu bwato muri kino gihe buri mu bikorwa vy’imyimenyerezo y’indege mu kiyaga Philippine.
Mu kw’icumi, Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) yatangaje ko ibisasu vyayo yarashe kwari “ukwigana” igitero ca nikleyeri kuri Korea y’Epfo.
Ivuga ko yiganye neza ibitero bishobora gukorwa ku birindiro vya gisirikare, ibivuko n’ibibuga vy’indege vya Korea y’Epfo, kandi ko ibisasu vya misire vyatewe vyikorera ibirwanisho vya nikleyeri.
Mu kw’icenda, indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un yatangaje ko igihugu ciwe ari igihugu ca nikleyeri “mu buryo ntasubira inyuma”, aca ahindura amategeko, kugira agihe uburenganzira bwo gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri mu ntumbero yo kuzibira. Poritike ya kare yari iyo gukoresha ibi birwanisho mu kwivuna igitero.
Korea yarongereje kandi akariro mw’igerageza ry’ibisasu vya misire muri uno mwaka, aho vyageragejwe incuro zirenga 40 gushika ubu, iki kikaba ari co gitigiri kinini gushika ubu.
N’aho yafatiwe ibihano biyiboheye amaboko i mugongo, Pyongyang yaragerageje ibirwanisho vya nikleyeri incuro zitandatu hagati ya 2006 na 2017.










