Pelosi muri Taiwan: China ishobora kwerekana ko ikomeye kubera uru rugendo - US

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu mugambwe w'aba-Democrats uri ku butegetsi muri Amerika, Nancy Pelosi, ari muri Taiwan mu muce w'urugendo arimwo muri Aziya, naho Ubushinwa bwari bwagabishije.
Uru rugendo, rudashigikiwe na Prezida Biden, ni rwo rwambere rugizwe muri Taiwan n'umutegetsi akomeye wa Amerika mu kiringo c'imyaka mirongo.
Ubushinwa bubona Taiwan, isa n'iyigenga, nk'intara yayo yiyonkoye ariko bitebe bitebuke ikaba izosubira kuba igice c'igihugu.
Uburusiya n'Ubushinwa vyari vyagabishije Amerika yuko urugendo rwa Pelosi ari agasombororotsi kandi ko ruhungabanya.
Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) iragabisha ko Ubushinwa bushobora gusotora bukoresheje uburyo bwa gisirikare mu kwihora urugendo ruteje impari rwa Nancy Pelosi muri Taiwan.
Muri aka gasotoro harimwo gutera ibisasu vya misire hafi ya Taiwan, canke ibikorwa vya gisirikare bikomeye mu kirere canke mu mazi, nk’uko umuvugizi wa Maison Blanche John Kirby abivuga.
Ibinyamakuru vya Taiwan na Amerika bivuga ko ategekanya kugendera Taipei (umugwa mukuru wa Taiwan), ariko ntibiremezwa na reta ya Amerika.
Pékin/Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa) igabisha ko hazoba “inkurikizi zikomeye” mu gihe Pelosi yoramuka agiyeyo.
Mu gihe Amerika ibandanya ico yita “imigenderanire ikomeye ariko itazwi” na Taiwan, ifitaniye imigenderanire n’Ubushinwa izwi, ariko atari Taiwan.
Ku wa mbere, umuserukizi w’Ubushinwa muri ONU Zhang Jun yaragabishije ko uru rugendo rushobora guhungabanya imigenderanire hagati ya Pékin na Washington, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters rivyandika.
Impande zompi mu migambwe ibiri irwanira ubutegetsi muri Amerika zirashigikiye cane Taiwan, co kimwe no mu nama nshingamateka na nkenguzamateka.
Ni mu gihe Pelosi, umutegetsi mukuru mu mugambwe w’aba Democrats, kuva kera yamye anegura ubutegetsi bw’Ubushinwa, yiyamiriza ihonyanga ry’agateka ka zina muntu ryo ku rwego rwo hejuru.
Yarigeze kubonana n’abarwanira intwaro rusangi mbere aragendera ikibanza ciswe Tiananmen Square i Pékin mu kwibuka abaguye mu bwicanyi bwo mu 1989.
Uyu mukuru w’inama nshingamateka yatanguye urugendo rwiwe muri Aziya ku wa Mungu, bikaba bitegekanijwe ko aca muri Singapour, Malaysia, Korea y’Epfo no mu Buyapani.
Yategekanya kugendera Taiwan mu kwa kane, ariko yarungurije urugendo rwiwe inyuma y’aho yanduriye Covid-19.
Mu ntango za kuno kwezi, Pelosi yavuze ko vyari “nkenerwa kuri twebwe kwereka Taiwan ko tuyishigikiye”.
Perezida Joe Biden avuga ko igisirikare ca Amerika cemera ko urugendo rwa Pelosi muri Taiwan atari “iciyumviro ciza muri kino gihe”.
Ku wa mbere, umuvugizi wa Maison Blanche mu gisata c’umutekano w’igihugu John Kirby yavuze ko mu vyo Ubushinwa bushobora gukora mu kwunyura ibintu ari “ugushinga imanza z’amanyanga” mu misi iri imbere, nk’akarorero bukavuga ko Umuhora wa Taiwan (Détroit de Taïwan / Taiwan Strait ) atari umugezi mpuzamakungu.
Avuga ko ibindi bimenyetso vyerekana ko Pékin ishobora kurungika indege z’itambara muri iryo zinga, nka kimwe mu bigize ibikorwa vyo kuvogera ikirere ca Taiwan.
Kirby asigura ko uwahoze ari umukuru w’inama nshingamateka w’Umurepubulika Newt Gingrich yigeze kugendera Taiwan mu 1997, kandi ko n’abandi bashingamateka ba Amerika bagendeye Taiwan mu ntango z’uno mwaka.
Avuga ati: "Nta cahindutse. Ntaco twovuga kidasanzwe. Si bwo bwa mbere umukuru w’inama nshingamateka azoba agendeye Taiwan”.
Yongerako y’uko Pelosi arerurwa n’indege za Amerika muri uru rugendo rwo muri Aziya.
Mw’ijambo yashikirije muri ONU, umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken asaba Ubushinwa kwinengesera mu gihe Pelosi yogendera Taiwan.
Inyuma y’ibiganiro vyo kurwanya ibirwanisho vya nikleyeri i New York, Blinken yabwiye abanyamakuru ati:
"Mu gihe umukuru w’inama nshingamateka yofata ingingo yo gukora uru rugendo, hanyuma Ubushinwa bukagerageza guteza ingorane canke naho bugatuma ibintu vyunyuka, vyose bizoba biri ku gatwe ka Pékin”.
"Turiteze ko – mu gihe yoramuka afashe ingingo yo kugendera Taiwan – ivyo bokora vyose bokwinengesera hagukora ikintu ico ari co cose cotuma ibintu vyunyuka”.










