Umugabo vyibazwa ko amaze imyaka 50 yarapfuye yagarutse iwabo

Ahavuye isanamu, Nairobi News
Joseph Odongo yari afise imyaka 30 igihe yava iwabo mu kigwati ca Riva muri Homa Bay mu 1972.
Mu kiringo c'imyaka 50 umuryango ntiwigeze umenya amakuru y'iyo yagiye gushika ku wa 14 uku kwezi aho baja babona agarutse afise imyaka 81.
Ikinyamakuru Daily Nation canditse iyi nkuru, kivuga ko yagarutse asanga amatongo yiwe, harimwo n'iryo yari yahawe n'abavyeyi, yatwawe n'abandi bo mu muryango bibaza ko ategerezwa kuba yarapfuye.
Yavuze ko icari catumye agenda akamara imyaka 51 atagarutse kwari ukugira yirinde amatati n'umuryango wiwe.
Odongo, azwi iwabo kw'itazirano rya Osir Komollo, avuga ko yaba mu gisagara ca Mombasa kiri kw'ibahari muri ico gihe cose umuryango waguma umurondera. Yaba mu nzu y'umunyamahanga.
''Hariya nari njejwe iyo nzu, kandi nari merewe neza aho i Mombasa, kurusha uko nari merewe iwacu Homa Bay,'' niko Odongo avuga.

Ahavuye isanamu, NATION MEDIA
Abantu bageze mu myaka 60 muri ico kigwati nta n'umwe yamumenye igihe yagaruka. Umukuru w'ikigwati yabanje kwitabaza abakurambere igihe uwo mugabo yinjira mu biro vyiwe ashaka kubaza ahatumbereye inzu y'iwabo.
Odongo yavuze ko yafashe ingingo yo kugenda igihe yagirana amatati n'umwe mu bahungu bavukana ubu yamaze gupfa. Muri uko gutata, yavuze ko hari abantu bo mu muryango bapfuye. Uwo bavukana yagirizwa kuba yagize uruhara muri izo mpfu.
Niho yaca afata ingingo yo kuja ahantu kure cane y'aho yavukiye kugira abo mu muryango ntibizoborohere gutora iyo yagiye.
Amaze gushingura abavyeyi biwe hanyuma akavana n'umugore wiwe, Odongo yaciye amara amezi makeya i muhira hanyuma aca afata akayira aragenda.
Yabwiye umuryango ko agiye ku mucamo w'ahitwa Sikri - ku birometero bike uvuye iwabo. Umuryango wagumye wibaza ko agaruka mu minsi mike, ariko amayinga ahinduka amezi, amezi icika imyaka.
Kuva ico gihe, vyaciye bigorana kuvugana nawe, biragorana kumenya iyo yagiye. Vyabaye kera umuryango uca uratangaza ko yapfuye.

Ahavuye isanamu, NATION MEDIA
Daudi Oketch yari umubanyi avuga ko abantu bo mu kibano bibaza ko Odongo yariwe n'ingona.
''Ica nyuma yabwiye umuryango wiwe n'uko yari agiye ku mucamo [w'ikiyaga]. Amaherezo twaciye dufata ko yariwe n'ingona,'' niko Oketch avuga.
Muramuwe w'imyaka 90 avuga ko Odongo yakiriwe neza cane n'umuryango wiwe mbere ababanyi bagatumirwa muri uwo munsi mukuru. Bamaze gusubira kubonana niho yababwira ko iyo myaka yose yaba i Mombasa.
Yababwiye ko ubuzima i Mombasa bwari bworoshe ku buryo buno nyene yaciye yibagira ingorane yari arimwo i Homa Bay. Rimwe na rimwe, umugabo yakorera yaraja mu ngendo za kure, Odongo agasigara muri iyo nzu wenyene.
''Buno nyene iciyumviro caciye kinzamwo, ko nogaruka iwacu. Naciye mpeba ivyo nari mfise vyose, harimwo n'umushahara ntari bwahembwe.''
Iyo myaka yose Odongo yamaze i Mombasa ntiyigeze asubira kurongora n'ubwo yifuza kuronka abana kuko umugore wa mbere bari bavanye ata bana bararonka.
Avuga ko igihje yavyibaza hari mu gihe indwara ya Sida yari ikaze aca ahitamwo kuguma wenyene.
Ariko aho agarukiye, abo mu ntwaro babona ko umuryango womuronderera umugore babana kugira ntagume ari wenyene.










