Uganda: Uwahoze arongoye abacungera prezida Milton Obote yabonetse inyuma y'imyaka 50

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze ari umukuru w'abacungera ubuzima bw'uwahoze ari prezida wa Uganda Milton Obote, vyibazwa ko yapfuye, yagarutse muhira muri ico gihugu inyuma y'imyaka 50.
Vincent Obodo w'imyaka 81, yigeze kurongora urwego rujejwe gucungera abategetsi mu biro vy'umukuru w'igihugu, yasubiye kubonana n'abapfasoni biwe babiri hamwe n'abana biwe kuri uyu wa gatanu.
Incuti ziwe zaheruka kumukubita ijisho mu kwezi kwa mbere mu 1971 - igihe Obote yatembagazwa ku butegetsi na Idi Amin.
Umuryango n'abagenzi baturitse bararira kubera umunezero igihe Obodo yaherekezwa muhira iwe n'abakozi b'ishami rya Onu rijejwe impunzi (UNHCR), nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru cigenga co muri Uganda Daily Monitor.
Obodo yahora aba mu buhungiro mu gihugu kibanyi ca Tanzania mu myaka mirongo itanu iheze, yabwiye ikinyamakuru ca reta New Vision ko anezerejwe no gutaha.
Obote yakuwe ku butegetsi n'igisirikare yagiye mu gihugu ca Singapour aho yari yitavye inama ya Commonwealth.
Obodo yavuze ko yari ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Jomo Kenyatta arindiriye ko Obote agaruka avuye Singapour igihe yumva iryo tembagazwa ry'ubutegetsi.
Obote yaciye aja mu buhungiro muri Tanzania, ari nayo mpamvu na Obodo yafashe iyo nzira, aguma muri ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika mbere n'igihe Obote yagaruka ku butegetsi mu 1980 - n'ubwo mu nyuma yasubiye gutembagazwa ku butegetsi mu 1985.
Obodo yabwiye ikinyamakuru Daily Monitor ati: "Ubuzima bwo mu buhungiro n'uruzitane rw'amahwa."
Ukugaruka kwiwe muhira kwashobotse biciye mu gufashanya hagati y'amareta ya Uganda na Tanzania, nk'uko umukozi w'ishirahamwe HCR Carol Kibuka Musoke yabibwiye abamenyeshamakuru.










