Uganda - ICC: Umukomanda wa LRA Dominic Ongwen yaciriwe umunyororo w'imyaka 25

Dominic Ongwen

Ahavuye isanamu, Getty Images

Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, CPI/ICC, yaciriye umunyororo w'imyaka 25 uwahoze ari umusirikare w'umwana yahavuye aba intwazangabo mu nyeshamba z'umuhari Lord Resistance Army (LRA) urwanya ubutegetsi bwa Uganda.

Mu kwa kabiri uno mwaka, Dominic Ongwen, azwi ku ritazirano rya 'White Ant', yaragiriwe n'ivyaha birenga 80 harimwo ubwicanyi, iyicarubozo, gufata ku nguvu n'ibindi...

Abashingwamanza bavuga ko Ongwen yaciriwe umunyororo w'igihe gito kubera yanyurujwe na LRA ari umwana.

Haraciye imyaka irenga 30 uyu muhari ushinzwe, ukaba ukorera muri Uganda no mu bihugu bihana imbibe nayo.

LRA yarahimbagura abantu mu kubaca ibihimba vyabo vyo mu maso.

Umucamanza Bertram Schmitt yari arongoye intahe avuga ko iyi ngingo yashitweko habanje kuba impari.

Umwe mu bacamanza, Raul Cano Pangalangan, yari yamusabiye imyaka 30, avuga ko kahise ka Ongwen kadategerezwa kwibagiza amahano y'abakozweko n'amabi yabakoreye.

Umucamanza Schmitt avuga ko vyabaye ngombwa ko haba amatora, gutyo uruhande rushigikiye ko ahanishwa imyaka 25 ruba ari rwo rutsinda.

Umushingamwanza wa Uganda Sarah Kihika Kasande avuga ko urubanza rwaciriwe Dominic Ongwen ari ubutumwa ko abagirizwa ivyaha bategerezwa kuzobibazwa.

Umupfasoni Kasande yabwiye televiziyo NBS yo muri Uganda ko hagisigaye vyinshi vyo gukorwa kugira ngo abakozweko n'ivyaha vyo mu ntambara mu buraruko bwa Uganda batunganirizwe.

Yavuze yuko n'abandi bagizi ba nabi bategerezwa kubazwa amabi bakoze haba mu gihugu canke ku rwego mpuzamakungu kubera Ongwen ntiyakoze ibi vyaha wenyene.