Uganda: Dominic Ongwen wa LRA yahamijwe ivyaha 61 na ICC

Sentare mpuzamakungu y'i La Haye mu Buholandi yahamije ivyaha vyo mu ntambara n'ivyaha vyakorewe zina muntu uwahoze ari umukomanda mukuru w'umuhari Lord's Resistance Army, LRA, wo muri Uganda.
Abacamanza bavuze ko basanze ahamwa n'ivyaha 61, harimwo ivyo kwica, kwica urubozo, gufata ku nguvu n'ubuja bufatiye ku gitsina.
Abaye umunywanyi wa mbere wa LRA aciriwe urubanza na sentare.
Ongwen yari akiri umwana igihe yanyuruzwa n'abagwanyi b'uwo muhari hanyuma aza kuba umwe mu bawurongoye.
Abacamanza bavuze ko ivyo yakoze atawamuhase kandi ata kinya yagira, akaba rero ashobora gucibwa umunyororo wo guherayo.
Umuhari wa LRA, urongowe na Joseph Kony, warateye intambara mu bihugu bitanu vyo mu karere ko mu buseruko no hagati ku mugabane wa Afrika.
Dominic Ongwen yafatiwe muri Republique Centre Africaine mu ntango z'ukwezi kwa mbere mu 2015, haciye imyaka cumi ICC imusohoreye umutahe wo kumufata.
Umukuru wa LRA, Joseph Kony, we gushika ubu ntarafatwa.
Dominic Ongwen yabariye umucamanza ko nawe nyene yanyurujwe na LRA akiri umwana muri Uganda.
Mu kwumvirizwa kugufi imbere y'uko urubanza rutangura i La Haye, Ongwen yavuze ko yari afise imyaka cumi n'ine igihe yaba umusirikare.
Yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara hamwe n'ivyo guhohotera ikiremwa muntu, bijanye n'igitero cagabwe mu nkambi y'impunzi muri Uganda.










