Uyu mugabo amaze imyaka 40 aba mw’ishamba, wenyene

Ken Smith

Ahavuye isanamu, Uruna Productions

Insiguro y'isanamu, Ken Smith avuga ko kumenya kuroba ari ikintu nyamukuru kugira ngo ugire ubuzima bwa wenyene

Mu myaka igera hafi kuri 40, Ken Smith yirinze ubuzima busanzwe, abaho atabona umuyagankuba canke amazi meza aho aba mu muganda yubatse ku nkengera y'ikiyaga kiri mu misozi ya kure cane muri Ecosse.

Smith ati: "Ni ubuzima bwiza cane. Bose baripfuza kuba mu buzima nk'ubu ariko nta n'umwe abishobora".

Si umuntu uw'ari we wese ashobora kwemera kubaho mu buzima nk'ubwa Ken bwo kwitaramura akaba wenyene mw'ishamba, abeshejweho no kuroba, arondera ivyo arya mw'ishamba, aja gusenya inkwi, atagira ubwogero.

Ikirenzeko kandi, ku myaka 74 yose.

Kugira ngo ushikire inzu yiwe mw'ishamba, ugenda urugendo rw'amasaha abiri uvuye kw'ibarabara riri hafi yaho, ku rugomero rw'amazi ruzwi nka Rannoch Moor muri Ecosse.

Ati: "Ruzwi nk'ikiyaga kiri ukwa conyene. Nta nzira ijayo, ariko abantu barigeze kuba baba hano imbere y'uko uru rugomero rwubakwa".

Araba iki kiyaga agihagaze hejuru, avuga ati: "Ugupfa n'ugukira kwaco kwose kuri ng'aha nyene. Rusansuma yerekana ko hano hatuwemwo n'umuntu umwe, uyo nawe ni jewe".

Haraciye imyaka icenda Lizzie McKenzie akora amareresi amenyanye na Smith ubwa mbere, niho kuva mu myaka ibiri iheze yatangura gutegura ireresi, amufata amashusho, mu nteguro y'urukurikirane rw'amareresi (documentaire) The Hermit of Trei rwa BBC Ecosse.

Uyu mugabo Ken afise amamuko yo mu karere ka Derbyshire mu Bwongereza, arasigura ingene yatanguye gukora afise imyaka 15, yubaka ibigo bijejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka.

Ariko ubuzima bwiwe bwagiye guhinduka afise imyaka 26 asohotse ku kagoroba k'ijoro aca ahura n'akarwi k'ibisuma, biramukubita biramusinzikaza.

Yaraviriranye imbere mu bwonko, arata ubwenge mu kiringo c'imisi 23 yose.

Ken Smith

Ahavuye isanamu, Uruna Productions

Insiguro y'isanamu, Ken Smith amaze imyaka 40 ukwa wenyene mw'ishamba yitandukanije n'isi.

Ati: "Abantu bavuga ko ntari gushobora gukira. Bavuga ko ntari gusubira kuvuga. Bavuga ko ntari gusubira gutambuka, ariko vyose vyarakunze. Ico gihe, niho naca mfata ingingo yo kudasubira kubaho uko abandi bashaka, kiretse uko jewe nyene nshaka".

Kurondera iyindi nzira y'ubuzima

Ken yaciye atangura kuzunguruka irya n'ino ari naho yakunda ubuzima bwo mw'ishamba.

Ari i Yukon, akarere ko muri Canada gahana urubibe n'intara ya Alaska, niho yibaza ivyoshobora kumubako mu gihe yokwiha ishamba.

Nivyo yaciye akora. Avuga ko yagenze ibirometero ibihumbi 35 (35000 km) vyose imbere yo gusubira muhira.

Abavyeyi biwe bagiye gupfa batari kumwe, akaba yagiye kubimenya ko bapfuye asubiye muhira.

Ati: "Jewe ntaco vyambwiye. Vyamfashe igihe kirekire kugira ngo numve ko bimbabaje".

Ken yari abeshejweho ahanini n'amafi

Ahavuye isanamu, Ken Smith

Insiguro y'isanamu, Ken yari abeshejweho ahanini n'amafi

Ken yafashe urugendo rurerure mu Bwongereza, niho amaze gushika i Rannoch mu misozi yo muri Ecosse, yibuka giturumbuka abavyeyi biwe aca atangura kurira.

Ati: "Inzira yose nagenda ndarira".

Muri iyi reresi, avuga ati: "Nariyumvira, none ni akahe karere kitaramuye gusumba mu Bwongereza?"

"Nagumye nzunguruka mva ku kigobe nja ku kindi nduga imisozi n'iyindi ntashobora kubona inzu n'imwe yubatse. Ibirometero amajana n'amajana ata kintu na kimwe mbona. Niho naraba iki kiyaga, nca mbona iki kibira".

Yaciye abona ko aronse ikibanza yari agiye kwiberamwo.

Ken avuga ko ico gihe ari ho amarira n'ivyiyumviro vyaca bihera.

Yabanje kwubaka akazu k'akagondano mu duti duto duto, mu nyuma avamwo yubaka inzu mu biti binini.

Ubuzima bwa wenyene

Imyaka mirongo ine yakurikiye, iyi nzu yari ifise iziko, ariko nta muyagankuba, nta gaze canke irobine y'amazi, nta terefone.

Aha Ken yari ahagaze hampande y'inzu yiwe y'ibiti haciye igihe gito ahejeje kuyubaka hagati mu myaka ya 1980

Ahavuye isanamu, Ken Smith

Insiguro y'isanamu, Aha Ken yari ahagaze hampande y'inzu yiwe y'ibiti haciye igihe gito ahejeje kuyubaka hagati mu myaka ya 1980

Yaja gusenya inkwi mw'ishamba akazizana kugira ashobore guteka.

Arima imboga n'inkere, ariko imfungurwa nyamukuru ni iziva mu kiyaga.

Ati: "Nimba ushaka kwiga kubaho ubuzima bwawe wigenga, ikintu nyamukuru ukora ni ukwiga kuroba".

Haciye imisi cumi Lizzie McKenzie avuye kuri iyi nzu yiwe, hari mu kwa kabiri 2019, Ken yaciye atangura guhura n'ibibazo vy'ukuba ukwiwe, aho yafatwa n'indwara yo mu bwonko (AVC/stroke) igihe yari hanze mw'ibarafu (neige/snow).

Yakoresheje igikoresho ca GPS (ubuhinga bufasha ababukoresha kwerekana aho bari) yari yahawe imisi mike imbere y'aha, maze ashobora gusohora ubutumwa bw'ugusaba ubutabazi (SOS) bwashikiye mu minwe y'ikigo kijejwe ubutabazi ca Huston, mu ntara ya Texas muri Amerika.

Niho abajejwe gucungera imbibe mu Bwongereza baca baronswa ubwo butumwa hanyuma Ken aca akurwa aho yari ari n'indege ajanwa mu bitaro vya Fort William muri Écosse, aho yamaze amayinga indwi ariko aravurirwa.

Abakozi b'ivyo bitaro bagumye bakora uko bashoboye kugira ngo ashobore gusubira kubaho ukwiwe, ariko abaganga bobo bagerageza kurondera ingene bomusubiza mu buzima busanzwe, aho yari guhabwa inzu nziza abamwo n'abamukurikirana.

Ariko Ken wewe yashaka kwisubirira muri iyo nzu yiwe mw'ishamba.

Ken Smith

Ahavuye isanamu, Uruna Productions

Ariko ingorane z'amaso yagize (vision double / double vision = ingorane y'uko buri jisho ribona ikintu ukwaryo, ikintu kimwe kikabonekamwo ibintu bibiri), akaba yaranataye ubwenge inyuma y'iyi ndwara yo mu bwonko, bisigura ko Ken ategerezwa kwemera kwitabwaho gusumba.

Uwujejwe ivyo guhiga muri ako karere ari na we acungereye ikibira Ken abamwo, yama amushira indya uko indwi zibiri ziheze.

Ken ati: "Muri ino misi abantu baranyitayeho cane".

Inyuma y'umwaka ibi vyago bimubayeho ubwa mbere akarokorwa ubuzima, vyabaye ngombwa ko Ken yongera gusubiranwa kwa muganga n'indege, inyuma y'aho ikirundo c'ibiti kimuguyeko.

Ariko nta bwoba afise kuri kazoza kiwe aho yasubiye kwibera iwiwe.

Avuga ati: "Nti twaje kuba kw'iyi si imyaka idahera. Nzoguma aha gushika ku musi wanje wa nyuma. Nahuye n'ibibazo indiri n'indiri, ariko bisa n'uko vyose nashoboye kubirengana".

"Ndazi ko nzosubira kurwara. Ndazi ko hari ikizoza kikantwara ubuzima nk'uko bigenda ku muntu uw'ari we wese. Ariko ndizeye ko nzoshikana imyama 102".