Slovenia: Umugore yiciye ikiganza arondera ubwishingizi yagirijwe icaha c’uburiganya

Umugore wo muri Slovenia yagiriwe n'icaha co kwikata ikiganza n'ibigirankana mu ntumbero yo kurondera imfashanyo y'amashirahamwe y'ubwishingizi.
Sentare yo mu karere ka Ljubljana yasanze ko umupfasoni Julija Adlesic w'imyaka 22, yari yemerewe ubwishingizi butanu umwaka umwe imbere y'uko yikomeretsa. Yavuze ko ivyamushikiye vyabaye ariko aratema amashami.
Adlesic yohawe ama Euro arenga umuliyoni muri ubwo bwishingizi.
Ubu rero yaciriwe umunyororo w'imyaka ibiri, mu gihe umukunzi wiwe nawe yaciriwe umunyororo w'imyaka itatu.
Adlesic na bamwe mu banyamuryango wiwe bahagaritswe mu 2019 igihe yashikanwa mu bitaro yaciwe ikiganza.
Sentare yasanze ko we n'umukunzi wiwe banyegeje igice cari cakaswe kugira ngo bikunde bemeze ko yagize ubumuga bw'ubuzima bwose.
Hagati aho, abategetsi barashoboye kuronka ico kiganza cakaswe maze barashobora kugisubizako.
Abashikirizamanza bavuga ko umukunzi w'uyu mugore yari yabanje no kugira ubushakashatsi ku mbuga ngurukanabumenyi arondera amakuru ajanye n'amaboko y'amaterano.
Aba bashikirizamanza babona ko iki ari icemezo c'uko iki kiganza cakaswe n'ibigirankana.
Eka na se w'uyu mukunzi wa Adlesic nawe nyene yaciriwe gupfungwa ic'amaso umwaka umwe.
Mu gihe urwo rubanza rwasomwa, Adlesic yahakanye ivyo kwikata ikiganza.
Iyo iki kinyoma gikunda, uyu mugore n'umukunzi wiwe baca baronswa igice c'umuliyoni w'ama euros, hanyuma ayandi bakaza barayaronswa ku kwezi ku kwezi.










