Uyu mukenyezi yasutsweko 'acide' n'umugabo wiwe

Ahavuye isanamu, Menbere Aklilu
Umugore wo muri Ethiopia yaratabagaye isura inyuma y'aho uwahoze ari mugabo wiwe amutereye akamusukako uburozi bwa aside (acide) mu 2017.
Aho asanzwe aba muri Amerika, Atsede Nguse yabwiye BBC ati: "N'aho ndi mu mubabaro, mfise igituma ntegerezwa gushima: isi ifise abantu benshi beza gusumba abafise imitima mibi".
Uyo mugore w'imyaka 29, nyina w'umwana umwe, ati: "Vyaranshitse ku mutima mbonye urukundo n'umwitwarariko abantu batandukanye banyeretse inyuma y'aho ngiriye ibi vyago".
Iyo aside bamusutseko yaramutabagarije isura yiwe iranamuturira umubiri wose.
Muri Ethiopa ntiyashobora kuvurwa, kandi nta n'amahera yari afise ngo ashobore kuja kwivuriza ahandi.
Bamaze kwumva ivyamubayeko, abagenzi n'abandi bagiraneza bagize isekeza ryo kwegeranya amahera kugira ngo ashobore kuja kwivuza muri Thailand.

Ahavuye isanamu, Atsede Nguse/Menbere Aklilu
Ariko ayo mahera yagiye kumuherana atarashobora gukira neza, biba ngombwa ko asubira muhira.
Niho hasubira kuboneka uwundi mugiraneza aramufasha, ku ncuro ya kabiri.
"Vyarankoze ku mutima"
Menbere Aklilu, umugore aharanira agateka k'abakenyezi akomoka muri Ethiopia ariko asanzwe aba muri Amerika, yasomye inkuru ijanye n'ivyashikiye umupfasoni Atsede ku rubuga rwa Facebook.
Nk'umwe mu barokotse ihohotera rikorerwa abakenyezi mu ngo, avuga ko yumvise ashaka kumufasha.
Ati: "Igihe nsoma iyi nkuru, narumvise mbabaye cane. Ariko maze kwumva ko yari umuvyeyi, naciye nibaza nti: "None nk'iyo umuhungu wanje aba ari mu kibanza c'umuhungu wiwe aba amerewe gute?"
"Ni ukuri vyarankoze ku mutima".
Ishirahamwe Acid Survivors Trust International ryo mu Bwongereza rimenyesha ko muri ico gihugu ca Ethiopia abagore baharurwa hagati ya 50 na 75 baturirwa hakoreshejwe aside uko umwaka utashe.
Icigwa cakozwe na leta ya Ethiopia mu 2016, cerekana ko abarenga ica gatatu c'abakenyezi barongowe canke bigeze kurongorwa bakubaguwe n'abo bubakanye.
Ivyashitse kuri Atsede ni kimwe mu biranga ikubagurwa nk'iryo.
Ababanyi bari bamugabishije
Umugabo wiwe barongoranye mu 2012 yashobora kumukubita ku kantu gato gusa batumvikanyeko.
Ati: "Ababanyi bari bafise ubwoba, bakavuga ko yari gushobora no kunyica umunsi umwe. Ariko ivyo ntivyabujije ko mbandanya mbana nawe ku bw'umwana wanje. Sinashatse ko akura atabona se wiwe, nk'uko vyangendeye".

Ahavuye isanamu, MENBERE AKLILU/FB
Niho mu 2015 yafata ingingo yo kumuva iruhande agasubira kwa nyina, inyuma y'aho amukubitiye bikomeye akamuhongora amenyo isura yiwe iravyimba.
Ati: "Maze gusubira muhira ahitwa Adigrat, mama na mushikanje bari basanzwe baba muri Arabia Saoudite baramfashije ndugurura akabutike ko kudandaza ivyo kwigira neza (boutique cosmetique). Vyagenda neza".
Ariko mu kwa gatandatu 2017, yaramuhamagaye kuri telephone, yigira ko yari hanze y'igihugu.
"Yigira nk'uwuhamagaye ari muri Arabia Saoudite, ariko rero niho naza numva amajwi y'abana bariko bavuga ururimi rw'iwacu, igitigrinya".
Mu kwezi kwakurikiye, uyo mugabo yatembereye kwa inabukwe i Adigrat.
Atsede yibuka ivyahavuye bimubako: "Yari yinyegeje mw'ishamba. Niho nabona aza aho ndi, aca ansukako ibintu ku mubiri wose".
Ubwo nyene, aside yaciye itangura kumuturira.
"Naciye nkoma induru nsaba ko bantabara. Mama, musazanje na mushikanje baciye baza bariruka. Ariko wewe yaciye ahunga yurira imodokari yari imurindiriye".
"Dusangiye umubabaro"
Umupfasoni Atsede yarahiye cane ku maboko, mu maso, ku gikiriza no ku kuguru kumwe. Yarahanduriye n'ubuhumyi.
Amavuriro y'aho yari asanzwe aba ntaco yashobora kumufasha.
Ariko ikintu camubabaje gusumba ibindi ni ingene umwana wiwe w'umuhungu yari afise imyaka itanu yifashe igihe bari bamumuzaniye.

Ahavuye isanamu, Atsede Nguse
"Maze gukorerwa ayo mabi, umuryango wanje warazanye umwana wanje kundamutsa. Amaze kwinjira mu cumba nari ndimwo, bamubwiye ngo andamutse bati: 'ni nyoko wawe'
"Niho yanyihweza, arandaba.... maze ati: 'Oya, uyo si mama, mama wanje ni mwiza'".
Atsede amaze gusubira muhira avuye muri Thailand, yaciye ashirwa mu kigo c'abarokotse ikubagurwa hagati y'abubakanye kiri ku mugwa mukuru Addis Abeba.
"Yashoboye kubagwa ijisho"
Umupfasoni Menbere yaramurondeye maze arashobora kumushikana muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, inyuma y'urugamba rurerure amuronderera uburenganzira bwo kwinjira ico gihugu mu gisata kijejwe uruja n'uruza.
Yashoboye kwegeranya amahera aciye ku ncuti n'abagenzi - eka mbere n'abandi batanamuzi barafasha bamaze kwumva amabi yashikiye Atsede.
Uyo mugore aharanira agateka k'abakenyezi avuga ko afasha Atsede nk'umwana wiwe: "Mbana nawe tugasangira ububabare n'amagorwa yiwe".
"Ndafasha abakenyezi kuko nanje nikunda. Kuko iyo ufashije umuntu, ibikomere vyawe birakira. Vyongeye, nibaza ko nshobora gutuma n'abandi bavyura agatima k'ikigongwe bakamufasha".
Muri kino gihe, umupfasoni Atsede ari mu minwe y'abaganga muri California bariko baramufasha, akaba afise icizere ko ashobora gusubira kubaho mu buzima busanzwe.
Ati: "Barashoboye kunkora ibice vyo hejuru no musi bikikije amaso. Vyari vyaravuyeko. Ubu ndashobora kwugurura no kwugara amaso". Arizeye ko azosubira gukanura neza bisanzwe.
"Ati: Nahejeje ivyigwa vyo kwandika ku bafise ubumuga bw'amaso, nkaba ndiko ndiga inyabwonko. Mfise indoto nyinshi, kandi ndizeye ko nzozishikako".
Umugabo wiwe ntawuramukubita n'iryahumye, ariko yaramaze gucirirwa umunyororo w'ubuzima bwose.
"Ari nka hamwe nomubona, nomubaza ikibazo kimwe gusa: 'Kubera iki wankoreye ibi'?"










