Abakurikiranwa cane ku mbuga hwaniro bararonderwa ngo basambanywe

Tyne-Lexy yari afise imyaka 19 igihe yaronderwa n'abagabo ubwambere ku mbuga ngurukana bumenyi

Ahavuye isanamu, Lee Palace

Insiguro y'isanamu, Tyne-Lexy yari afise imyaka 19 igihe yaronderwa n'abagabo ubwambere ku mbuga ngurukana bumenyi
    • Umwanditsi, Inkuru ya Ellie Costello
    • Igikorwa, Wo muri Kiganiro ca BBC Bita Victoria Derbyshire

Abantu bazwi cane ku mbuga ngurukana bumenyi bararonderwa umusi ku musi n'abantu batazi babemerera amafranga aharugwa mu bihumbi y'abongereza bita Pound ngo babasambanye.

Vyaciye mu kiganiro ca BBC Victoria Derbyshire, umuntu umwe yamenyesheje ko ku bagabo imbiga hwaniro zacitse ikibanza co kuronderamwo abo bakeneye gusambanya.

Ruriko abantu benshi bakora ibikorwa vyo kudandaza umubiri - biteye ubwoba kuronka ubutumwa wibaza ko bwarungikiwe wewe, co kimwe no kuronka ubutumwa wibaza ko bwarungikiwe abigeme beza cane bo ku rubuga hwaniro bita Instagramm, niko Tyne - Lexy Clarson avuga.

Avuga ko igihe yari afise imyaka 19 yasabwe ubwambere gusambanywa n'uwamwemerera ibihumbi 20 vy'amafranga y'abongereza y'ingabire yari gukoresha mu kunywa no kurya.

Ariko ahejeje gukina incuro zibiri mu rukurikirane rw'ikinamico bita Love Island, ikigo kimwe camwemereye ingabire y'ama Pound ibihumbi 50 ku majoro 5 mu Gisagara ca Dubai.

Muri ubwo butumwa harimwo amasezerano avuga ido n'ido ivyo azosabwa bizoguma biri mw'ibanga.

Tyne-Lexy yavuze ko yanse iyo ngabire, ariko yagize ubwoba kw'abafise ibibazo bijanye no gukurikiranwa cane ku mbuga barinze bakira nk'ingabire igizwe n'ibintu bizimvye.

Ivyo ngo bituma batoroherezwa mu gukomeza baboneka, kandi bituma bagira ubushobozi buke habaye ikurikiranwa ry'izo ngabire n'iyo zagiye ziva.

''Ni amafranga menshi ku bantu bamwe bamwe, kandi ni amafranga ahindura ubuzima bw'abantu''.

Kurungika amafranga menshi.

Rosie avuga ko abarondera batabivugira mi migwi y'abantu benshi

Ahavuye isanamu, Rosie Williams

Insiguro y'isanamu, Rosie avuga ko abarondera batabivugira mu migwi y'abantu benshi

Rosie Williams akina mu rukurikirane rw'ireresi Love Island yahawe amapound ibihumbi 100 ku mwaka n'impuzu n'amasakoshi ngendanwa kugira abe umugenzi w'umugabo ari muri Dubai.

Yaratweretse bumwe mu butumwa bwa vuba yahawe n'umuntu avuga ko ari muri Dubai.

Ubwo butumwa bwavuga ko ashobora kuzotangazwa no kwumva amuvugisha ariko ko yari afise amafranga menshi amurungikiye - nk'uko uyo mwigeme abivuga ubutumwa barungika ngo bufise amungane ameze kumwe.

Yavuze ko atari gushobora gutweruka kuyakira, naho yari menshi.

Rosie yavuze ko atashize imbere ibijanye no kumenyekana: ''Uragabishwa ko utukwa, ko ubuzima bwawe buzoca buhinduka cane, ariko ntiwigera ugabishwa ko ushobora kugurwa n'abagabo''.

Avuga kandi ko bitavugirwa hagati mu migwi y'abantu bazwi cane. ''Dushobora kuba tutari mu kibanza co gukenera kubikora, muri ico gihe ntitubivuga, canke twarabikoze, muri ico gihe bidutera isoni''.

''Guta agaciro n'ugusambanywa ku nguvu''

Twarabonye abakenyezi batanzwe ku ngabire kugira basambwanywe hakoze amafranga
Insiguro y'isanamu, Twarabonye abakenyezi batanzwe ku ngabire kugira basambwanywe hakoze amafranga

Abantu bakurikigwa cane ku mbuga hwaniro bararonse ubutumwa bwinshi buvuye muri izi nteguro.

Uburyo bikorwa burahindagurika, hari abatunzi babarondererwa biciye ku bandi bantu canke abagabo bakabasaba igitsina atawundi baciyeko.

Twararonse ivyemezo vyanditswe n'umuntu tudatanze izina bwatanzwe n'umugabo yiyita umwongereza azwi cane, avuga ko yahawe ibihumbi 10 vy'amapound kugira bafatane akaruhuko harimwo no gusambana.

Isabel yavuze ko yegerewe ku rubuga rwa Instagram n'umugabo amusumvya imyaka 10, inyuma y'uguhigana mu kigino cerekana ingabire kuri Televiziyo.

Yagize ati: "Ubwa mbere nahawe isakoshi yo mu minwe igezweho. Yarimwo ibirozi bituma angirako ububasha, kubera amafranga menshi afise.

"Yansubiriza mw'isakoshi ngendanwa amajana n'amajana y'amapound, duhejeje gusambana''.

Kandi vyatuma ngira ikibazo co gukurikirana ku rubuga ngurukana bumenyi abantu benshi babandanya bankurikira. Rero, nibazako arivyo vyatumye nemera ingabire ziwe.

Yavuze ko batari bwigere bahura narimwe nawe mu mezi 18 yari aheze kandi ko kira munsi yanezererwa no kuvugana nawe.

"Yaranezerewe cane igihe najayo. Twatanguye kunywa imbere yo gufungura kandi yariko ambaza ubutunzi bwanje-

"Namubariye ko mfise kuri konte ibihumbi bitanu vy'ama pound. Yagize ati : ''Usambane nanje nca ndaguha nk'ayo ufise incuro zibiri''.

Isabel yavuze ko yaduze mu cumba c'iyo nzu y'ukwakiriramwo ingenzi hanyuma bakagira ubwo busambanyi.

Ati: ''Nasanze bisa n'urusukirane rw'ukwikurako agateka, vyarambabaje cane, nasambanijwe ku nguvu".

Ariko yaravuze ashimitse ko atari ubwoko bw'ukudandaza umubiri.

Ati: "Ni ugukundana gutera imbere, kujana n'ibihe... mu gihe mu kudandaza igitsina wemera kwakira amafranga uhawe n'uwo utazi".

Ugushurashuzwa ku nguvu

Heather Brunskell-Evans, umwe mu baharanira agateka k'abakenyezi
Insiguro y'isanamu, Heather Brunskell-Evans, umwe mu baharanira agateka k'abakenyezi avuga ko abigeme bashurashuzwa ku nguvu biciye ku mbuga ngurukanabumenyi

Umugwi uharanira agateka k'abakenyezi, Object, usanzwe ugwanya ko abakenyezi bafatwa nk'ibikoresho mu gusambanywa, wavuze ko bizwi ko abakenyezi bageragezwa cane n'ingabire z'amafranga menshi.

Heather Brunskell-Evans yagize ati: ''Abakenyezi bafise uruhara muri ibi bintu ntibakenera kwumva ijambo ryo kudandaza umubiri. Ukuri ni ukwo badandaza imibiri yabo ku mafranga''.

Abagabo bakeneye ubugenzi bwihuta bemerera umukenyezi ikintu cose akeneye kugira atere imbere mu kazi akora nk'umuntu akurikirwa na benshi.

Ariko imperuka n'uko umukenyezi ategerezwa gukora ivyo bintu ku mafranga kandi ubwiwe aba asanzwe atabikeneye, bigaheza bikamumaramaza.

Rob Cooper icamamare mu kumenyekana yavuze ko atari abagore gusa begerwa, ko hari umugabo yarungikiwe kenshi ingabire y'amafranga mu ntumbero yo gusambana.

Ati: "Novuga ko abantu bakurikiranwa cane bo ku rugero rwo hejuru canke abandi bazwi cane mu vyo bakora bama bariko bararonka ubutumwa nk'ubu buri munsi".

Yongeye avuga ko imbuga hwaniro zikwiye gutora inzira, kugira abantu babazwe ivyo bandika ku mihora yabo - hakurikijwe 'impapuro z'inzira canke ibipapuro bibemerera gukora akazi - kugira barinze bunguruza urubanza, amakonti yabo yemererwe gusubira kwugurura.

Umuvugizi w'urubuga hwaniro rwa Facebook yavuze ati: "Ukurondera igitsina ntivyihanganirwa kuri Instagram, kandi abakunda kurenga kuri ayo mabwirizwa bazohagarikwa".

Ati: "Dukeneye ko instagram iba ikibanza abantu bahuriza ivyiyumviro vyabo. Dukoresha uburyo bwinshi hamwe n'ubushakashatsi mu gukingira abari kuri urwo rubuga".