Abadandaza batobato bibaza impamvu bagitozwa amakori ku mupaka wa Gatumba

Abagabo bashoreye amakinga ariko ibidandazwa mu mifuko, imbere yabo hari umugore wikoreye ku mutwe, ibindi abifise mu biganza
Insiguro y'isanamu, Ku mupaka wa Gatumba haboneka abanyagihugu bajana ibidandazwa muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, abandi babikuyeyo
    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bujumbura

Mu gihe haciye ukwezi Uburundi na Repubulika ya Demokarasi ya Kongo bitanguje icese umugambi wo guhanahana ibidandazwa mu buryo bworoheje wiswe RECOS (Régime Commercial Simplifié), abakora urudandazwa rutoruto ndengambibe baca ku mupaka wa Gatumba, bavuga ko badatahura igituma utaraja mu ngiro.

Uwu mugambi wari watangujwe mu ntumbero yo kworohereza abadandaza batobato kugira bashobore kwisununura.

Ariko bavuga ko gushika ubu ata kimenyetso na kimwe cerekana ko watanguye kubera inzego z’ibihugu vyompi, Uburundi na RDC, zibandanya kubatoza amakori n’amatagisi nk’uko vyahora.

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji bamenyesha ko hakiri ibiriko biratunganywa kugira uwo mugambi utangure mu buryo bwuzuye.

Ushitse ku mupaka wa Gatumba, muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, wakirwa n’uruyogoyogo rw’abanyagihugu bariko barinjiza ibidandazwa bitandukanye babikuye muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, abandi babijanayo.

Bamwe babitwara ku makinga, abandi mu miduga. Hari n’ababitwara ku mutwe.

Biraboneka ko uruja n’uruza rwiyongereye cane ugereranije n’uko vyari vyifashe mu myaka ibiri iheze.

Ariko abadandaza batobato barashavuye. Bavuga ko bamaze ukwezi kwose barindiriye ishirwa mu ngiro ry’umugambi watangujwe hagati y’Uburundi na Kongo mu ntumbero yo kuborohereza mu kwinjiza canke gusohora ibidandazwa.

Pascal Ntibazonkiza, w’imyaka 72, ni umwe muri abo badandaza, akaba agendana ubumuga.

Ntibazonkiza agira ati: "Oya ivyo ntibiratworohereza kuko n'ubu baracyaguma baturihisha nk'uko bahora baturihisha nyene.

"Ntibatunyanyasa [ntibaduhohotera]. Bakubwira gusa 'hagarara'. Ugahagarara. 'Riha'. Ukariha.

"Ariko ikitubabaza gusa ni uko kubona igipolisi kitubwira ngo 'zana amahera'... Kandi tugiye hariya nyene iyo tubitwaye, baturihisha ayandi mafaranga."

Umugambi wiswe RECOS watangujwe icese kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu (10) uyu mwaka.

Abantu barimo umugore bagenda ku mupaka wa Gatumba w'u Burundi na RDC
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Vyari bitegekanijwe ko ku mipaka yose Uburundi buhana na Kongo haca hamanikwa urutonde rw’ibidandazwa birenga 60 vyemerewe guhanahanwa mu buryo bworoheje hagati y’ibihugu vyompi.

Ariko abadandaza bavuga ko n’ivyo bitakozwe.

Noracique Nahishakiye avuga ko bataramenya ko barabirekura, "nta n'ubwo turabona n'aho vyanditse ngaha ibiteguwe kugira ngo tumenye ivyo twopakira".

Aba badandaza bipfuza ko uwo mugambi woshirwa mu ngiro vuba kugira batore akoyoko.

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji basigura ko RECOS ari umugambi wagutse cane utaraba umupaka umwe gusa.

Onésime Niyukuri abuvugira, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko uwo mugambi werekeye imbibe zitanu Uburundi buhana na Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.

Asigura rero ko hakiri ibiriko biratunganywa vyihuta kw’izo mbibe zose kugira umugambi uje mu ngiro ijana kw’ijana.

Avuga ati: "Ikintu ca mbere cari cihutirwa, kwari ugutanguza umugambi.

"Hanyuma rero ibiheza bikurikira bikorwe, harimo guha impapuro barya badandaza... ivyo kubaka, ivyo gushiraho vya bikoresho bikenerwa mu kugenzura abinjira n'abasohoka canke ayo mabarabara yandi azoba asabwa kubakwa..."

Niyukuri avuga ko uyu mugambi ari uw'imyaka ine, reta y'Uburundi ikaba yitezwe kuwutangako ibihumbi 90 vy'amadorari y'Amerika.

Mu bidandazwa birabwa n’uyu mugambi harimwo ubwoko butandukanye bw’ibitungwa, ivyimburwa, inyama, amafi, n’ibindi.