Abarundikazi bapfiriye mu nkongi y'umuriro i Buruseli

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Buruseli
Mw’ijoro rihera ryo ku wa gatanu rishira ku wa gatandatu, Abarundikazi babiri barahitanywe n’isanganya ry’umuriro i Buruseli mu Bubiligi, nkuko vyemezwa n'imiryango yabo.
Abo ni Masika Sandra w’imyaka 20 na Muco Steffy Bretta w’imyaka 27.
Uwo muriro wadutse mu nzu y’amagorofa atatu iri hagati mu gisagara ca Buruseli muri komine (akarere) ya Anderlecht, mu nzu ibamwo abantu benshi.
Walter Derieux, umuvugizi w’igipolisi kijejwe gukinga impanuka c’umuji wa Buruseli, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko umuriro watanguye kwaka mu gicugu (ijoro rinini) mu nzu iri hasi.
Uwo mupolisi yavuze ko uwo muriro wahavuye utandukira izindi nyubako zo hejuru.
Yabandanije avuga ko naho bagerageje kuzimya, basanze mu nzu zo hejuru hariho abantu batatu bapfuye, harimwo abapfasoni babiri boba bafise amamuko muri Afrika.
Ku mugoroba wo ku munsi wa gatandatu ni ho imiryango y'abahisi yabwiye BBC ko muri batatu bapfuye, babiri ari Abarundikazi, Masika Sandra na Muco Steffy Bretta.
Bari basanzwe bakora mu ruganda rutunganya inyama rwitwa Viangro aho i Buruseli.
Iyo miryango yavuze ko vyabagoye kumenya ko ababo bapfuye kubera igipolisi c’Ububiligi kitashotse kibabwira kubera bari barindiriye ibipimo cy’abaganga banonosoye ivyo gupima abapfuye – abaganga bazwi nka 'médecins légistes' mu Gifaransa.
Polisi yabwiye BBC ko amatohoza akibandanya, ko hakiri kare kugira hamenyekane icateye umuriro.
Inkongi z'umuriro zirakunze kubaho muri komine ya Anderlecht, igwiriyemo inzu zishaje ndetse ituwemo n'abanyamahanga benshi.
Abo barundikazi babaye abashika 15 mu kiringo c'imyaka itatu bahitanywe n'umuriro muri iyo komine yo ku murwa mukuru w'Ububiligi.
Komine ya Anderlecht ni yo ya mbere mu makomine y'umuji wa Buruseli izwi nk'iyituwemwo n'abanyamahanga benshi hamwe n'Ababiligi bafise amamuko mu bihugu vyo muri Aziya na Afrika.
Nkuko ikigo Fondation Roi Baudouin kibivuga, bane mu bantu 10 baba muri komine ya Anderlecht bamuka hanze y'Ububiligi.
Nayo amasanganya y'umuriro atatu mu 10 yibonekeza i Buruseli abera muri komine ya Anderlecht, ahanini kubera ugusaza kw'inzu zaho, aho hari izirenza imyaka 80 zubatswe zitarasubirwamwo, nkuko ico kigo kibivuga.













