Burundi Day: Ni kuki umunsi wahariwe Abarundi baba mu mahanga utabonwa kumwe?

Ahavuye isanamu, DIASPORA BURUNDAISE
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshakuru i Bruxelles
Burundi Day, umunsi wahariwe Abarundi baba hanze y'igihugu warahimbajwe ubwa mbere mu mpera z'indwi yaraye irangiye.
Uwo munsi wahariwe Abarundi baba mu mahanga kuri wa 26 Gitugutu 2024 niho wahimbazwa mu Bubirigi, uteguwe n’ishirahamwe rihurikiyemwo Abarundi baba mu bihugu vy'irya n'ino kw'isi ryashinzwe i Bujumbura mu kwezi kw'indwi uno mwaka wa 2024.
Samuel Ndayiragije yatowe kurirongora yagiye ava i Bujumbura gutanguza uwo munsi.
Abitavye uwo mubonano wabereye hagati na hagati mu gisagara ca Bruxelles, umurwa mukuru w’Ububiligi, bashika nka 100 canke barenga gato.
Ni mu gihe muri ico gihugu c'Ububirigi conyene, Abarundi bahaba bagereranywa ko boba bashika 30.000. Kandi ubutumire nta n'umwe bwakumira.
Gusa hari ayandi mashirahamwe nayo yari yasohoye ubutumwa bwo guhamagarira abantu kutitaba kuri uwo munsi. Ayo ni nka Forum des Diasporas Burundaise -FODIB na Diaspora Burundaise de Belgique -DBB nayo nyene ahurikiyemwo Abarundi baba mu makungu.
Liberat Ntibashirakandi ni umwe muri bo. Avuga ko intumbero uwo munsi wahawe atari yo ibiraje ishinga.
Ati: ''Ibihanze Abarundi baba hanze si ivyo. Bobo [abatunganije Burundi Day] ico bakeneye ni ugusigura imigambi y’umugambwe utwara kino gihe, kandi ninawo wabashizeho. Ni ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi bwabashizeho.
''Uravye ivyo bavuga ni imbonakazoza yo mu 2040-2060, ivyo navyo sivyo bihanze Abarundi ni 'propagande' y’umugambwe uri ku butegetsi. Bari bakwiye kumenya ko intwaro n’imigambwe bihinduka ariko amashirahamwe aharanira inyungu z’Abarundi yo yamaho.
Ntibashirakandi asaba abatunganya Burundi Day kwicarana ''n'abaserukira Abarundi bose bashireho urwego rudahengamiye ku mugambwe ruserukira bose, naho ubundi ngo "ivyo bakora ni impfagusa.''
Gabriel Rufyiri, umwe mu Barundi baba hanze ariko akaba anakorera cane mu Burundi arahakana ko ishirahamwe ry'Abarundi baba hanze riri mu kwaha kw'umugambwe uri ku butegetsi.
Ati: ''Twebwe turabizi, turavyumva. Mu baturwanya harimwo abari mu butegetsi n’abatavuga rumwe na bwo. Ni uko nyene.
''Ndabarahiye ntituri mu kwaha kw'ubutegetsi... nihagira umutegetsi canke umunyamugambwe wa CNDD FDD agira ivyo yonona ntituzotinya kumwiyamiriza.
''Ntidushobora kwemera kuja mu kwaha k'uwo ari we wese. Tugomba guhuza bose kandi n'umukuru w’igihugu twarabimubwiye.
''Ntawe dutinya kandi ntawe dukorera uretse Abarundi baba hanze batwizeye ko duserukira inyungu zabo, tugeze habi dutegerezwa kuja hamwe.''
Umukuru w'iryo shirahamwe Samuel Ndayiragije nawe nyene arabihakana.
''Nta diaspora z’Abarundi zine canke zitanu zishobora kubaho,'' niko avuga.
'Namba vyarabayeho hari kera... jewe nta mugambwe ndimwo, ntaco bimaze kuguma dushihana kuko tuhahombera ama miliyaridi menshi.

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga
''Maze gukwira isi yose mpuza Abarundi baba hanze. Ntawodutamika ijambo ivyo twarabirahiye ni co gituma n'abo bakwega amaguru twabatumiye naho bataje twebwe tuzobandanya tubarondera kuko nta terambere ryoshoboka tutagiye hamwe twebwe tuba hanze'" -Samuel Ndayiragije niko yavuze.
'Biragoye ko twozana imitahe yacu ahakirangwa ibiturire n’ubusuma'
Vyari bitegekanijwe ko abitavye iryo huriro rya mbere bayaga ku ruhara rw’umurundi aba hanze mu gushora imitahe iyo yamuka. Bake biitavye baragaraje amakenga yabo ku bijanye n’intwaro ibereye mu Burundi ituma benshi babangira gutanguza imigambi yabo mu gihugu c'amavukiro. Berekanye ko ivyo gukorwa bikiri vyinshi.
Siridiyo w'imyaka 30 ni umwe muri abo. Ntiyariye umunwa mu kugaragaza amakenga yiwe.
''Mbega mwotubwira ngo dutware imitahe iwacu mu gihe twama twumva ko umukuru w’igihugu avuga ko abasuma biba leta buzuye.'' ni ko yavuze.
Yatanze akarorero k'urugomero rwa Mpanda aho umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze ko miriyaridi zirenga 50 zari zigenewe kurwubaka atawuzi iyo zakamanganiye.
Siridiyo ati umukuru w'igihugu yasemereye ariko ntacavuyemwo, [rero] ''biragoye ko twozana imitahe yacu ahakirangwa ibiturire n’ubusuma. Turatinya guhomba.''
Ivyo kandi birashimangirwa na Gabriel Rufyiri asanzwe arongoye ishirahamwe ryo kurwanya ibiturire, inyuruzwa n'isesagurwa ry'itunga ry'igihugu mu Burundi (OLUCOME) akaba n'umukuru w'urwego rw’inararibonye mw’ishirahamwe ry’Abarundi baba mu makungu.
Ati: ''Ibi si ukubesha hariho abasuma mu gihugu, hariho abitiranya amabanga y’igihugu n’umugambwe, hariho abapfukamye mu nda igihugu bitwaje ibi na biriya.
Rufyiri avuga ko ivyo adasiba ''kubibwira abategetsi bacu''.
''Rero nimba bashaka ko Umurundi canke umunyamamahanga azana imitahe yiwe mu gihugu ni bavavanure n’abo basuma... buca dusubira mu gihugu tuzobibwira abategetsi kuko nta terambere ribaho mu gihe hari abibaza ko barusha inguvu leta, ivyo bituma duhomba.''

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga
'Ntibarira busema'- Ambassadeur Ntahiraja
Samuel Ndayiragije arongoye ishirahamwe ry’Abarundi baba hanze wewe avuga ko naho hari ibitagenda neza mu Burundi, hari intambwe imaze guterwa imbere kandi ko uko ibintu bimeze atawobigira urwitwazo.
Uwo aba muri Reta Zunze Ubunwe za Amerika avuga ko afise imigambi myinshi akorera mu Burundi.
''Ntawurandya urwara", niko avuga agahamagarira abandi barundi guhera ubwoba bazane imitahe. Ababwira ko ''uwuzobiba tuzomurwanirize hamwe kuko abategetsi turaganira tukababwira agahaze''.
Avuga ko hari n'abo amaze gufasha ivyabo vyibwe.
Kuri ayo makenga y’intwaro ibereye Térence Ntahiraja aserukira Uburundi mu Bubiligi yari yatumiwe muri uwo munsi nawe nyene ntabihakana
''Ntibarira busema abo Barundi kuko n’umukuru w’igihugu yama yabivuze ko hariho abasuma,'' niko Ambassadeur Ntahiraja avuga.
''Rero leta irabizi kandi umukuru w’igihugu yarasavye Abarundi bose kumufasha kurwanya ako karwi k’abasuma kazingamitse leta n’abenegihugu kandi urugamba rugeze kure.''
Uwo aserukira Uburundi mu Bubiligi aremera ko hari ibitarashikwako mu kurwanya ba kaboko ariko avuga ko hariho n’ibindi vyinshi vyakozwe. Yemereye abari bitavye uwo munsi yumvise ''ikibabakiye nzobishikiriza abantwara kuko nabo barabizi.''
Umunsi wahariwe Abarundi baba hanze "Burundi Day" ugiye kubandaniriza guhimbazwa mu yindi mihingo y'isi irangwamwo Abarundi imbere y'ugusozerwa nyezina mu gihugu c'Uburundi mu mpera z'uno mwaka.
Imitahe y’Abarundi bari mu makungu bashora mu gihugu cabo iracari mike ugereranije n’ibindi bihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Abarundi baba mu makungu bashira ayadashika imiriyoni 100 z’amafaranga y'Abanyaburaya (euros) ku mwaka mu migambi y'iterambere mu gihugu. Nko mu gihugu kibanyi ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo, abamukayo baba mu makungu bashira imiliyaridi zine z’amafaranga y'Abanyabulaya(euros) ku mwaka mu migambi y’iterambere mu gihugu c'amavukiro yabo.










